Ku rupapuro rw'ibirimwo

BO

BO = « ubucuti bw'uruvugano »

BO iboneka mu majambo atatu y'ubucuti akuikira hamwe n'ayari mu gitsina-gore

  • patrovia bopatro = Se w'umugabo wawe
  • filovia bofilo = umugabo w'umukobwa wawe
  • fratovia bofrato = mwenewabo n'umugabo wawe, umugabo wa mushikawe, umugabo wa muramwawe

amajambo bokuzo, bonevo, boonklo, boavo, bonepo, boparenco et bofamiliano (hamwe n'ayari mu gitsina-gore bijanye) arashoboka, ariko ni make cane, mu kibanza cayo bakoresha amajambo asanzwe adafise BO.

mu gihe ari ubucuti bukomotse mu bugeni bubiri, turashobora gukoresha amajambo afise inyongera zibiri BO : via bobofrato = «umugabo wa muramwawe», via bobokuzo = «umugabo wa muvyarawe», via bobonevo = «umugabo w'umwishwa wawe», via boboonklo = «umugabo wa senge wawe». muri ico gihe, mu ngiro bakoresha BO-.

BO ishobora kuba kumwe na GE et PRA. urutonde rw'ayo majambo nta nsiguro rufise, ariko mu bisanzwe GE ikunda kuja inyuma : bogepatroj, bogefratoj, prageavoj, bopragekuzoj, n'ibindi.

ĈEF

ĈEF = « gifise akamaro, ca mbere».ĈEF yerekana ko iki gikurikira gifise akamaro kanini mu bindi vyose bisangiye ubwoko

  • redaktoroĉefredaktoro = umwanditsi ngirakamaro (ikinyamakuru, nk'akarorero) yanditse ibiri mu kinyamakuru
  • artikoloĉefartikolo = ikintu ngirakamaro mu kinyamakuru kirimwo iciyumviro nyamukuru c'umwanditsi canke uwo bakorana mu bukuru
  • urboĉefurbo = igisagara gifashwe nk'igikomeye mu gihugu cose, ari naco kirimwo inzego zijejwe intwro, inama nsingamateka, n'izindi
  • stratoĉefstrato = ibarabara rya mbere ngirakamaro kandi ryagutse mu gisagara
  • ĉefo = umuntu ngirakamaro kandi w'umukuru

ĈEF yerekana umuntu canke ikintu c'akamaro. agasozo ESTR yerekna uwutwara kandi afata ingingo. kenshi, uyo muntu ngirakamaro afise ububasha bwo gufata ingingo, nico gituma ikintu kimwe gishobora kuvuga hakoreshejwe ijambo -ESTR canke ĈEF-, nk'akarorero : ĉefredaktoro (umwanditsi ngirakamaro) ≈ redakciestro (uwujejwe abanditsi). ESTR yerekana iminsi yose umuntu ariko ĈEF mu gihe ari integuza ntiyerekana umuntu : ĉefurbo ntibingana na urbestro. ijambo riri ukwa ryonyene ĉefo uwutavuga rumwe n'uwundi muntu, nico gituma amajambo ĉefo na estro ari nk'amwe mu mvugo.

DIS

DIS = « kigabura, gitandukanya mu buryo bwinshi».on utilise aussi DIS imbere y'amajambo y'ibikorwa, kandi ivyo vyerekana uko igikorwa gikorwa canke ivyavuye mu gikorwa.

mu majambo yerekana ukwiyunguruza, DIS yerekana ko ibintu vyinshi vyinyuganza mu mpande zitandukanye.

