Ku rupapuro rw'ibirimwo

Insigarirazina ni akajambo gashobora gusubirira umurwi w'amazina.

Insigarirazina muvugwa

mi
Uwuvugwa («jewe»)
ni
Uwuvuga ni umwe canke benshi («Twebwe»)
vi
we canke bo abavuga («mwebwe»)
li
Uwo muntu bavuga, ari umukobwa canke uwundi w'igitsina batavuze («il», «il canke elle»)
ŝi
Uwo muntu bavuga, mu gihe ari igitsina gore («elle»)
ĝi
Ikintu, igikoko canke umwana mutoya bavuga («il», «elle»)
ili
Abantu, ibintu canke ibikoko bavuga («ils»,elles»)
oni
Umuntu umwe canke abantu benshi batadondoye abo ari bo
si
bigaruka ku muntu ariko arakora ico gikorwa, kiretse mu gihe uyo muntu asubiriwe na mi, ni canke vi («se»)

Insigarirazina muvugwa zirashobora kuba zifise -N y'incuro ku mpera

  • Mi amas vin. - Ndagukunda. / Ndabakunda.
  • Ilin konas Karlo. - Karori arabazi.
  • Ĉu vi ĝin vidas? - Uramubona?
  • Elizabeto lavas sin en la lago. - Rizabeti aramesa mu kiyaga.

Insigarirazina n'ingereka satunga

Mu gihe hashizweko -A ku mpera ku nsigarirazina muvugwa, hava hubatswe insigarirazina satunga canke ingereka satunga bihwanye.

mia
yanje
nia
yacu
via
yawe
lia
yiwe
ŝia
yiwe
ĝia
yiwe
ilia
yabo
onia
yiwe
sia
yiwe mu gihe nyene ikintu ariwe rukozi

Ingereka satunga zirashobora kuba ziherezwa na -J na -N nk'izindi nsigarirazina.

Iyo insigarirazina satunga iri imbere y'izina, ica iba indongorazina. Bene inkuru bamenyesha bene vyo kandi iyo ni inkuru ihagije kugirango basigure bene vyo. Mu gihe basubirije insigarirazina satunga n'ikindi kintu gitangurwa na de, hategerezwa kwongerwako la : ilia ĉambro = la ĉambro de ili, mia edzo = la edzo de mi.

Mu gihe insigarirazina satunga iboneka yonyene idakurikiwe n'izina, ntidondora kandi ntiyisunga ikintu kitadondowe. Mu kwerekana idondorwa, mu bisazwe bongerako la

  • Tiu ĉi libro estas mia. - Ico gitabo ni iciwanje.

  • Tiu ĉi libro estas la mia. - Ico gitabo ciwanje.

  • Mia aŭto estas difektita. Ni provu la vian. La vian = vian aŭton. - Ivatiri yanje ntikomeye. Gerageza iyiwawe. (La vian = ivatiri yawe)

Ariko rimwe na rimwe umuntu arashobora kwirengagiza iyo imbere y'insigarirazina muvugwa ikoreshwa yo nyene mu gihe iciyumviro cumvikana.

  • Li pli ŝatas mian domon ol (la) sian. = ...ol sian domon. - Ahitamwo inzu yanje ku yiwiwe

Izindi nsigarirazina

Hariho ibindi bice ari insigarirazina (ariko atari muvugwa), nk'akarorero O, U na ES n'igice ambaŭ.

Umuvugwa wa mbere

Mi

Mi ni rudende kandi ntiyerekana igitsina. Mi kandi mia zikoreshwa n'uwuvuga agomba kwivuga. Mu ndimburo ikoreshwa akenshi nk' «umuvugwa wa mbere» :

  • Mi venas de la avo, kaj mi iras nun al la onklo. - Mvuye kwa ba sokuru, ubu naho ngiye kwa marume.
  • Mi foriras, sed atendu min, ĉar mi baldaŭ revenos. - Ndagiye, ariko ndindira kuko ndagarutse mu mwanya.
  • Por miaj kvar infanoj mi aĉetis dek du pomojn. - Ku bana banje bane, naguze ivyamwa cumi na bibiri.
  • Kiam mi finos mian laboron, mi serĉos mian horloĝon. - Ni naheza igikorwa canje, nzorondera isaha janje.
  • Mi prenos miajn glitilojn kaj iros gliti. - Nzofata ibirato vyanje vyamapine hanyuma ngende kubigirako.

