Ku rupapuro rw'ibirimwo

ingingo ngenderwako mu gushira amajambo mku rutonde mu ki esperanto ni ugutahura. dushira amajambo mu bibanza vyayo bivanye nuko iciyumviro c'iryungane cumvikana. ubusozo butandukanye bw'amajambo, nka -N, bituma haba ukwisanzura, ariko uko kwisanzura ntikwibonekeza.

intumbuzi nyinshi imbere y'ico zitumbura, nk'akarorero : ankaŭ, , tre, nur. vyongeye, ne ija imbere y'ico ihakana.

indongorazina yama ija imbere y'ico yerekana igikorwa.

sahwanya ija hagati y'amajambo abiri ihwanya

Ajn itegerezwa kuja hagati y'ivyo itandukanya

urutonde rw'amajambo mu ryungane

urutonde nyamukuru rw'ibigize iryungane rumeze uku gukurikira:

rukoziirivugakaranguran'ibindi

  • Ili — sidas — sur la sofo.
    rukozi-irivuga-karangura yerekana ikibanza
  • La hundo — ĉasas — katon.
    rukozi-irivuga-karangura yerekana ikintu
  • Karlo — manĝas — rizon — per manĝbastonetoj.
    rukozi-irivuga-karangura yerekana ikintu-karangura yerekana igikoresho
  • La virino — estas — arkitekto.
    rukozi-irivuga-karangura y'irivuga
  • Ĉiuj — opinias — lin — stranga.
    rukozi-irivuga-karangura yerekana ikintu- karangura y'izina

mu gukoresha urundi rutonde rw'amajambo insiguro nyezina ntihinduka, ariko bihambirira ku gace nyamukuru k'iryungane. Mu bijanye karangura y'irivuga,ntidushobora kuyishira aho twishakiye, kuko kenshi ntiyerekana igikorwa.hariho igihushane hagati ya leono estas besto (intare ni igikoko : nivyo) et besto estas leono (igikoko ni intare, sivyo, kuko hariho ibindi bikoko atari intare). mu ryngane nka lernanto fariĝis instruisto urutonde rurakenewe cane kuko instruisto fariĝis lernanto ifise iyindi nsiguro. ku yandi mungane afise karangura y'irivuga, insiguro nyamukuru y'iryungane ikuraho ukutadatahura naho urutonde rw'amajambo rutamenyerewe. ariko iryungane nka instruisto lernanto fariĝas riratahuritse bukebuke, kandi birabujijwe kurikoresha.

ikibanza c'imbere

igice c'iryungane kitigera gitangurira iryungane kirashobora gucibwako akarongo mu gihe catanguriye iryungane.

  • Terure gajaj ŝajnis al ili iliaj propraj ŝercoj. - zarabanezereye cane, inkuru zabo

    urutonde r'wmajambo rwari:

  • La sonorilon mi volas kaj devas trovi! - inkengeri, ndashaka kandi ntegerezwa kuyironka!

    mu bisanzwe

agace k'iryungane gafise ijambo nyamukuru ririmwo KI- ikunda kuja imbere y'iryungane nyamukuru canke iryungane ririherekeza. ico kibanza nticerekana amajambo arimwo KI-. imbere y'iryo jambo ririmwo KI- harashobora kuba intumbuzi yerekana akamaro mu ryungane.

  • Kion vi volas? - mushaka iki?
  • Mi volas tion, kion vi volas. - nshaka ico mushaka
  • De kio tio ĉi venas, mia filino? - bizananye hehe mukobwa wanje?
  • Mi ankaŭ ne scias, per kio oni povas klarigi tiun fakton. - na jewe sinzi uko nobisigura.(soma. n'iki)
  • Ŝi ne sciis, en kiu flanko oni devas serĉi butiketon kun manĝeblaĵoj. - ntazi uruhande arondereramwo aho badandariza intete.

nk'uko bisanzwe, ayandi majambo akoreshejwe na KI- arashobora kuja imbere, ariko ntibakunda gushira imbere y'ijambo ririmwo KI- kiretse intumbuzi.

