Ku rupapuro rw'ibirimwo

uduce twinshi two mu ki esperanto tutita inyongera dukoreshwa mu kubaka amajambo mu buryo buhanitse bivanye n'amategeko ngenderwako.ni uburyo bwo gushirahamwe bivanye n'amategeko ngenderwako yo gufatanya hamwe n'aya majambo-mungane ariko hari ibintu ngenderwako. dushobora kuvuga koutwo tujambo ari inyongera. ayandi majambo aboneka kenshimu migwi y'amajambo nk'ayashobora kuba inyongera, naho akurikiza amategeko ngenderwako y'amajambo. dushobora kuvuga ko utwo tujambo ari inyongera.

amatsitso akoreshwa nk'inyongera hamwe n'amajambo afise amatsitso menshi.

ngubu uburorero bw'amatsitso akunda gukoreshwa nk'inyongera.

FIN

FIN ikunda gukoreshwa nk'inyongera yerekana ivyaranguwe mu kibanza ca inyongerael : finkanti, finfari, finmanĝi.

HAV, PLEN, RIĈ

Inyongera HAV, PLEN na RIĈ zikoreshwa nk'inyongera mu gutanga iciyumviro c'ingereka: (1)

KELK

KELK nk'ingereka yerekana ubwinshi bw'ibintu ku gitigiri kitavuzwe kandi kiri hrjuru: kelkdek = muri cumi na,kelkcent =mw'ijana na, kElkmil=mu gihumbi na. muragabe mu bwatuzo kElkcent, kElkmil. KELK si ijambo rimwe ariko ni inyongera. nico gituma tudashobora gucagagura iryo jambo kirazira kwandika kelk dek, kelk mil, mais kelkdek, kelkmil. birashoboka kuvuga no kwandika mu kibanza ca: kelkaj dekoj, kelkaj miloj n'ibindi.

KELK mu gihe ari inyongera yerekana igitigiri congeweko kirenga kimwe: dekkelke = « icumi n'ibindi » tridekkelk-jara = « âafise imyaka miringo itatu n'iyindi »

KELK ikunda gukoreshwa ifise insiguro ya « à peu près » : kelkmil = « à peu près mille ». Ntibihwanye n'ikoreshwa rya Zamenhof ryatanzwe aha hejuru kandi rirabujijwe.

KELK irakoreshwa kandi nk'inyongera iherezwa na I nk'inyongera mu kwerekana isano ridasiguwe neza : kelkiuj = « quelques uns », kelkiom = « quelque quantité ». imvugo ikunda gukoreshwa kelkiu (sans J) irivuguruza yo nyene ubwayo. Iu yerekana umuntu mu gihe KELK yerekana abantu benshi.

Amajambo arimwo -ON-

amajambo y'urunani arimwo ON akunda gukoreshwa nk'inyongera : duonhoro = « demi-heure », kvaronlitro = « quart de litre », milonmilimetro = « millième de millimètre », trionparto = « une part d’un tiers ». turashobora kubaka amajambo y'urunani mu kibaza ciza, nk'akarorero: horkvarono (= « un quart d’heure ») : Pasis certe horkvarono, antaŭ ol la floreto povis denove rekonsciiĝi., inyubako nka horkvarono ntizikunda gukoreshwa.

DUON mu gihe ari inyongera ifise insiguro idasanzwe ya « à peu près à moitié, pas tout à fait, presque » : duonnuda = « à moitié nu, presque nu », duonkuirita = « à moitié cuit ».

mu majambo y'abavyeyi, DUON ifise insiguro zibiri. yerekana ubucuti bw'umwe mu bavyeyi babiri canke ubucuti bw'ubugeni:duonfrato = 1. mwenewabo ku muvyeyi umwe, 2.umuhungu wa inabukwe (sobukwe); duonfilo = umuhungu w'umugabo wawe ; duonpatro = umugabo mushasha wa mawe, databukwe; duonpatrino = muka data, inabukwe.

VIC

VIC ikoreshwa nk'ijambo mu kwerekana ikintu canke umuntu asubirira canke gisubirira ikindi: vicprezidanto = "vice-président", vicdirektoro = "vice-directeur", vicrado = "roue de secours".

dushobora kqandi gukoresha itsitso VIC- nk'inyongera mu gihe hari ubucuti bwavuye ku gusubira kurongora canke kurongorwa. ku majambo arimwo DUON- ashobora gufita insiguro zibiri mu vyerekeye ubucuti, duca dukoresha VIC- mubucuti bwavuye ku gusubira kurongora canke kurongorwa hamwe na DUON ku ncuti nyakuri.