Ni

Ni ni bwinshi kandi ntiyerekana igitsina. Ni nania zikoreshwa n'uwuvuga agomba kwivuga n'umwe canke abandi bantu. Ni ishoboye kwerekana jewe n'uwundi muntu, jewe n'abandi bantu , jewe n'abandi, canke jewe na wewe. Insigarirazina ni harimwo n'uwubwirwa, akenshi si cane. Abarimwo bavugwa n'iciyumviro.

  • Ni vidas per la okuloj kaj aŭdas per la oreloj. - Tubona n'amaso kandi twumva n'amatwi.

  • Ni disiĝis kaj iris en diversajn flankojn: mi iris dekstren, kaj li iris maldekstren. - Twaratandukanye hanyuma tuca tuja mu mpande zitandukanye, nagiye iburyo na bo baja ibubafu.

    Ni = «jewe na we».

  • Kiam vi ekparolis, ni atendis aŭdi ion novan, sed baldaŭ ni vidis, ke ni trompiĝis. - Mu gihe mwatangura kuvuga, twarumvise kuvuga ikintu gishasha, ariko vuba twarabonye ko twihenze.

    Ni = «jewe n'abandi, ariko atari uwumviriza».

  • La nokto estis tiel malluma, ke ni nenion povis vidi eĉ antaŭ nia nazo. - Mw'ijoro hari umwiza kuburyo ata kintu na kimwe twashobora kubona, nikiri imbere y'izuru.
  • La junulo aliĝis al nia militistaro kaj kuraĝe batalis kune kun ni kontraŭ niaj malamikoj. - Umuyabaga yiyemeje mu gisirikare cacu kandi yarakiriwe cane n'abansi bacu turi kumwe.
  • Kiam vi vidis nin en la salono, li jam antaŭe diris al mi la veron. - Mu gihe mwatubona mw'ibaraza, yari yamaze kutubarira ukuri.

    Ni = «jewe na we».

Umuvugwa wa kabiri

Vi

Vi na via zikoreshwa n'uwuvuga agomba kubwira uwumviriza canke abumviriza. Vi na via zirashobora kuba zifise iyindi mivugire, ziri mu murwi umwe z'umwumviriji. Mu ndimburo bayita "umuvugire wa kabiri". Bawukoresha vi kuri umwe canke abantu benshi. Vi iri umwanya umwe mu rudende. Vi ntiyerekana neza igitsina kandi iguma ku murongo, ku c'iyumviro, n'ibindi

  • Sinjoro, vi estas neĝentila. - Mushingantahe, ntimwisonera.
  • Sinjoroj, vi estas neĝentilaj. - Bashingantahe, ntimwisonera.
  • Vi estas infanoj. - Muri abana.
  • Ĉu vi amas vian patron? - Urakunda papa wawe ?
  • Via parolo estas tute nekomprenebla kaj viaj leteroj estas ĉiam skribitaj tute nelegeble. - Ijambo ryanyu, ryosentiryumvikana kandi amakete yanyu imisi yose ateguwe ku buryo budasomeka.
  • Sidigu vin, sinjoro! - Ni mwicare, mushingantahe!

Mu gihevi ari rukozi rw'irivuga ry'ugushaka -U, ntibakunda kuyandika :

Mu ndimi nyinshi, bakunda gukoresha vi nk'insigarirazina ku bantu. Mu ki espéranto bayikoresha ku nsigarirazina oni.

Ci

Ci ni insigarirazina muvugwa rudende ku muvugwa wa kabiri iterekana igitsina. Ci na cia zibaho mu mvugo ariko mu ngiro ntizigera zikoreshwa. Vyoba bishoboka ko twibaza ci ko ari rudende ya vi canke nka vi rudende nyezina kandi iri mu murwi umwe (nko mu gifaransa insigarirazina «wewe») canke kandi nka vi rudende y'ugufatana nabi n'iyigitutsi. Ariko ntibishoboka mu ngiro kuvuga ubudasa yerekana kuko idakunda gukoreshwa. Benshi bibaza ko kera bakoresha ci mu ki espéranto ariko ryaranyitse ntirigikoreshwa, ariko mu bisanzwe ntiryigeze rikoreshwa na rimwe.Mu ki esperanto kinovoye, bakunda gukoresha vi nk'insigarirazina muvugwa ya kabiri gusa.