  • Tuj kiam la suno leviĝis, la cignoj kun Elizo forflugis de la insuleto. - mu gihe izuba riserutse, imishwarara yirasa kw'izinga na Eriza
  • Sume kiom mi ŝuldas? - yose hamwe ndiha angahe?

    turashobora gushira sume inyuma y'iryungane

  • Kune kun kiu vi venis? - mwazananye na nde?

    kune ntituyandika

sahwanya kaj, na sed zirashobora ba imbere y'ijambo KI ata ngorane, kuko utwo tujambo ntitwegukiye ku ryungane rikurikira kiretse kurifatanya gusa n'irikurikira.

kenshi turashobora gutanguza mu ryungane ryikwije, igice c'iryungane ryongeweko. ibi kikerekana neza koo urutonde rusabwa rutakurikijwe.

  • Tiun laboron mi diris, ke mi faros. = Mi diris, ke mi faros tiun laboron. - ico gikorwa, navuze ko nza kugikora. = navuze ko nzokora ico gikorwa

    igice c'iryungane tiun laboron ni karangura ya faros, kikaba cegukira iryungane ritanguzwa na ke. kugira ngo yuriceko akarongo, riri imbere y'iryungane ryikwije

  • En salono Zamenhof mi pensas, ke okazas nun la solena inaŭguro. = Mi pensas, ke okazas nun en salono Zamenhof la solena inaŭguro. - mu nyubakwa Zamenhof, nibaza ko hariko haraba iyinjira nyezina. = nibaza ko iyinjira nyezina ririko riraba.

    karangura y'igenekerezo y'ikibanza ntiyerekana igikorwa c'ukwiyumvira kuko ifatanye n'iryo ryungane ryiyongeye ko

igice c'iryungane kirimwo amajambo atangurira iryungane arashobora kutumvikana. bishobora kuboneka ko yegukiye iryungane nyamukuru, kuko ricegereye cane. mu gihe ico dushaka kuvuga gifise igikorwa ca rukozi mu ryungane, ntidushobora kucunguruza kuko rukozi yama iri kumwa n'irivuga. Biragoye rero kuvuga ngo Tiu laboro mi pensas, ke estas malfacila. On doit dire : Mi pensas, ke tiu laboro estas malfacila.

rimwe na rimwe, mu gihe insiguro itwemereye, turashobora gutomora iciyumviro m u ryungane dukoresheje karangura yaserukiwe na pri. ico ciyumviro duca duheba kugitomora mu kibanza c'insigarirazina canke ikindi, hanyuma tukagishira mu ntango y'iryungane rigaserukirwa na pri. iciyumviro catanzwe giseruka incuro zibiri zose, irya mbere nka karangura irimwo pri mu ryungane rikuru irya kabiri nk'insigarirazina ifise igikorwa gihanitse mum ryungane.

  • Pri tiu laboro mi diris, ke mi faros ĝin. = Mi diris, ke mi faros tiun laboron. - ku bijanye n'ico gikorwa, nakubwiye ko nza kugikora= navuze ko nza gukora ico gikorwa
  • Pri tiu laboro mi pensas, ke ĝi estas malfacila. - ku bijanye n'ico gikorwa, nibaza ko kigoye
  • Pri talento mi neniam aŭdis, ke vi ian havas. = Mi neniam aŭdis, ke vi havas ian talenton. - ku bijanye n'ibwo bumenyi, sinigeze numva ko mubufise = sinigeze numva ko mufise ubwo bumenyi

kenshi, mu gihe hakenewe gushirwa mu ntango y'irivuga ijambo ririmwo KI ariko mu nyuma, bivanye n'insiguro, iri rikaba riri kumwe n'iryungane ryongeweko, ikivuyemwo kiragorana gutahura, ariko izo ngorane zishika gake kabaho.