  • iridisiri =gutandukana amatumbera mu mpande zitandukanye, gusanzara
  • kuridiskuri = kwiruka muva mu mpande zitandukanye
  • sendadodissendado = kurungika mu mpande zitandukanye, gusabagiza

mu majambo afise iciyumviro co gutandukanya, DIS ica ishimika kuri ico ciyumviro

  • ŝiridisŝiri = gutabagura
  • rompidisrompi = kumenagura
  • dedisde = «de» mu kwiyunguruza canke mu gutandukana (ngaha DIS iboneka imbere yijambo atari iry'igikorwa)

mu majambo arimwo iciyumviro co gufatanya canke co gushirahamwe, DIS isubirira ico iciyumviro n'iciyumviro co gutandukanya canke co kugabura. DIS rero ingana rero na MAL :

  • volvidisvolvi = gufatanya
  • faldidisfaldi = kuvunagura

DIS ikoreshwa kandi nk'itsitso risanzwe : disa = bitandukanye, bisanzaye; disigi = gutandukanya, gusanzaza

EK

EK = « itangurwa ry'igikorwa, igikorwa ca gakumbanya ». EK ikoreshwa mu bikorwa gusa ikerekana kandi ukugene igikorwa kigenda iminsi yose

kenshi EK yerekana ko igikorwa gitanguye. yerekana o igikorwa gitanguye, kenshi ikoresha umwnya wa gakumbanya.

  • kuriekkuri = tangura kwiruka
  • sidieksidi = gutangura gutwara
  • pluviekpluvi = gutangura kugwa
  • florofloriekflori = igipfungu
  • deekde =guhera (nk'ico yisangije ngaha EK ntiri imbere y'ijambo ry'igikorwa)

inyongera ishobora kandi mu buryo bwinshi, kwerekana intango y'igikorwa : sidiĝi, estiĝi n'izindi ; EK yerekana intango ya gakumbanya kandi nyaruka ugereranije na IĜ.

rimwe na rimwe, EK irerekana igikorwa ca gakumbanya kimwara umwanya mutoyi cane. muri ico gihe ntiyerekana intango gusa ariko yerekana igikorwa cose

  • fulmiekfulmi = guca ibibatsi nk'umuravyo
  • briliekbrili = kwakaka
  • rigardoekrigardo = indabutso

EK ikoreshwa kandi nk'itsitso risanzwe ikoreshwa kandi nk'ugutangara

  • eki =gutangura
  • ekigi =gutangura, gutanguza
  • ek! = reka dutangure!

EKS

EKS = «kitigeze kiba kandi gifita iyo nyifato canke ico gikorwa ». EKS ikoreshwa mu myuga hamwe no mu bindi bikorwa vy'abantu, ariko rimwe na rimwe uyisangana n'ayandi majambmo.

  • reĝoeksreĝo = uwigeze kuba umwami aho hambere, umwami yikuye canke yakuwe ku ngoma
  • edzoeksedzo =uwahora ari umugabo
  • (ge)edziĝieks(ge)edziĝi =guheba, kwonona ubugeni
  • modaeksmoda = cataye agaciro
  • eksa = ca kera, kitakibaho; eksiĝi = kwikura, gutanga imihoho

EKS ifise insiguro yo "guhimbura" mu mazina y'ibikoko : bovoeksbovo = kastrita bovo.

GE

GE = « y'ibitsina bibiri ». GE ikoreshwa mu majambo y'igitsina-gabo canke ayatagira aho ahagaze kugira ngo yerekane ibitsina bibiri.

GE yerekana kenshi ibintu bibiri

  • patrogepatroj = se na nyina (b'abana bamwe)
  • edzogeedzoj =umugabo n'umugore wiwe, Mushingantahe na mupfasoni
  • fianĉogefianĉoj = abakundanye
  • doktorogedoktoroj = muganga n'umugore wiwe (mu bisanzwe gedoktoroj yategerezwa kugirwa n'abaganga babiri, nico gituma bakunda gukoresha ijambo nka gedoktoroj mu kwerekana abaganga babiri)

GE ikoreshwa kandi mu majambo y'ubucuti mu kwerekana umugwi w'abavyeyi badasangiye ibitsina

  • fratogefratoj = mushiki (bashiki) na musaza (basaza)
  • filogefiloj =umuhungu (abahungu) n'umukobwa (abakobwa)

GE nayo nyene rimwe na rimwe ikunda gukoreshwa mu kwerekana ko hari abantu babiri b'ibitsina bitandukanye mu mugwi umwe.