Umuvugwa wa gatatu

Ikintu cose atari mi, cankeni, canke vi (canke ci) citwa «umuvugwa wa gatatu». Insigarirazina li, ŝi, ĝi na ili, nalia, ŝia, ĝia, ilia, zikoreshwa mu kuvuga ikintu kizwi, atari uwuvuga canke uwumviriza. Oni na onia zikoreshwa mu kuvuga abantu batavuze igitigiri canke abantu benshi. Si na sia zisubirira izindi nsigarirazina z'umuvugwa wa gatatu mu buryo bwinshi.

Li na ŝi

Li na ŝi ni insigarirazina zo mu rudende. Li na lia zikoreshwa mu kuvuga umuntu w'igitsinagabo. Ŝi na ŝia zikoreshwa mu kuvuga umuntu w'igitsinagore.

  • Li estas knabo, kaj ŝi estas knabino. - Ni umuhungu, nawe ni umukobwa.
  • Li estas mia onklo. - Ni Marume.
  • Ŝi estas mia onklino. - Ni Senge.
  • En la salono estis neniu krom li kaj lia fianĉino. - Mw'ibaraza, nta wundi muntu yariyo kiretse we n'umukunzi wiwe.
  • Mi renkontis vian patrinon kaj ŝian kolegon. - Nahuye n'umwigisha wawe hamwe n'umugenzi wiwe.

Mu gihe tuvuga umuntu atazi igitsina, canke tuvuga abantu mu ncamake tudatanze igitsina, dukoresha li. Li ifise insiguro zibiri;: umuntu w'igitsinagabo cankeumuntu mu majambo make :

  • Ĉiu, kiu ŝin vidis, povis pensi, ke li vidas la patrinon. - Umuntu wese yamubona yibaza ko abonye mam wiwe.

    Li yiheka ngaha kuri ĉiu kuri rero ĉiu persono.

  • Se vi iros al kuracisto, li povos helpi vin. - Niwagenda kwa muganga yogufasha.

    Ni ku muganga uwo ari we wese, yaba umukobwa canke umuhungu.

Iryo koreshwa rya li rikunda gufatwa nk'iricinyiza igitsina, ariko ni ikibazo c'ingimburo gusa. Bakoresha li atari uko banka abagore, ariko kubera ko li isigura ibintu bibiri: igitsinagabo hamwe na ntahompagaze. Iibi birakunda gutuma haba ukudatahura neza, ntivyotuma rero tureka kuvuga neza nk'akarorero ŝi aŭ li, tiu, tiu persono ou autre.

Menya neza : benshi ntibatinya gutanga insigarirazina nshasha zisubiriza ikoreshwa rya ntahompagaze li Indagi nka zose +«i» zamaze gushirwa ahabona ariko ntizikoreshwa mu ngiro. Ariko kandi turashobora kuzisangaho ubu ŝli na ri, mu gihe abandi basaba gukoresha gi canke ĵi canke kandi ibindi.

Ĝi

Ĝi ni rudende. Ĝi na ĝia zikoreshwa mu kuvuga ikintu kitagira igitsina canke ikindi kintu.

  • La tranĉilo tranĉas bone, ĉar ĝi estas akra. - Imbugita ikata neza kuko ikarishe.
  • Trovinte pomon, mi ĝin manĝis. - Maze kuronka icamwa, narakiriye.
  • Mi disŝiris la leteron kaj disĵetis ĝiajn pecetojn en ĉiujn angulojn de la ĉambro. - Naratabaguye ikete nca nta udutaburwa mu mpande zose z'inzu.

Bakoresha kandi ĝi ku mwana mutoyi, umwana muto cane ku buryo igitsina ciwe ata kamaro gifise. Ariko kandi, turashobora gukoresha li, nko ku muntu tutazi igitsina ciwe.

