Ku rupapuro rw'ibirimwo

amazina asohobora kuba ay'ibintu, biboneka canke bitaboneka, ay'abntu, ibikoko, ibintu bibaye, ibikorwa, ubwuza, umurwi w'ibintu, w'abantu, n'ibindi. Mu ki esperanto, amazina aherezwa n'agasozo -O

  • tablo - imeza = izina ry'ikintu kiboneka
  • hundo - imbwa = izina ry'igikoko
  • saĝo - ubwitonzi = izina ry'ubwiza
  • amo - urukundo = izina ry'uko umerewe
  • kuro - ugusiganwa = izina ry'igikorwa
  • martelado - uguca ibiti = izina ry'igikorwa
  • Petro - Petero = izina ry'umuntu
  • Jokohamo - Yokohama = izina ry'igisagara

inyuma y'agasozo -O k'izina hashobora kuja agasozo -J ka bwinshi, n'agasozo -N kerekana ko igikorwa caheze.harashobora kuba kandi utwo tubiri ica rimwe, ariko J ija ibere ya N:

tabloj tablon tablojn
hundoj hundon hundojn

Turashobora gusubiriza agasozo -O k'izina n'akamirarudome ariko mu gihe gusa kadakurikiwe na J canke N.

ikoreshwa ry'amazina

Amazina canke uduce tw'iryungane dufise ijambo nshimikiro y'izina, dufise mu rivuga igikorwa ca rukozi, karangura, ingereka ou rwitirirwa, ariko arashobora kuronka kandi igikorwa cakarangura y'igenekerezo canke karangura idondora irindi jambo:

  • La bona virino trankviligis sian soifon. - Uyo mugore mwiza yarivunye inyota

    igice c'iryungane la bona virino, muri co izina virino ariryo jambo nshimikiro, rifise igikora ca rukozi.

  • Mi vidas leonon. - Ndabona intambwe

    izina leonon rifise igikorwa ca karangura (kandi rigafita agasozo -N kerekana ko igikorwa caheze)

  • Ludoviko, donu al mi panon. - Ludoviko mpa uyo mukate

    agace k'iryungane Ludoviko gafise igikorwa ca rwitirirwa.

  • Sur la fenestro kuŝas krajono kaj plumo. - Kw'idirisha hari ikaramu y'igiti n'ikaramu.

    umurwi w'amazina sur la fenestro ufise igikorwa c'ingereka yerekana aho ikintu kiri (ifise kandi indongorazina y'ikibanza sur).

  • La dentoj de leono estas akraj. - amenyo y'intare arakarishe

    umurwi w'amazina de leono ni karangura y'umurwi wamazina la dentoj (ikaba kandi yerekanwa n'insanisha de).

  • Mi estas muzikisto. - Ndi umuririmvyi

    Izina muzikisto rifise igikorwa ca ndondozi y'irivuga mi.

uduce-mazina

Uduce tumwe tumwe mu ki esperanto turashobora gufita igikorwa c'izina mu ryungane tudafise agasozo -O. Ni nka: insigarirazina muvugwa, sahwanya zirimwo -U canke -O, amazina y'indome, ingereka gaharura n'agace ambaŭ.

itumbuzi z'incuro zirashobora nazo nyene gufita igikorwa c'izina.

amazina y'uruharo

amazina y'uruharo ari mu ki esperanto aherezwa iminsi yose na -O: Anno, Petro, Teodoro, Mario… n'amajambo atashizwe mu ki esperanto ni amazina, ariko ntaherezwa na -O: Anna, Peter, Theodore Roosevelt, Marie Curie, Deng Xiaoping. Mu mazina nk'ayo, turashobora kudashiraho agasozo -N ka rwitirirwa, naho igikorwa cayo mu ryungane kivyerekana ko ako gasozo kabikwiye. Kugira ngo mumenye vyinshi, tubatumiye gusoma insiguro zerekeye agasozo -N.

Subira ku ntango