Ku rupapuro rw'ibirimwo

Agace (po) kerekana itangwa ry'incuro. Karashoboye kwerekana nk'indongorazina, ariko benshi bagakoresha nk'agace nk'intumbuzi.

(po) ntikagira insiguro nkiyo kari kumwe n'igitigiri canke incuro. Gategerezwa imisi yose kuba hari igitigiri canke akajambo kincuro inyuma po : po kvin, po dek, po dudek mil, po multe, po kiom, po miliono, po duono, po iom, po pluraj, po paro, po egalaj partoj n'izindi. Uwundi mwanya incuro ntizumvikana; po pomo = po unu pomo, po tutaj boteloj = po pluraj tutaj boteloj.

(Po) yerekana ikwiragizwa c'ivyatanzwe ku bantu, ku bintu, ahantu henshi canke ibindi. Umwe wese yahawe ahantu. Kugira tumenye incuro zose, igitigiri cose, dutegerezwa kugwiza incuro kuri kimwe kimwe (po) n'igiharuro kanaka. Ico giharuro. Ico giharuro kivana n'iciyumviro.

  • Por miaj kvar infanoj mi aĉetis dek du pomojn, kaj al ĉiu el la infanoj mi donis po tri pomoj. - Naguze ivyamwa cumi na bibiri ku bana banje bane, kandi kuri umwe wese namuhaye ivyamwa bitatu.

    Ivyamwa 3 urwije na 4 = ivyamwa 12. Icitonderwa, ni uko inyishu y'ivyamwa, atari iyabana. Turwiza ivyamwa 3 n'igitigiri c'abana, ariko inyishu itegerezwa kuba ivyamwa 12, atari abana 12. Inyishu yico giharuro, imisi yose iva ku vyarwijwe hagati ya 3 na 4.

  • Tie estis viro tre altkreska, kiu havis sur la manoj kaj sur la piedoj po ses fingroj, sume dudek kvar. - Aho hari umugabo munini, yarafise intoke zitandatu ku kuboko kumwe no ku kuguru kumwe, vyose hamwe ni mirongo ibiri na bine.

    intoke 6 kurwiza 4 (amaboko 2 + amaguru 2) = intoke 24

  • Tiu ĉi libro havas sesdek paĝojn; tial, se mi legos en ĉiu tago po dek kvin paĝoj, mi finos la tutan libron en kvar tagoj. - Ico gitabo gifise impapuro mirongo itandatu, muri ico gihe nsomye cumi na zitanu ku musi, ico gitabo nzogiheza mu misi ine.

    impapuro 15 kurwiza 4 = impapuro 60

  • Ŝi ricevis lecionojn po dek eŭroj por horo. - Yararonse ivyigwa ku ma Ero cumi kw'isaha.

    Mu gihe ivyo vyigwa nk'akarorero vyomara amasaha 4, ikiguzi coba : ama Ero 10kurwiza 4 = Ero 40.

  • Dume la gastoj trinkis po glaseto da vino. - Muri uwo mwanya, abatumire banywa umwe wese akarahuri k'umuvinyu.

    Aha ijambo (unu) ntiryumvikana (po unu) glaseto , mu gihe haba nk'akarorero abatumire 10, hobaye vyose hamwe uturahuri cumi.

  • Mi fumadis cigaredojn po dudek kvin rubloj por cento. - Nanyoye isigara ijana ku mafaranga 25.

    Ijana ry'izo sigara zigurwa amahera 25. Nk'akarorero, amajana 5 ya bene izo sigara ikiguzi kica kiba : amahere 25 kugwiza 5 = amahera 125.

  • El ĉiuj vivaĵoj, el ĉiu karno, enkonduku po unu paro el ĉiuj en la arkeon, ke ili restu vivaj kun vi. - Ivyaremwe vyose bigihumeka, igifise umubiri vyompi bishishikare kubana na twe.

    Nk'akarorero hari ubwoko 1 000 bw'ibikoko, hobaye ibikoko 2 (kimwe na kigenzi caco) kurwiza 1 000 = ibikoko 2 000 (1 000 kimwe na kigenzi caco).