  • La infano ploras, ĉar ĝi volas manĝi. - Umwana ararira kuko ashaka kurya.
  • Mi montris al la infano, kie kuŝas ĝia pupo. - Nareretse umwana ahari igikinisho ciwe.

Ariko mu gihe ushaka kwerekana igitsina c'umwana, canke turiko tuvuga umwana akuze, dukoresha li canke ŝi.

Ĝi ikoreshwa kandi ku bana, naho igitsina cabo coba kizwi

  • "Pip, pip!" diris subite malgranda muso, kiu elkuris, kaj post ĝi venis ankoraŭ unu. - Akabeba gatoyi kariko kariruka ntibitevye kavuga: «pip, pip !», inyuma yako, akandi nyene.
  • Mi frapos vian ĉevalon sur la kapon tiel, ke ĝi falos senviva. - Nzokubita indogobwe yawe k mutwe mpaka ipfuye.

Mu makoreshwa amwe amwe, dushobora kandi gukoresha li canke ŝi ku bikoko kugira ngo bakureho ukudatahura.

Ĝi ishobora kandi giserukira izina ry'umurwi familio, popolo, armeo canke ibindi.

  • Hodiaŭ la problemo interesas la publikon, morgaŭ ĝi povas esti indiferenta pri ĝi. - Ubu ingorane zababaje abanyagihugu, ejo bishobora guhinduka.

    Irya mbere ĝi yerekana abanyagihugu, umurwi w'abantu. Ica kabiri ĝi kijanye n'ingorane.

Ĝi yerekana ikintu, igikoko n'ikindi kintu kitavuzwe neza. Tio ikoreshwa mu bucuti, mu guserukira iryungane canke ikintu kitavuzwe neza(= tiu afero) :

  • — Ŝi forvojaĝis. — Jes, mi tion scias. = Jes, mi scias, ke ŝi forvojaĝis. - — Yarafashe urugendo. — Ego ndabizi. = Ego ndabizi ko yafashe urugendo.

Ili

Ili ni bwinshi. Ili na ilia zikoreshwa mu kuvuga abantu benshi canke ibintu vyinshi bizwi, atari uwuvuga canke uwumviriza. Ili ntiyerekana igitsina.

  • Kie estas la knaboj? Ili estas en la ĝardeno. - Ya misore iri hehe? iri mu murima.
  • Kie estas la knabinoj? Ili ankaŭ estas en la ĝardeno. - Za nkumi ziri hehe? nazo nyene ziri mu murima.
  • Kie estas la tranĉiloj? Ili kuŝas sur la tablo. - Imbugita ziri hehe? ziri ku meza.
  • Donu al la birdoj akvon, ĉar ili volas trinki. - Nimuhe amazi inyoni kuko zishaka ico zinywa.
  • Sinjoro Petro kaj lia edzino tre amas miajn infanojn; mi ankaŭ tre amas iliajn infanojn. - Umunshingantahe Petero n'umufasha wiwe barakunda abana benshi: na jewe nyene ndakunda abana babo.

Hari ndimi muri zo bakoresha insigarirazina nka ili ku bantu batavuzwe igitigiri. Mu ki espéranto dutegerezwa gukoresha oni.

Oni

Oni na onia ni insigarirazina zidahera zikoreshwa mu kuvuga umuntu uwo ari we wese, abantu bakeyi canke benshi, mu gihe bidakenewe kumenya uwo ari we, n'ibindi. Oni ni rudende, ariko dushobora kuyisanga kandi muri bwinshi. Oni ntiyerekana igitsina :