VIR

VIR- ikoreshwa nk'inyongera mu kwerekana igitsina-gabo tugereranije na IN.VIR- ikoreshwa gusa ku kintu gifise igitsina, hamwe no mu majambo atari mu gitsina gabo kuri yo nyene.

VIR- ikoreshwa nk'inyongera mu mazina y'ibikoko : virĉevalo, virkato, virbovo, virhundido, virbesto.

dushobora kandi gukoresha VIR nk'inyongera ifise amajambo yega abantu : virhomo, virprezidanto, virsekretario. Ariko mu bisanzwe , kukri ayo majambo, dukunda gukoresha VIR nk'ingereka : vira homo, vira prezidanto, vira sekretario.

Kenshi VIR- barayifuta nubwo aba ari umugabo

menya neza, ijambo viro ryama risobanura «humain mâle adulte» ariko inyitangizo VIR- yo yerekana igitsina-gabo gusa (ntiyerekana ko ari umuntu, canke ko akuze). Ingereka vira ikunda kenshi kwerekana igitsina gabo, ikerekana kandi ko ari umuntu akuze bivanye n'imvugo.

indongorazina z'akame

amajambo afise indongorazina z'inyongera kenshi na kenshi ni amajambo-ndongorazina. iyo ndongorazina mu gihe ifise iyo nyongera ifise igikorwa kimwe nk'uko yoba ari ijambo rimwe rikwiye.

  • sen finosenfina = nk'uko ata herezo.
  • pri amopriama = bijanye n'urukundo
  • inter nacioj (mu bihugu) → internacia (mu bihugu vyose)
  • ĝis la finoĝisfine = gishika ku kanyuma
  • tra noktotranokti = kurara izamu, kurara kw'irondo
  • per laboroperlabori = kuronka akazi
  • en teronenterigi = guhamba
  • en amonenamiĝi (al iu) = gukunda (umuntu). urukundo rwerekezwa ku wo ukunda. kubw'izo mvo, birakwiye kuvuga mi enamiĝis al vi, ahuko wovuga mi enamiĝis en vi(n). ikoreshwa rya en nk'inyongera ntiyerekeza kuwo ukunda.ushobora kuvuga kandi enamiĝi je iu.
  • ekster la landoeksterlando = isiyoye havuyemwo igihugu ciwe
  • ekster la landoeksterlandano = vy'ikindi gihugu

indongorazina nyunzi ni inyitangizo mw'ijambo ry'urunani. mw'ijambo nk'iryo, indongorazina yerekana ibindi aho yokwerekanye akamaro kayo ka mbere.

  • pagiantaŭpagi = Gutumbera umuntu kw'ijambo
  • pagiantaŭpagi = Kuriha imbere y'igenekerezo isanzwe canke itegekanijwe.
  • radikiĝienradikiĝi = kuzanira imizi ku kindi kintu, kumera
  • rompiinterrompi =kubuza
  • rimedokontraŭrimedo = uburyo bwo gukora ikintu
  • sidikunsidi =kwicara hamwe, kuba hamwe
  • aĉetisubaĉeti = gutanga inzoga y'igiturire (imvugo yinyegeje)
  • juposubjupo =ijipo ryambawe munsi y'irindi, ijipo ryo munsi
  • signosupersigno = akamenyetso kari hejuru y'urudome

mu gihe dufise ubwoko nk'ubwo bw'amajambo mu ryungane, indongorazina yakoreshejwe nk'ingereka isubirwamwo imbere y'ijambo iroongoye: Li eliris el la dormoĉambro kaj eniris en la manĝoĉambron. ariko, kenshi na kenshi, ivugwa inyuma yuko havuzwe ijambo irongoye ariko baca bakoresha iyindi ndongorazina mu kibanza cayo. : Ĝi parolas nur pri tiaj instruoj, kiuj ne kontraŭparolas al la scienco. Al mu kibanza ca kontraŭ. ico indongorazina yakoreshejwe nk'inyongera irongoye kenshi kirashobora kuboneka nka karangura y'irivuga: La belan Saran li jam kelkfoje ĉirkaŭiris. = Ĉirkaŭ la bela Sara li jam kelkfoje (ĉirkaŭ)iris. Ariko, kenshi, iyo karangura ntiyigera isa kandi ntijanye n'iyo ndongorazina yakoreshejwe n k'inyongera.

