Ku rupapuro rw'ibirimwo

Ubwoko bw'amajambo

Mu ki Esperanto hari ubwoko bubiri bw'amajambo

udusozo tw'amavuga

Mu ki esperantoamajambo menshi arafise agasozo. Ijambo nk'iryo rigizwe n'itsitso rimwe (canke amatsitso menshi) hamwe n'agasozo ryisangije bivanye n'ubwoko bw'iryo jambo, nk'akarorero

Amatsitso yerekana ibintu bitandukanye: ibikoko, abantu, ibikorwa, ubwiza, ibintu bitaboneka , ibintu biboneka , n'ibindi. Itsitso ntirishobora kwibonekeza nk'uko riri, rirakeneye agasozo. Hari udusozo icenda mu majamboO, A, E, I, AS, IS, OS, US na U. Mu gihe wongeye kw'itsitso kamwe muri ubwo busozo rica rihinduka ijambo. Mu bisanzwe, itsitso iryo ari ryo ryose rishobora gufata agasozo ako ari ko kose.;: hom/o, hom/a, hom/e, hom/i, hom/as etc., blu/o, blu/a, blu/e, blu/i, blu/as nibindi., kur/o, kur/a, kur/e, kur/i, kur/asnibindi .

Aamatsitso menshi akoreshwa cane cane mu kwubaka amajambo y'urunani. Tuyita inyongera

Sahwanya ntikeneye agasozo kandi irashobora kuba uko iri mu ryungane. udusozo twubaka umurwi uhera w'amajambo afise ishingiro, ubucuti, n'ibindi. Dusangamwo kenshi indongorazina — nk'akarorero al, de, en —, insigarirazina muvugwa — nk'akaroreromi, vi, ŝi —, des utujambo tw'amazina canke utujambo tw'igereka —nk'akarorerokiu, tiu, kio, tio, kia, tia, kies, ties, ambaŭ —, ibitigiri,— nk'akarorero unu, du, tri, dek, cent —, sahwanya zisanganya — nk'akarorerokaj, —, sahwanya z'igenekerezo, — nk'akarorero ke, ĉu, se —, utujambo tw'intumbuzi, — nk'akarorero kie, tie, for, kiam, tiam, baldaŭ, hodiaŭ, kial, tial, kiel, tiel, kiom, tiom, ankaŭ, , jes, ne — hamwe na gatangazi, nk'akarorero adiaŭ, bis, ho.

45 muri izo sahwanya womengo zifise udusozo zisangije kandi ukibaza ngo ni amajambo y'urunani, ariko sivyo,: tio, tia, kio, kie, iu, iel, ĉiam, ĉiom, nenial, nenies, n'ibindi. Utwo tijambo tutwita karangura y'amazina.

ibikorwa mu ryungane

Iryungane ni urukurikirane rw'amajambo arimwo iciyumviro. tuvuga ko dufise agace k'iryungane mu gihe hari ijambo canke urunani rw'amajambo yunze ubumwe mu ryungane

igice gikomeye cane ryungane ni irivuga, ni irivuga riherezwa na AS, IS, OS, US canke U (I ntiyigera ijamwo). Irivuga irivuga cerekana igikorwa kiri mu ryungane.

irivuga ni ryo nshimikiro ry'iryungane. ibindi bice bigize iryungane biri kumwe n'irivuga ugutandukanye, bifise ibikorwa bitandukanye mu rungane nka rukozi, karangura, karangura y'igenekerezo, karangura y'izina canke y'irivuga

  • La junulo legas libron. - Umusore ariko asoma igitabu

    irivuga legas ni karangura ya rukozi. juniro ni rukozi, ribirino ni karangura. igikorwa ca rukozi cerekanwa n'ukubura kwinyishu igihe wibajije (bavyita kwibaza). igikorwa ca karangura ceekana n'urudome ruhereza -N

  • Ŝi veturis tutan tagon per sia aŭto. - Yagendeye mu muduga wiwe umunsi wose

    agace tutan tagon ni karangura y'igenekerezo ya rukozi yerekana igihe igikorwa camaze. agace per sia aŭto ni karangura y'igenekerezo y'igikorwa yerekana ico bakoresheje mu kurangura igikorwa. igikorwa ca karangura ya mbere cerekanwa n'urudome ruhereza -N. igikorwa ca karangura ya kabiri cerekanwa n'agace "per"

  • Andreo, ĉu vi renkontis Paŭlon hodiaŭ? - uno munsi wahuye na Pahuro ga Ndereya?

    Igice André ni agakwabu (ijwi)

  • La apartamento de Andreo estas malgranda. - Inzu ya Ndereya ni ntoyi

    igice gikomeye ni rukozi rw'izina. rwerekana la apartamento rukoresheje irivuga estas

Hari uburyo butatu bwerekana igikorwa mu ryungane: kwibaza, urudome ruhereza -n, hamwe n'imenyetso za karangura

Agace k'iryungane kagizwe n'ijambo ngenderwako dushobora kwongerako ibindi bikorwa

  • Andreo loĝas en bela apartamento kun du ĉambroj. - Ndereya aba mu nzu nziza y'ivyumba bibiri

    muri karangura y'igenekerezo y'ikibanza, apartemento niryo jambo ngenderwako, vyongeye, karangura y'igenekerezo irimwo ingereka, bela, rukozi rw'izina hamwe na kun du ĉambroj karangura y'izina isobanura apartamento.( ijambo ryongeweko kun du ĉambroj ntirifatanye n'iri ry'iryikorwa, ariko ni agace ka karanguramu en bela apartamento kun du ĉambroj)

Raba kandi icegeranyo c'imvugo zo mu ndimburo mu ntangamarara

Subira ku ntango