  • En malbona vetero oni povas facile malvarmumi. - Mu gihe kibi, ushobora kugira imbeho.
  • Kiam oni estas riĉa (aŭ riĉaj), oni havas multajn amikojn. - Mu gi he utunze, ufita abagenzi benshi.
  • Oni diras, ke la vero ĉiam venkas. - Bavuga ko ukuri kwama gutsinda.
  • Kun bruo oni malfermis la pordegon, kaj la kaleŝo enveturis en la korton. - N'induru baruguruye umuryango munini, hanyuma imodoka yarinjiye ku mbuga.
  • Oni tiel malhelpis al mi, ke mi malbonigis mian tutan laboron. - Barangoye cane ku buryo naciye mpagarika igikorwa canje.
  • La malpura aero malsanigas onin. - Umuyaga ukanye utuma umuntu agwara. (Menya neza : mu gifaransa ntibasigura «on» mu gihe ari ikintu, canke bakayihindura «nous».)
  • Kiam oni venas al tiu urbo, oni devas atenti pri la krimuloj. Ili kapablas ŝteli eĉ oniajn vestaĵojn. - Mu gihe uvuye muri ico gisagara, utegerezwa kugaba ku basuma, bashobora no kwiba impuzu wambaye.
  • Ne kritiku onin, ĉar oni povas ankaŭ vin kritiki. - Ntucire urubanza uwundi, kuko nawe ashobora kurugucira.

Mu ngiro, ntidukunda gukoresha onin na onia. kubera iryo koreshwa rito, hari abantu bakoresha imvugo zitazwi kandi bakibagira no kuzikoresha mu gihe zikenewe.

Si

Si na sia ni insigarirazina zisangije ingiro z'umuvugwa wa gatatu dutegerezwa gukoresha mu kibanza c'insigarirazina zisanzwe.Si iraba rudende canke bwinshi, bivanye n'ico yaserukiye. Si yo nyene ubwayo ntiyerekana igitsina.

Birakunda gushika ko igifise igikorwa ca rukozi giseruka mu rindi ryungane gifise igikorwa kindi. Mu gihe rukozi ari mi, ni canke vi (canke ci), basubiramwo gusa iyo nsigarirazina.

  • Mi lavas min. - Ndiyuhagira.

    Abo babiri mi ni umuvugwa umwe.

  • Mi vidas mian fraton. - Ndabona mwenewacu.

    Mi na mia zerekana umuvugwa umwe.

  • Ni lavas nin. - Turiyuhagira.

    Izo nizibiri ni umuvugwa umwe.

  • Ni vidas niajn fratojn. - Turabona benewacu.

    Ni kaj nia zerekana imivugwa imwe.

  • Vi lavas vin. - uriyuhagira. / Muriyuhagira.

    Izo zibiri vi ni umuvugwa umwe canke imivugwa imwe.

  • Vi vidas viajn fratojn. - Urabona benewanyu. / Murabona benewanyu.

    Vi na via zerekana umuvugwa umwe canke imivugwa imwe.

Mu gihe rukozi iri ku muvugwa wa gatatu (atari uwuvuga canke uwumviriza), duca dukoresha si mu kwerekana igikorwa c'umuvugwa. Mu gihe dukoresheje nk'akarorero li na rukozi mu kindi gikorwa, muri ico gihe, bitegrezwa kuba ari ibitsinagabo bibiri bidasa. Nico kimwe na ŝi, ĝi na ili :

  • Ŝi lavas ŝin. - Aramwuhagira.

    Umugore yuhagira uyundi mugore.

  • Ŝi lavas sin. - Ariyuhagira.

    Umugore ariyuhagira we nyene ubwiwe. Ŝi na sin yerekana umuvugwa umwe.

  • Ŝi vidas ŝian patrinon. - Abona mama wiwe.

    Umugore abona nyina w'uwundi mugore.

  • Ŝi vidas sian patrinon. - Abona mama wiwe.

    Umugore abona mama wiwe bwite.

  • La virino serĉas ŝian filon. - Umugore arondera umuhungu wiwe.

    Umugore arondera umuhungu w'uwundi mugore.

  • La virino serĉas sian filon. - Umugore arondera umuhungu wiwe.

    Umugore arondera umuhungu wiwe bwite.

  • Li lavas lin. - Aramwuhagira.

    Umugabo yoza uyundi mugabo.

  • Li lavas sin. - Ariyuhagira.

    Umugabo yoza umubiri wiwe. Li na sin yerekana umuvugwa umwe.

  • Ĝi lavas ĝin. - Aramwuhagira

    Igikoko coza ikindi gikoko (canke ikintu)

  • Ĝi lavas sin. - Kiriyoza.