El

El ishobora kuba indongorazina ikoreshwa nk'ingereka mu majambo y'urunani hamwe n'amungane. ak: eliri (ijambo ry'urunani) = "iri el io", elbati (ijambo ry'urunani) = "bati ion el io", el (la) litoellitiĝi (ijambo-ryungane) = "leviĝi el (la) lito".

ariko el ikoreshwa kandi nk'ingereka mu majambo amwe amwe y'urunani afise insiguro yisangije ya "gushika bihere, gushika ku kanyuma, gushika vyose biyonge":

  • trinkieltrinki = kunywa ukakimara
  • lerniellerni = gutahura neza
  • uzieluzi = gukoresha gushika ku kanyuma, gukoresha gushika gihere

amwe mu majambo arimwo el afise insiguro yisangije (idatomora)

  • tenielteni = kwihanganira, gushobora,
  • pensielpensi = kwiyumvira, kwibaza

mu gihe hari ugushaka kwitiranya insiguro ya mbere ya el n'insiguro ya kabiri yo "jusqu’au bout" dutegrezwa gukoresha inyongera kugira ngo dutange insiguro ya "jusqu’au bout". Kuri ivyo dukoresha nk'akarorero tra, for, SAT, na FIN. Dutegerezwa kandi kugaba kuburyo bw'uko ijambo dukoresheje riba rikwiye gukoreshwa iryungane ntirite insiguro, nk'akarorero: trabori, trakuri, forkaŝi, satmanĝi, finkanti, finfari, finmanĝi n'ibindi. Dushobora kandi kwerekana iyo nsiguro dukoresheje amajambo menshi, ivyo navyo akaba arivyo vyiza: legi ĝisfine, kuri tra la tuta urbo, manĝi ĝis sateco, kanti ĝis la fino, kanti la tutan kanton n'ibindi.

Pri

mu mungange akoreshwa nk'inyongera (ziherezwa na -A canke-E) pri ikoreshwa ibisanzwe, nk'akarorero pri amopriama = " tel qu'il s'agit d'amour ", pri nutroprinutra = "tel qu'il s'agit de nutrition".

imirwi y'amazina y'urunani yakoreshejwe nk'ingereka pri atanga amavuga y'inkomoko. rimwe na rimwe atuma irivuga riba iryinkomoko canke agakuramwo irindi rivuga. Mu bisanzwe irivuga nk'iryo riri mu pri rifise karangura y'ingereka mu pri ya mbere.

  • Li pensis pri la afero.Li pripensis la aferon. - yariyumviriye ku kibazo. (1) yaribajije ku kibazo.

    Pensi ni irivuga rifise karangura arico ciyimviro nyene. Pripensi ni irivuga rifise karangura ariyo rukozi bibazako.

Kenshi na kenshi, irivuga nk'iryo riri mu priifise karangura idakomoka muri pri. Muri ayo mavuga pri yaratakaje insiguro yayo nyayo kandi ikoreshwa mu guhindura ibikorwa vy'amajambo mu mungane. Pri ikoreshwa uko mu mavuga ya kera.

  • rabiprirabi
    • Ili rabis monon de la homoj. - Barivye amahera y'abantu
    • Ili prirabis la homojn (je/por mono). - Ntibahemvye abakozi
  • semiprisemi
    • Mi semis tritikon sur la kampon. - narabivye ingano mu murima
    • Mi prisemis la kampon (per tritiko). - Narabivye mu murima (ingano)
  • serĉipriserĉi
    • Ili serĉis armilojn ĉe li. - Bararondeye ibirwanisho kuri we.
    • Ili priserĉis lin (por armiloj). - Baramusatse (ibirwanisho).
  • lumiprilumi = "Guta ubuntu"
    • La luno lumis en la ĉambron. - Ukwezi kwarasira mu cumba.
    • La luno prilumis la ĉambron. - Ukwezi kwakira mu cumba.

    Igitanga umuco conyene, nico kibonesha.
    Lumigi = "gutuma ikintu kibonesha, gitanga umuco"

Mu buryo bumwe bumwe pri nk'indobeko ifasha gutanga iyindi nsiguro gusa ku rivuga rifitaniye isano mu nsiguro n'insiguro ya mbere.

  • juĝiprijuĝi = gutanga iciyumviro ciza canke kibi ku kintu kanaka.
  • ĵuripriĵuri = kwiyemeza

Muri iryo koreshwa pri isa n'ingobotozo UM.

