Ku rupapuro rw'ibirimwo

1. Amategeko

Kaze ku rubuga lernu!, urubuga rutwigisha ikiesperanto mu ndimi nyinshi! Inzira, ugukoresha urubuga lernu! ("urubuga", "ibihatangirwa", 'ababitanga") biba ku mategeko mwebwe ("mukoresha") mwoba mwasomye aya mategeko akurikira, mwayatahuye mwongera muranavyemera bitaravye ko mumaze kwiyandikisha canke mutariyandikisha nk'umunywanyi. Kubw'ivyo, nimusome ibi bikurikira mwitonze

Kwiyandikisha

  1. Bimwe muri serevisi zacu zirakoreshwa ku rubuga mutariyandikish. Kugira ukoreshe ivy'uru rubuga vyose, mutegerezwa kwiyandikisha mukaronka konte yanyu bwite. Biyandikisha ku buntu.
  2. Ufise uburenganzira bwo kwiyandikisha rimwe gusa no kugira profire imwe gusa.
  3. Hemerewe kwiyandikisha abafise imyaka 18. Abadafise imyaka 18 (mu bihugu bimwe bimwe imyaka 21) birashoboka ko bayikoresha mu gihe vyemejwe n'ababifitiye ububasha.
  4. Mwemeza ko ivyo mutanga mu kwiyandikisha ari ukuri kandi ata mafuti arimwo kandi ko muzoguma mubishira ku gihe.
  5. Mu kwiyandikisha ntivyemewe gukoresha inkuru (akarorero: izina ryo kwinjirirako, izina, ifoto ya profire n'ibindi) bitubahiriza agateka k'uwundi, cane cane ibimenyetso n'amazina yabo. Ibintu bitubahiriza amategeko, bitubahiriza amategeko agenga bene ibintu na vyo nyene ntivyemewe.
  6. Mu kwiyandikisha murahitamwo akanyegezwabanga kandi mutegerezwa kukabika mw'ibanga.
  7. Mwemera kandi ko dushobora kumenyesha abandi ivyerekeye profire yanyu (akarorero: izina ryo kwinjirirako, urugero mugezeko mu rurimi, uko mukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi, ururimi mwahisemwo, aho mwiyandikishirije, aho muherukira ku murongo n'izindi nkuru zibayabaye harimwo n'ifoto ya profire). Aderese imeiri n'akanyegezwabanga ntibimenyeshwa abandi.
  8. Kwiyandikisha birangira iyo mufyonze kuri link yo gukoresha. Muhejeje kwiyandikisha muca muronka ubutumwa bwemeza, buza kuri aderese imeiri, ifise link.
  9. Mu gihe mwiyankishije ntimwemeze ko konte yanyu yokoreshwa, abakozi bacu barafise uburenganzira bwo kuyifuta kuko ituzuye.
  10. Abakozi b'ubuga ntavyemezo basaba vyerekeye umwidondoro wanyu. Uwukoresha runo rubuga ni we agenzura imyidondoro y'abandi bakoresha runo rubuga. Abakozi bacu bafise uburenganzira bwo gusaba impapuro canke ivyemeza ku vyerekeye imyidondoro imwe imwe n;imyaka kugira babikontorore. Mu gihe ivyasabwe bitabonetse mu mwanya batanze, iyo konte ica ifutwa.

2. Gukingira inkuru

Abakozi b'uru rubuga barazi gukingira inkuru ari nkenerwa. Kubw'ivyo, urubuga rurubahiriza rwivuye inyuma amategeko agenga gukingira inkuru z'abanywanyi. Ido n'ido ku vyerekeye ugukoresha inkuru z'abakoresha imbuga biri kuri ibanga (Ubwigenge)