    Igikoko coza umubiri waco.Ĝi na sin vyerekana igikoko kimwe.

  • La hundo ludas per sia pilko. - Imbwa irakina n'umupira wayo.

    Imbwa irakina n'umupira wayo bwite.

  • Ili lavas ilin. - Barabuhagira.

    Umugwi w'abantu canke w'ibikoko wuhagira uyundi murwi.

  • Ili lavas sin. - Bariyuhagira.

    Umurwi w'abantu canke ibikoko vyiyoza. Ili na sin vyerekana umurwi umwe.

  • La naĝintoj ne trovas siajn vestaĵojn. - Aboga mu ruzi ntibaronka impuzu.

    Aboga mu ruzi ntibaronka impuzu zabo bwite.

  • Oni ne forgesas facile sian unuan amon. - Urukundo rwa mbere ntirwigera rwibagirwa.

Si ntiba rukozi.

Si ntiyigera ubwayo iba rukozi canke ngo ije mu gace ka rukozi, kuko si yoba yiserukiye ubwayo. Nkuko nyene sia ntiyigera ija mu murwi wa rukozi. Amungane nkayo ntabaho: : Si manĝas. Mi kaj si dancas. Petro kaj si fiŝkaptas. Mia kaj sia fratoj estas samklasanoj. Sia edzino estis kisata de li. Ntimuvuge rero  : Karlo kaj sia frato promenas en la parko. Mu gihe tuvuze ben'iryo ryungane twoba dushatse kuvuga ko sia yasubiriye Karlo, kandi tuzi ko rukozi atari Karlo, ariko Karlo kaj sia frato (Karlo na mwenewabo). Vuge riho : Karlo kaj lia frato promenas en la parko. Dushobora rero gukoresha si mu gihe duhinduye iryungane nk'uku: Karlo kun sia frato promenas en la parko. Ubu rero rukozi ni Karlo, sia nayo yaserukiye Karlo. Umurwi kun sia frato nturi kumwe na rukozi, ariko ni karangura ya ijana n'imvugo.

Si mu ryungane riri mu mero mugirwa.

1}Si na sia zaserukiye rukozi. Iib biguma ari vyo kandi no mu mungane ari mu mero mugirwa nubwo rukozi atari nyene gukora muri ayo mungane :

  • Ŝi estas amata de siaj instruistinoj. - Arakundwa n'abarongozi biwe.
  • Karlo estis akompanata de Petro al sia domo. = ...al la domo de Karlo. - Karlo yajanye na Petero i muhira iwe. ...= muhira kwa Karlo.
  • Karlo estis akompanata de Petro al lia domo. = ...al la domo de Petro. - Karlo yajanye na Petero i muhira iwe. ...= muhira kwa Petero.
  • Li sendas leteron al sia kuzo.Letero estas sendata de li al lia (propra) kuzo. - Arungika ikete kwa muvyarawe. → Ikete ryarungitswe na we kwa muvyarawe.

    Mu ryungane riri mu mero mugirwa, ntidushobora kuvuga al sia kuzo, kukko iryo kete rirungikwa kwa muvyarawe.

karangura y'igenekerezo

Irivuga rya karangura y'igenekerezo rifise rukozi ryisangije. Mu gihe dukoresheje si(a) muri karangura y'igenekerezo, itegerezwa kujana na rukozi rwa karangura y'igenekerezo, ariko ntiyigera ijana n'iryungane nshimikiro.

  • Elizabeto rigardis la viron, kiu kombis al si la harojn. - Rizabeti yariko araba umugabo yariko arisokoza.

    Umu gabo yariko asokoza imishatsi yiwe (atari imishatsi ya Rizabeti). Si yerekana rukozi rwa kombis, yaserukiwe na kiu (nayo kiu yerekana umugabo).

  • Karlo kaj Petro diris, ke la infanoj jam vestis sin. - Karori na Petero bavuze ko abana bari bamaze kwambara.

    Abana bambaye ivyambarwa vyabo (atari ivya Petero canke Karori).

  • Li vidis, ke la hundo ludas per sia pilko. - Yarabonye ko imbwa yariko ikina n'umupira wayo.

    Umupira wegukiye imbwa (ariyo rukozi rw'iryungane).

