Ku rupapuro rw'ibirimwo

umugwi

Studios Gaus GmbH ni ishirahamwe ryitaho imigambi yerekeye ubuhingangurukanabumenyi ku rwego mpuzamakungu. ikora ibikora inka: uhereye ku bikorwa vy'intango n'ukumenyekanishe kugeza ku kwegeranya n'ibikorwa vya nyuma vy'imigambi ikomakomeye. Hamwe n'ibindi rifise n'inzobere mu gukora imbuga z'indimi nyinshi zifise abanywanyi benshi, uburambe mu gukorana n'iyindi migwi n'amashirahamwe ku rwego mpuzamakungu. Zinenga canecane imigambi ifise intumbero nyamukuru yo kwigisha hakoreshejwe ubuhinga bugezweho.

Urubuga ngurukana bumenyi rukora kbw'im^fashanyo n'ikoreraùhamwe ry'amashirahamwe menshi n'abantu vyo kw'isi yose

Abo dukorana

Esperantic Studies Foundation

Reta zunze ubumwe | www.esperantic.org

Umushinge w'Ivyigwa vya Esperanto (ESF mu Congereza) wabayeho mu mwaka w'1968 nk'igikoresho co kwamamaza ubuhinga buhanitse bwo kurondera n'ikiganiro ku bibazo bijanye n'indimi mw'isi yose na politike y'ururimi, ari rwo Esperanto. Intumbero zayo za mbere n'ugushira imbere ugutahura n'ugushira mu ngiro ubutungane bw'indimi mw'isi y'imico n'imigenzo myinshi no guteza imbere no gushigikira ibikorwa vyo ku rwego rwo hejuru mu burondezi, indero n'uguhanahana amakuru biciye mu ndimi. Kuva umugambi (lernu) ubayeho, ESF iryo hangiro ryayo rya mbere ryo gushigikira mu gutanga amahera.

Edukácia@Internet

Sirovakiya | www.ikso.net

Inyigisho zo ku rubuga ngurukanabumenyi ni ishirahamwe mpuzamakungu ry'urwaruka rifasha (rishigikira) ikorana n'ihanahana ry'amakuru mpuzamakungu mw'isi yose mu gutegura imigambi y'inyigisho, rirashigikira inyigisho zifatiye ku mico n'ikoreshwa ry'indimi n'ubuhinga ngurukanabumenyi. Iciyumviro ca mbere (lernu) cavuye mur'imxwe mu masemineri menshi ya Esperanto no mw'ishirahamwe rikorera mu gufasha gusanzaza uwo mugambi

Imigambi dukorana

Urashaka ko dukorana?

Tuguma turondera abo twokorana, bipfuza kudufasha kugira neza urubuga rwacu, gusigura mu ndimi nyinshi zishoboka, kugwiza amajambo n'ibindi. Nimba uvyipfuza, woca uvugana n'umugwi ubijejwe.

Kuvugana n'umugwi

Subira ku ntango