  • knabogeknaboj = abahungun'abakobwa
  • lernantogelernantoj = abanyeshure b'abakobwa n'abanyeshure b'abahungu
  • doktorogedoktoroj = abaganga b'abagabo n'abaganga b'abagore

Mu gihe ijambo ataco rijana, ntibongerako GE, kiretse mu gihe dushaka kwerekana ko ivyo bitsina bibiri vyaserutse. Mu bisanzwe dutegerezwa kuvuga lernantoj canke doktoroj.

GE iseruka rimwe na rimwe imberey'ikintu kidashobora kuronka igitsina. Muri ico gihe, ijambo ririmwo GE- ryerekana ko ikintu bariko bavuga cerekeye ibitsina bibiri, bigatandukanira ku bintu vyo gufyina. Amajambo benayo si meza kandi kandi ntidushobora kuyakoresha: ishure rirko abahungu n'abakobwa.

Note: Mu bisanzwe, amahambo arimwo GE afise agasozo O k'izina tuyasanga ari muri bwinshi gusa, kuko hategerezwa kuba abantu babiri kugira ngo ivyo bitsina bibiri bibeho. Ariko kenshi turashobora kwagura insiguro ya GE mu nsiguro bihakwa gusa "igitsina ico arico cose muri ivyo bibiri". Dushobora rero gusangamwo amajambo nka gepatro = "se canke nyina", geedzo = "umugabo canke umugore".

MAL

MAL = «iciyumviro gitandukanye». MAL ishobora gukoreshwa mu majambo afise ibihushane gusa.

  • bonamalbona = kibi
  • grandamalgranda = gito
  • feliĉamalfeliĉa = kigowe
  • laboremamallaborema = ata kamaro gifise
  • grasograsamalgrasa = kidatanga ibinure
  • plimalpli = bike
  • tromaltro = atari vyinshi
  • fermimalfermi = kwugurura
  • amimalami kwanka
  • ŝlosimalŝlosi = kwugurura
  • Kuvamwo (mu mugwi)
  • kodokodimalkodi = gukuramwo kode, kwugurura ukoresheje ibiharuro
  • antaŭmalantaŭ = inyuma
  • supremalsupre = munsi
  • simetriomalsimetrio = bidahwanye
  • amikomalamiko = umwansi
  • lumomallumo = umwijima
  • malo = le contraire; male = au contrairemu bihushanye

Turashobora rimwe na rimwe gukekereza hagati ya MAL na ne. Ne yerekana ukutahaba, ikibuze, c'ikintu ariko MAL yerekana igihushane c'ivyo vyose. Rimwe na rimwe, dushobora gukoresha izo zose uko ari zibiri mugabo zifise insiguro zidasa. Ubundi nabwo ubutandukane ni ubudasa gusa. MAL ikoreshwa kandi nka ne ikaze gose,

  • laŭdi = gutazira, kuvuga umuntu canke ikintu neza, kuvuga ivyiza
  • ne laŭdi = kutaninahaza, kutavuga ivyiza ku muntu canke ku kintu
  • mallaŭdi = kwagiriza, kuvuga umuntu nabi
  • ne mallaŭdi = kutagiriza, kutavuga umuntu nabi
  • amiko = umugenzi umwe
  • neamiko = umuntu atari umugenzi
  • malamiko = umwansi

MIS

MIS = « ukwihenda, agakosa ». MIS yama yerekana ukugene canke canke ubwiza bw'igikurikira .

  • kalkulimiskalkuli = kwihenda mu biharuro
  • komprenimiskompreni = gutahura nabi
  • skribimisskribi = kwihenda mu nyandiko
  • korektimiskorekti = kwihenda uriko ugeregeza gukosora
  • uzimisuzi = gukoresha ikintu nabi
  • traktimistrakti = gufata nabi
  • faromisfaro = igikorwa kibi
  • formomisformo = inyubako irimwo ukwihenda
  • formimisformi = guhindura inyubako

Ntimwitiranye MIS na MAL. MIS ntihindura insiguro ya mbere y'ijambo, ariko yongerako iciyumviro kitari kujamwo canke kitabikwiye. MAL ihindura iciyumviro cose c'ijambo rigahinduka igihushane :