Uutndi tujambo ndobeko

Hejuru y'indongorazina, utujambo twinshi kandi turashobora gukoreshwa ugutandukanye nk'indobeko. Ngubu uburorero bumwe bumwe bw'ikoreshwa nk'iryo :

Ĉi

Akajambo ĉi gakunda gukoreshwa nk'indobeko mu majambo arimwo A canke E. Mu bisanzwe, mu kuvyerekana neza, bashiramwo akarongo gahuza inyuma ya ĉi :

  • en tiu ĉi jaroĉi-jare - muri uyo mwaka → uyo mwaka
  • post tio ĉiĉi-poste - inyuma y'ibi → ibi bikurikira

Menya neza ko ĉi irigenga mw'ijambo tiu ĉi, ĉi tiu, tie ĉi, ĉi tie n'ayandi. ntimushireko ako karongo gahuza.

Fi

Gakumbanya fi ikunda gukoreshwa nk'indobeko ariko ifise insiguro ya "kitagira akamaro", "ikintu co kwirinda", "kibi". Indongorazina fi yerekana ugufatwa nabi canke ugukumirwa mu kibano bivanye n'igikurikira.

  • 1}homo → fihomo = umuntu ata kamaro afise, ateye ishishe, atayaga.
  • ŝercofiŝerco = ugufyina kurenze.
  • insektofiinsekto = agakoko ata kamaro gifise,
  • famafifama =ahayagizwa kubw'ibintu bibi kandi biteye isoni akora.

Indobeko fi n'ingobotozo zirasa. Fi niyo ikunda gukoreshwa, yerekana ukwankwa n'ugusharika. AĈ nayo ni iy'iciyumviro, yerekana impano mbi umuntu afise be n'ukudashobora ibintu.

For

Akajambo kerekana ikibanza n'ukwiyunguruza for gakunda gukoreshwa nk'indobeko mu majambo y'igikorwa : foriri, foriro, forkuri, forkurado, forfali, forĵeti, forŝiri, forpermesi, fortimigi, forargumenti, forbuĉi, fordormi, foresti, foresto. Ayo majambo yose ni amazina y'urunani asanzwe. Dushobora kandi gukoresha de mu majambo: forŝirideŝiri, forprenidepreni, fortranĉidetranĉi. Ariko for niyo itanga insiguro itomoye.

Mem

Mem iri mu ndobeko ifise insiguro zibiri: 1. "ata bufasha buvuye hanze": memvole, memlerninto, memdisciplino, memstara, memkompreneble. 2. "kuri we nyene, ubwiwe, kubwiwe" memestimo, memamo, memdefendo, memmortigo, memportreto, memofero. Mu gihe insiguro ari "kuri we" dushobora gukoresha sin nk'indobeko.

Ne

Ne imeze nk'indobeko yerekana ukutahaba, ibura ry'ikintu (ubwiza nk'akarorero): neĝentila, nelonge, nefermita, nematura, nelerta, nekomprenebla, nelegeble, nekredebla, nejudo = "umuntu atari umuyuda", ne-Kopenhagano = "umuntu ataba muri Copenhague"

Sin

Insigarirazina si ifise agasozo -N ikunda gukoreshwa nk'indobeko ahuko bokoresheje mem ifise insiguro ya «we nyene» : sinfido, sindefendo, singarda, sindona.

Sin iri yonyene ikoreshwa mu muvugwa wa gatatu gusa. Ariko iri kumwe n'indobeko, sin irashobora gukoreshwa no mu muvugwa wa mbere n'uwa kabiri : Kontraŭ s-ro K. mi estos singarda. = Mi gardos min kontraŭ s-ro K.

Amajambo arimwo sin- ni imvugo ziva mu zirimwo amavuga adahadikirije : sin defendi → [sin defendi]-(igikorwa)-O → sindefendo = "igikorwa co kwirarira"

Ayo majambo arimwo sin arashobora kuronka ubusozo bwose havuyemwo ubw'irivuga: sinfido, sinfida, sinfide. Mu gihe dushaka kubukoresha mu mavuga dutegerezwa kugauka ku mvugo ya mbere, aho sin ari ijambo riri ukwaryo. Mu gihe sin itajanye n'umuvugwa wa gatatu, duca rero tuyihindura muri min, nin canke vin bivanye n'insuguro:

  • ŝia sindefendoŜi defendas sin. - ukwirarira kwiwe → Arirarira.
  • ilia sindefendoIli defendas sin. - ukwirarira kwabo → Barirarira.
  • mia sindefendoMi defendas min. - ukwirarira kwanje → Ndirarira.
  • nia sindefendoNi defendas nin. - ukwirarira kwacu → Turirarira.
  • via sindefendoVi defendas vin. - ukwirarira kwanyu → Murirarira.

Hamwe n'amajambo nk'ayo, tugumana agasozo -N ka sin. Ariko mu bisazwe ubusozo -N (nk'ubusozo -J) ntibukoreshwa mu majambo y'urunani.

Subira ku ntango