  • Abimeleĥ, la reĝo de la Filiŝtoj, rigardis tra la fenestro, kaj vidis, ke Isaak amuziĝas kun sia edzino Rebeka. - Abimereki, umwami w'Abafirisitiya, yarabiye acishije mw'idirisha, aca abona ko Isaka ari gukina n'umugore wiwe.

    Rebeka ni umugore wa Isaka (ariryo rukozi rwa amuziĝas) ariko atari rukozi rwa Abimereki (yoyo ari rukozi rukozi rwa vidis). Mu gihe yoba yari umugore wa Abimereki, twoca tuvuga lia edzino.

  • Mia avo diris, ke li tre amis sian patrinon. - Sogokuruyavuze ko yakunda mama wiwe.

    Sian yiheka kuri rukozi rwa amis, li, rushobora kuba umuntu umwe nka mia avo,

Si ntishobora kuba yo nyene rukozi. Ntibishoboka kandi gukoresha si nka rukozi muri karangura y'igenekerezo canke nk'agace ka rukozi rw'iyo karangura mu ntumber oyo guheka si kuri rukozi rw'iryungane nshimikiro.Ntibishoboka ko tuvugaKarlo diris, ke si venos morgaŭ., cankeKarlo diris, ke sia frato venos morgaŭ. Si iri muri karangura y'igemekerezo yama iri kumwe na rukozi. Duca dutegerezwa kuvuga : Karlo diris, ke li venos... / ke lia frato venos... Ntibikunda kandi ko tuvuga Ŝi sentis, ke pluvas sur sin. dutegerezwa kuvugaŜi sentis, ke pluvas sur ŝin.

Irivuga riri mu mwanya wa kahise rihereza na -A (bwa ngereka) ni karangura y'igenekerezo :

  • Li ekvidis la anĝelon de la Eternulo, starantan sur la vojo kun elingigita glavo en sia mano. - Aca abona umumarayika w'Uhoraho ahagaze mu nzir afise inkota.

    Umumarayika yari ahagaze afise inkota mu kuboko.

  • Karlo promenis kun virino vestita per sia plej bela vesto. - Karori yariko atemberana n'umugore yambaye impuzu nziza.

    Yari yambaye impuzu yiwe nziza cane.

Imvugo z'ingereranyo zirimwo kiel canke ol ni karangura z'igenekerezo. Si; mu ryungane ry'ingereranyo, iserukira rukozi rw'irivuga muri karangura ntashororokerwa.

  • Ŝi amas lin kiel sin mem. - Amukunda nk'uko yikunda.

    Amukunda (we) nk'uko yikunda we nyene.

  • Ŝi estas tiel saĝa kiel ŝia fratino. - Atekereje nka mwenewabo.

    Mwenewabo nawe nyene aratekereje.

  • Li punis ilin same kiel siajn fratojn. - Yamuhanye nka benewabo.

    Yarahanye kandi na benewabo.

  • Ŝi amas lin pli ol sin mem. - Amukunda kuruta uko yikunda.

    Amukukunda cane (we) nk'uko atikunda we nyene.

  • Li estas pli aĝa ol lia frato. - Arasumba mwenewabo.

    Mwenewabo ni muto ugereranije na we.

Ingereka igizwe n'amajambo mendhi iyo iri inyuma y'izina, canke karangura y'izina, bishoboka ko tuvyita karangura y'igenekerezo ifise irivuga ritibonekeza.si ishobora rero guserukira rukozi rw'iryo rivuga ritaboneka. Iyo rukozi yama isa n'izina rya mbere. Iryo koreshwa mu mungane nk'ayo ntirirahinduka :.

  • Ili vizitis muzeon faman pro siaj belaj pentraĵoj. = ...muzeon, kiu estas fama pro siaj belaj pentraĵoj. - Yaragendeye ikibanza c'iratiro mu bijanye n'ibicapo. = ......ikibanza co kurata mu bicapo.

    Ibicapo vyegukira ikibanza c'iratiro.

  • Picasso vizitis muzeon faman pro liaj pentraĵoj. = ...muzeon, kiu estas fama pro liaj pentraĵoj. - Pikaso aragendeye ikibanza c'iratiro mu bijanye n'ibicapo. = ......ikibanza co kurata mu bicapo kuri we.