  • laŭdi = gutazira, kuvuga neza
  • mislaŭdi = kuninahaza wihenda, kubuga neza umuntu atari vyo, dire du bien à tort
  • mallaŭdi =kwagiriza, kuvuga umuntu nabi
  • mismallaŭdi = kwagiriza umuntu ibitari vyo, kubeshera umuntu ibitari vyo

PRA

PRA = « kera, ica kera». PRA yerekana ko ikigikurikira kiri kure cane mu gihe :

  • homoprahomo = umuntu wa kera mu myaka ya mbere y'ukubaho
  • arbaropraarbaro = ishamba rya kera, ishamba rishasha
  • tempopratempo = ibihe vya kera, vyo mu myaka ya kera
  • antaŭlastapraantaŭlasta = kera cane (imbere y'imbere y'ubwa nyuma)

Mu mazina y'ubucuti av(in)o, nep(in)o, onkl(in)o, nev(in)o et kuz(in)o PRA yerekana ubucuti bwa kure bw'urunganwe (rw'imbere canke rw'inyuma).

  • avovia praavo = se wa segekuru wawe.
  • avovia prapraavo = se wa sogokuruza wawe
  • avovia praprapraavo = se wa se wa sogokuruza wawe.
  • nepovia pranepo = umuhungu w'umwe mu buzukuru wawe.
  • nepovia prapranepo = umwuzukuru w'umwe mu buzukuru bawe.
  • onklovia praonklo = inarume wa so (canke nyoko)
  • nevovia pranevo = umuhungu w'umwishwa wawe
  • kuzovia prakuzo = umuhungu w'umuvyara (umuvyara) wa so canke wa nyoko.

Ku majambo y'ubucuti, patr(in)o na fil(in)o PRA yerekana ubucuti bwa kure y'urukurikirane rw'imiryango ya mbere canke ya nyuma.

  • patroprapatro = umuvyeyi wa kure bakomokako, uwatanguje abaho canke atabaho ubwoko bw'abantu ubwa mbere,
  • filoprafilo = umuvyeyi w'umugabo wa kureava ku wundi muntu

Bakoresha mu bisanzwe prapatroj na prafiloj (n'agasozo -J) ku bakomoka n'uruvyaro rwa muntu, rimwe na rimwe bataravye igitsina.

Mu mazina y'ubucuti PRA isihobora kujana n'utujambo BO na GE.

RE

RE = « kuza canke kwiongera gushira mu kibanza kimwe nk'ica mbere, gusubira gukora canke guhinduka ugasubira kuba nka kare, kuba nkuko wahora ». RE ikoreshwa iri kumwe n'amavuga y'igikorwa gusakandi yegukira igikorwa iminsi yose.

  • venireveni = kugaruka mu kibanza wari urimwo
  • doniredoni = gusubiza ikintu nyene co
  • brilorebrilo = umuco uca ibibatsi
  • bonigirebonigi = gusubira guteza imbere ikintu cari cononekaye
  • saniĝiresaniĝi = gukira indwara wahora ugwaye
  • dirirediri = gusubiramwo ikintu, kuvuga mu nyishu
  • troviretrovi = gutora ico wari watakaje
  • konirekoni = kubona ikintu ugaca ucibuka, kwibuka, kumenya, akamaro k'ikintu
  • turnireturni = gusubira mu merekezo wamyemwo (ahushanye)
  • ree = kandi, rimwe rindi

Amajambo amwe amwe arimwo RE- yabonetse kubw'indimi nyinshi akaba kandi afise insiguro itameze neza. Nk'akarorero reprezenti ntisigura mu bisanzwe «gusubira kudondora ». Ariko «kuvuga mu kibanza c'umuntu, mw'izina ryiwe». Resumi si «re-sumi», mais «kuvuga ibikenewe». Ayo majambo hamwe n'ayandi ubu afashwe nk'amajambo y'urunani ariko y'amatsitso adakomotse ku yandi majambo: REPREZENT- na RESUM-. Returni hamwe na returna na returne nazo nyene zakoreshwa kera muri «gusubira inyuma» (gusubira kugenda). Ubu bazikoresha mu kuvuga «gusubira kuzungurutsa» gusa.

Subira ku ntango