3. Ivyo uwukoresha urubuga ategerezwa gukora

  1. Uru rubuga rukoreshwa ku ntumbere zikurikije amategeko.
  2. Nk'uwukoresha utegerezwa:
    • gutanga inkuru z'ukuri zidatana mu mafuti kuri profire yanyu no mu gahanahana amakuru n'abandi bakoresa runo rubuga;
    • kunyegeza inkuru ntazihe abandi bantu
    • kumenyesha abakozi b'uru rubuga, mu gihe yiketse ko hariho uwaronse ivyo kwinjirirako kandi /canke hari uwubikoresha ukutari kwo.
  3. Ni wewe ujejwe kubungabunga inkuru zerekeye wewe n'uguhanahana amakuru (kuri bose canke mw'ibanga) hamwe n;abandi. Utegerezwa kwiyubara ku vyerekeye uburenganzira n'ivyipfuzwa vy'abandi bakoresha runo rubuga canke abandi, cane cane ku burenganzira bwa kiremwa muntu.
  4. Ntivyemewe, gushirako, kwamamaza, kurungika, kumatanya, gushiramwo, kuresha, guha canke mu bundi buryo kwongerako ibintu (amashusho, link, amafoto, intererano zatangiwe mu nama canke ibindi bintu, harimwo ubutumwa n'amashusho ya profire vyo mw'ibanga) y'ubu bwoko:
    • ibintu bikingiwe n'amategeko, akarorero ibintu bikingiwe n'ibwirizwa rikingira bene ibintu, amabwirizwa agenga amazinaa, ay'ibimenyetso, impapuro ndangabintu, amabwirizwa agenda amahinguriro n'ivyayo, amabwirizwa yo kugaba canke agateka ka zina muntu, mu gihe udafise uburenganzira kuri ivyo bintu.
    • amareresi y'ibiterasoni, amashusho yabari gusa, ibityoza, ivy'ubwambure, idondaruhu, ibitsitaza inkehwa canke ibikoresho vy' abanyamadini bitubahiriza itegeko ryo mu Budagi ry'urwaruka (Jugendschutzgesetz);
    • ibimenyetso n'ibikoresha vy'abatemewe n'amategeko
    • ibidashemeye, bitsitaza, bityoza, bibangamira n'amajamo akumira;
    • inkuru zo mw'ibanga z'abandi (akarorero: inomero za terefone, ivyerekeye ibanki yiwe), ivyo mwavuganye ugaca ubibwira abandi, canke ukabibwira abakozi b'uru rubuga canke abandi.
    • link zo ku mbuga zirimwo ibitemewe n'amategeko;
    • ico utasavye canke ikitemewe, igikoresho co kwitakambira, ubutumwo bwafuswe, amakete, inkuru zerekeye uburyo bwa piramide canke ubundi buryo bwo gukwega abakiriya;
    • Ikindi gikoresho gifise imigera (virus), ubumara canke utundi du porogarama tubangamira canke tutorohereza ukubaho canke ugukora kw'ururubuga canke izindi mbuga.
  5. Ibi bintu birabujijwe ku bakoresha:
    • gukoresha canke kugerageza gukoresha konte y'uwundi muntu canke ubu buhinga udafise uruhusha rw'abakozi b'uru rubuga;
    • Kwigira uwundi muntu canke gushiramwo inkuru zitari zo zimwerekeye
    • Kuzibira ko runo rubuga rukora, gushirako umukono, guhindura canke kwimura ibirimwo, kuzibira porogarame y'akanyegezwabanga na/canke ishirwa ku gihe ry'uru rubuga, hanyuma uretse ukwikuramwo kwibintu (otamatike) mu gihe ivyo bintu bidakenewe ku gukora neza kw'uru rubuga.
  6. Abakozi b'uru rubuga, bafise uburenganzira bwo gukuraho intererano zidakenewe (harimwo ubutumwo n'amashusho yo mw'ibanga) canke ikonte y'uwukoresha itubahirije amategeko tugezeko igihe ico ari co cose atagabishijwe.