    Ibicapo ni ivya Pikaso.

  • Ŝi vidis soldaton kun sia pafilo en la mano. = ...soldaton, kiu staris kun sia pafilo en la mano. - Aca abona umusoda afise ikirwnisho m kuboko- .... umusoda yari ngaha afise ikirwanisho mu kuboko.

Iirvuga ridahadikirije

Mu gihe ukoresheje si irimwo irivuga ridahadikirije, si iserukira rukozi rw'irivuga ridahadikirije. Kneshi iba ari imwe nka rukozi rw'irivuga, ariko si iminsi yose.:

  • Ĉiu homo devas zorgi pri si mem. - Umuntu wese ategerezwa kwiyubaha.

    Si yiheka kuri rukozi rwa zorgi. Nico kimwe na rukozi rwa devas.

  • La sinjoro ordonis al la servisto vesti sin. - Uyo mushingantahe aca ategeka uwusereva kwambara.

    Rukozi rwa vesti ni la servisto. Sin yiheka k'uwusereva.

  • La sinjoro ordonis al la servisto vesti lin. - Uyo mushingantahe aca ategeka umusuku kumwambika.

    Umusuku ntategerezwa we nyene kwambara, ariko kwambika uyundi muntu, aha twovuga ko yari uyu mushingantahe.

Mu gihe rukozi rw'irivuga ridahadikirije itari mu ryungane kandi ata kamaro bifise, baca bareka si igaserukira rukozi rw'irivuga :

  • La reĝo sendis voki sian kuraciston. - Umwami arungika guhamagara umuvuzi wiwe.

    Rukozi rwa voki n’est pas dans la phrasentiruri mu ryungane, ariko ntaco bitwaye. Sia ishobora kujana n'umwami. Bibaza ko sendis voki ari irivuga rifise rukozi imwe, umwami.

  • La reĝo sendis la serviston voki lian kuraciston. - Umwami arungika umusuku guhamagara umuganga.

    rukozi ngaha ya voki (umusuku) iri mu ryungane. Iyaba twari twavuze sian kuraciston,umusuku yociye ahamagara umuvuzi wiwe, atari uw'umwami.

Izina ry'igikorwa

Mu gihe izina ryerekana neza igikorwa, kandi rukozi rwayo ikaboneka neza, si iserukira mu bisanzwe rukozi. Amategeko ntarashirwa ahabona :

  • Petro pacience aŭskultis la plendadon de Karlo pri ĉiuj siaj problemoj. - Petero yarumvirije atekanye ibirego vya Karlo ku bijanye n'ingorane afise.

    Karlo yaravuze ingorane afise. Ingorane ni iza Karlo (Rukozi nyayo ya plendado), ariko si Petro (rukozi rwa aŭskultis).

Mu gihe sia yaserutse nk'indondozi imbere y'izina ry'igikorwa, yama iserukira rukozi rw'irivuga :

  • Karlo rakontis al Eva pri sia vojaĝo al Azio. - Karlo yarayagiye Eva ivyerekeye urugendo rwiwe rwo muri Aziya.

    Karlo yaragiye muri Aziya.

  • Karlo demandis al Eva pri ŝia vojaĝo al Eŭropo. - Karlo yarabajije ivyerekeye urugendi rwiwe mu Burayi.

    Eva yaragiye mu Burayi.

Si(a) mu mvugo zimenyerewe.

Hari imvugo zimenyerewe muri zo si(a) idakurikiza amategeko asanzwe.

  • siatempe = « muri ico gihe, muri iyo myaka ». Mu gihesiatempe ifise iyo nsiguro, twama tuvuga siatempe tutarabiye kuri rukozi : Nashakamuri ico gihe gutanga amategeko. Nzotanga rero ku gihugu cawe imvura muri ico gihe.
  • Izina+ en si = « nk'uko biri ». Muri iyo nsiguro, bakoreshasi naho ico kintu kivugwa atari rukozi : turavye ico kintu kivugwa, tubona… = turavye ikintu uko kimeze…
Subira ku ntango