  • Vi konsilas, ke ni respondu ion al ĉi tiu popolo.Kion vi konsilas, ke ni respondu al ĉi tiu popolo? - uduhanuye ko twokwishura abo bantu? uduhanuye iki co kwishura abo bantu?

    Kion ni karangura nshororkerwa ya respondu, naho yegereye cane konsilas. iryungane ryumvikana neza kuko kion ishobora kuvana n'irivuga nshingiro y'iryungane, konsilas.

  • Petro diris, ke lia amiko nomiĝas Karlo.Kiel Petro diris, ke lia amiko nomiĝas? - Petero yavuze ko mugenzi we yitwa Karori→ Petero yavuze ko mugenzi we yitwa gute?

    turahakwa kwibaza ko kiel irikumwe na diris, ibi navyo vyoca bitanga iyindi nsiguro. ikoreshwa ryumvikana ni:

  • Vi volas, ke mi vendu ion al vi.Kion vi volas, ke mi vendu al vi? - mushaka kungurira ikintu? mushaka ko mbagurisha ko iki?

    biroroshe (ariko insiguro si imwe) : Kion mi vendu al vi ?

ayo majambo arabujijwe gukoreshwa mu gihe iryungane ryiyongeyeko ari ikibazo. kuko inyubako nk'iyo ica igorana gutahuraŜi demandis, ĉu mi ŝatas muzikon.Kion ŝi demandis, ĉu mi ŝatas? dutegerezwa kuvuga : Kion ŝi demandis?, naho bitaboneka neza, canke mukoreshe pri nk'uko biri aha hejuru.

iyo ngorane iri no mu nsigarirazina muvugwa zieimwo KI- (atari izo kubaza). ayo majambo arimwo KI- atangurira iryungane ryiyongeyeko. mu gihe iyo muvugwa irimwo KI- ijanye n'iryo ryungane ryongeweko, birashobora gutuma haba ukuvyitiranya.

  • Vi asertis, ke vi vidis homon.La homo, kiun vi asertis, ke vi vidis, estas jam delonge mortinta. - muremeza ko mwabonye umuntu. → umuntu mwemeza ko mwabonye yarapfuye kera

    amungane y'ukwirinda, kukokiun yigenza nka karangura ya asertis, kandi tuzi ko ri karangura ya vidis. (aha dushobora gukoresha impindukaLa homo, kiun vi asertis esti vidinta...)

ariko turashobora kubikora ukundi mu gushira imbere ya karangura yaserukiwe na pri.duca tureka ibirimwo KI- mu kibanza cayo nk'insigarirazina hanyuma tugaca dukoresha karangura yaserukiwe na pri nk'iryungane ry'ukubaza canke sahwanya.

  • Ŝi demandis, ĉu mi ŝatas muzikon.Pri kio ŝi demandis, ĉu mi ŝatas ĝin? - yarambajije ko nkunda umuziki → yakubajije yitwaje iki ko nkunda ivyo?
  • Vi asertis, ke vi vidis homon.La homo, pri kiu vi asertis, ke vi vidis lin, estas jam delonge mortinta. - muremeza ko mwabonye umuntu. → umuntu mwemeza ko mwabonye yarapfuye kera

mu gihe iryungane ritanguzwa na KI- ari rukozi, ntidushobora kurynguruza kure y'iryungane ryongewe ko. rukozi rw'irivuga rutegerezwa kuba mu ryungane. Karlo diris, ke lia frato edziĝis.Kiu Karlo diris, ke edziĝis? Diris iboneka nkuko ifise rukozi zibiri, mu gihe edziĝis yoyo iboneka nk'uko ataco ifise. duca dutegerezwa rero gukoresha karangura irimwo pri : Pri kiu Karlo diris, ke li edziĝis?

Subira ku ntango