4. guhindura ibitangwa

abakozi b'uru rubuga bafise uburenganzira, babishatse, mu mwanya uwo ari wo wese bwo kutagutunganiriza

5. Gutanga uburenganzira

  1. Abarongozi b'uru rubuga baraguha uruhusha, nk'uwukoresha, ubwawe, ku rwego rw'isi' uruhusha rudatangwa ku wundi, rushobora kwongerwako, rwo gukoresha hisunzwe aya mategeko.
  2. Nk'uwukoresha, uha runo rubuga guha, ku rwego rw'isi, uruhusha rudateye amazi, ku buntu, rushobora guhanahanwa, ku mwanya, ku birimwo canke aho uherereye uruhusha rutagira imbibe rwo gukoresha ibi mushizemwo ahari ho hose umukozi ari. Umukozi w'uru rubuga afise uburenganzira bwo gukoresha ibi mu bibanza vyose, kubimenyekanisha, kubisaba, kuvyimura, kuvyamamaza, kubihinyanyura, kubihindura no kubikorerako.
  3. Nk'uwukoresha, uba wemeye ko ivyo ushizeko ata wundi muntu abiganza kandi ko bishora gukoresha nkuko bivuga ku gace 5.2. Wemeye ko ubifiseko uburenganzira n'uruhusha rukenewe kugira nawe ushobore gutanga uruhusha rw'ivyo ushize kuri uru rubuga.
  4. Uruhusha uba utanze nkuko twabivuze aho hejuru, ntiruhera, ruhera mu gihe uru rubuga ruhagaritse gukora.

6. Uburenganzira bwa nyene ikintu

Ibisomwa vyose, amashusho n,ibindi kuri uru rubuga vyamamajwe, uretse ibirimwo vyashizwemwo n'abakoresha nimba bitavuzwe ukundi ni ivya {lernu} kandi abakoresha uru rubuga canke uwundi muntu ntibemerewe kubikoresha hanze y'urubuga, haba ku buhinga ngurukanabumenyi canke ahandi.

7. Ikiringo n'uguhakana

  1. Ubunywanyi kuri uru rubuga butangurira ku kwiyandikisha, ukwemera amategeko n'ukwemera ubwigenge, bugaca bugumaho ata kiringo.
  2. Ushobora kwanka amasezerano umwanya uwo ari wo wose kandi si ngombwa uvuge igituma kuri https://lernu.net/uzanto/agordoj. Uhejeje guhagarika, ntuzosubira kwinjira kuri profire yawe, inkuru zikwerekeye zica zifutwa. Wemera ko, bimwe bimwe mu birimwo (nk'akarorero ivyiyumviro, ivyo mu nama, n'ubutumwa), bidafatanye kimwe na kimwe na profire yawe, bizoguma bibonwa n'abandi bantu. Nta burenganzira ufise bwo gusaba ivyo washikirije mu biyago ngo tubiguhe.
  3. Uburenganzira budasanzwe bwo gusaba ko amasezerano ahagarikwa kubw'impamvu zidasanzwe ntibuhinduka. Impamvu nini nuko umwe mu bafitaniye amasezerano atubahirije amategeko y'aya mabwirizwa. Mu gihe habayeho guhagarika kudasanzwe kw'umukozi w'uru rubuga, uzokwama uhagaritswe ibihe vyose muri ico kibanza. Bisigura ko utoshoba kwiyandikisha kandi.
  4. Umukozi w'uru rubuga afise uburenganzira bwo gufuta ikonte imaze amezi arenga 6 idakora.