  • La urbestro aranĝas grandajn tagmanĝojn, kie la vino estas trinkata po tutaj boteloj. = ...po pluraj tutaj boteloj. - Umukuru w'igisagara arategura ibifungurwa vyo ku mugoroba, ico gihe umuvinyu uranyobwa ku macupa. = ... ku ma cupa meshi kanaka.

    Ku mugoroba umwe wose haranyobwa amacupa akwiye.

Mu burorero buri aha hepfo, (po) ikoreshwa nk'indongorazina. Turatora uburorero bwa (po) ikoreshwa bwa ntumbuzi mu nsiguro ku ntumbuzi ku biharuro.

Ikoreshwa rya (po) ridakwiriye.

(po) akenshi ikoreshwa mu buryo butabereye. raba akarorero kavyerekana.

  • Tiu ĉi ŝtofo kostas dek dolarojn po metro.
    Uwuvuga yashaka kuvuga ko imetero y'igitenge igurwa amadorare cumi, ariko yarihenze (po)itegerezwa kuba iri kumwe na (unu) itumvikana (po unu metro). Ibiharuro bica biba : imetero imwe kurwiza 10(igitigiri c'amadorare) = imetero 10. Mu ryungane (po) ishirwa imbere ya (unu metro). Tuca rero turonka imetero cumi, atari amadorare cumi. Izo metero cumi z'impuzu zose hamwe zigurwa amadorare cumi. Bisigura ko imetero imwe imwe igurwa idorare imwe. Nticari iciyumviro twipfuza.

Raba iryungane ryo.

  • Tiu ĉi ŝtofo kostas po dek dolarojn por metro. - Iyo mpuzu igurwa amadorare cumi imetero.

    Mu gihe ari, nk'akarorero imetero 5, ibiharuro bica biba amadorare 10kugwiza 5 = amadorare 50. Inyishu yerekana amadorae kuko (po) iri imbere ya dek dolaroj.

Indimi nyinshi zikoresha, mu mungane yo muri ubwo bwoko, ijambo rimwe kugira ngo risigure iciyumviro c'ikwiragizwa. Iryo jambo rija imbere y'imetero. Haritiranywa cane (po) n'amajambo yubwo bwoko, bifise iyindi nsiguro nka (po). Mu ki Esperanto, babisigura mu majambo abiri (po) n'irindi. irindi jambo akenshi (por), ariko mu gikorwa c'insiguro, izindi ndongorazina (canke inyubako y'intumbuzi) zishobora gukoreshwa. Mu karorero gakurikira, nk'akarorero birashokoka ko havugwa laŭ metro ou metre.

Hariho rero n'ubudasa hagati yaya mungane akurikira.

  • La aŭto veturis po dek kilometrojn en kvin horoj. - Imodokari yagiye ibirometero cumi kw'isaha mu masaha atanu.

    Imodokari yagize urugendo rw'amasaha atanu, ica igira urugendo rw'ibirometero 50 (Ibirometero 10 kurwiza 5 = ibirometero 50)

  • La aŭto veturis dek kilometrojn en po kvin horoj. - Imodokari yagize ibirometero cumi ku buryo yagira amasaha atanu kuri kimwe.

    Imodoka yagiye ibirometero cumi, ivyo vyatwaye amasaha 50. (amasaha atanu kurwiza 10 = amasaha 50)

ivyisungwa bifise udukoni turambitse

icisungwa Ukuntu bavuga
20$/kg po dudek dolaroj por kilogramo
120 km/h po cent dudek kilometroj en/por horo
2 MN/m² po du meganeŭtonoj sur/por kvadratmetro

Akenshi, barakunda gukoresha (po) n'intumbuzi.

Rimwe na rimwe, po ntikoreshwa mu mvugo nk'izo mu kwongerako ĉiu, nk'akarorero: cent dudek kilometroj por/en (ĉiu) horo, dudek dolaroj por (ĉiu) kilogramo, du meganeŭtonoj por/sur (ĉiu) kvadratmetro.

Subira ku ntango