8. Amabanga

  1. Umukozi yiyemeza kubungabunga uru rubuga atarubangamiye, ata makosha n'umutekano, si ukuvuga ko ko mu kanya ako ari ko kose rutabangamiwe, umutekano muke canke habaye ikosha ko vyoca bimurwako.
  2. Abakozi ntibabazwa amakosha yerekeye ukutubahiriza amategeko, mu gihe ivyo bitahungabanije ubuzima, umubiri canke amagara mu gihe kandi ivyo bitari inyuma y'amategeko yerekeye gukora (Produkthaftungsgesetz). Bitavuye kuri ico, ibisigaye haguma hari ukubazwa ku vyerekeye ukutubahiriza amategeko yo yubahirizwa mu gushiraho imigenderanire y'amasezerano umukoze ategerezwa kwama yitwararika. Ni co kimwe no ku kutubahiriza amategeko kw'abo dukoresha.
  3. Kubw'amategeko, umukozi w'uru rubuga, nk'umuntu ajejwe gutanga serevisi ntategerezwa gukurikirana ibikorerwa ngaha vyose canke yige anatohoze ibintu vyerekana ibikorwa bitubahiriza amategeko. Umukozi ntabazwa ibirimwo, ibihakorerwa, amakuru, ivyahakuwe, ivyiyumviro, ivyashizwemwo n'abakoresha uru rubuga canke abanywanyi n'ibiri mu mbuga zashizwe hamwe.
  4. Nubwo dukontorora ibirimwo, umukozi ntabazwa ibiri ku mbuga zindi aho links zishobora kutujana. Ku vyerekeye ibiri kuri izo mbuga bibazwa abazikoresha.
  5. Umukozi w'uru rubuga ntabazwa ivyerekeye ibiri canke ukuri kw'ivyavuzwe ari ivyo gusaba ikintu kanaka. Bibazwa uwabikoze canke uwavyanditse. Ni co kimwe no ku biri ku mbuga zisabwa. Ukwerekanwa k'ikintu cerekeye gusaba ntibisobanura ko umukozi yemeje ivyo bintu binyuranye n'amategeko. Kubw'ivyo bizobazwa uwabikoze.
  6. Nk'uwukoresha uru rubuga, uhaye ubwigenge umukozi w'uru rubuga, ko abazoza mu nyuma barondera indishi y'akababaro, bashobora kuba abandi bakoresha runo rubuga canke uwundi yobangamira umukozi w'uru rubuga kubwawe canke kubw'ibiri mu vyo wakoreye kuri uru rubuga. Uwavyamamaje kuri uru rubuga ategerezwa kuvyemanga, akabibazwa, akriha ibisabwa vyose yakwegeye umukozi w'uru rubuga kuko atubahirije agateka k'abandi, harimwo n'ibiciro bisanzwa vyo kuburana. Amategeko yose asigaye, yerekeye indishi y'akababaro y'umukozi w'uru rubuga na yo nyene ni intakorwako.

9. Inkebuzo za nyuma

  1. Kuri aya mategeko agenga runo rubuga, ku matati yose, agengwa n'amategeko yo mu Budagi. Ikibanzi gishemeye canke sentare ibifitiye ububasha, nimba amategeko avyemera, ni mu gisagara ca Berlin.
  2. Amategeko yo kijurumani y'aya mategeko agenga urubuga ni yo yonyene yemewe.
  3. Umukozi w'uru rubuga afise uburenganzira bwo guhindura amategeko agenga runo rubuga umwanya uwo ari wo wose n'aho atovuga igituma. Version igezweho iri kuri https://lernu.net/reguloj. Abakoresha runo rubuga ntibamenyeshwa impinduka zerekeye amategeko agenga runo rubuga, bategerezwa gusuzuma no kuraba no kwisomera amategeko agezweho. Mu gihe usubiye gukoresha runo rubuga inyuma yo guhindura amategeko bisigura ko wemeye impinyanyuro kandi ko wazemeye.
  4. Umukozi w'uru rubuga afise uburenganzira bwo gutanga ku wundi muntu uburenganzira n'amategeko, yanditswe mu mategeko ngenderwako, yose canke amwe muri yo mu ndwi 4 inyuma y'ubutumwa bwo kuri aderese imeiri bubimenyesha.
  5. Aderese y'umukozi canke umuyobozi iri kuri paje yiwe .

Vyahinyanyuwe:1 Rusama 2016

Subira ku ntango