Ku rupapuro rw'ibirimwo

Esperanto ni iki?

Rurabereye mw'itumanako mpuzamakungu.

Esperanto?

"Iciyumviro nyamukuru ca Esperanto ni uko: ku mushinge w'ururimi ataho ruhangamiye haveho ibihome mu bantu kandi abantu bigishwe ku buryo abantu bose bobona abandi ko ari abantu gusa n'abavukanyi"

L.L.Zamenhof, 1912

Uru rurimi rwatangujwe na Ludwid Lazar Zamenhof, we yashizeho indimburo yisunze indimi z'i buraya zifise ihindagurika nkeya cane. Amajambo mashasha ahagaze cane cane ku kiratini naho naco nyene gifise amajambo yo mu kijerumani n'ayandi makeya yo mu zindi ndimi. Uru rurimi rushasha, igitabo cambere casohotse mu 1887, rwararonse umuryango w'abaruvuga ruca rutangura gutera imbere mu mugwi w;abantu barukoresheje mu bice bitandukanye vy'ubuzima haca habaho n'amayagwa yarwo. Inyuma y'ibinjana bibiri, hari hamaze kuvuka abana bambere bavutse bavuga Esperanto nk'ururimi kavukire n'abavyeyi babo, abo bari imvukira zambere mu kiesperanto. Ni co gituma twovuga ko ari ururimi rwatangujwe ubwambere mw'itumanako mpuzamakungu, mu nyuma rwaragutse ubu ni ururimi rw'umuryango wa diaspora y'abaesperantiste.

Rwubakiye ku majambo aturuka mu ndimi z'iburaya no mu buhindi, ariko ni mu ntumbero yo ku rwiga vyoroshe. Kubw'ivyo indimburo iravanze, irimwo indimi za muri Tirkiya na Finno-ougranes hanyuma ugiye ibwina imeze ukwayo nk'igishinwa n'ikiviyetinamu. Ivyo bisobanura ko uduce tw'amajambo dushobora gukoreshwa nk'amajambo yirebanga. Rufise indimburo yubahiriza amategeko kandi rutuma uronka ayandi majambo menshi ushize hamwe amatsitso hamwe n'ingobotozo n'indobeko zingana hafi mirongo ine (akarorero: dufise itsitso san- , birashoboka kuronka amajambo nka malsana , malsanulo , gemalsanuloj , malsanulejo , sanigilo , saniĝinto , sanigejo , malsaneto , malsanego , malsanegulo , sanstato , sansento , sanlimo , malsankaŭzanto kontraŭmalsanterapio ...). Uduce tw'amajambo nyamukuru (amazina, amavuga, intumbuzi) dufise udusozo tuyaranga igihe cose. Amategeko yarwo aca atuma rworoha kwiga, n'ukwo kuntu ushobora kuronka ayandi majambo bituma ruba ururimi rwambere ruguha amajambo menshi atagira imbibe. Ushobora kwama ushikiriza ivyiyumviro bishasha canke ukuntu umeze. Akarorero, ushobora kwandika inkuru ugashiramwo ububeshi ukavyita tablo , tablino , tablido ... Ushobora kwiyumvira umuntu atambuka inyuma inversmarŝanto , ivyokoreshwa mu kugwanya ikinyoma maldogmigilo , n'ibindi.

Ibiranga bikuru bikuru vy;ikiesperanto

Iciyumbiro gikuru ca Esperanto ni ugushigikira ukwihanganirana no kwubahirizanya mu bantu aba n'abandi bo mu mahanga n'imigenzo itandukanye. Kuyaga ni ikintu ntahara kugira bumvikane kandi mu gihe bayaga bakoresha ururimi ataho ruhengamiye ivyo bishobora gutuma biyumva ko "bahuye" mu bihe bimwe bingana n'ukwubahirizanya.

Mpuzamakungu

Esperanto ahanini ifasha kuyaga mu bantu bo mu bihugu bitandukanye mu gihe badafise ururimi rumwe kavukire.

Ataho gihengamiye

Nticegukira abanyagihugu kanaka canke iguhu kubw'ivyo kimeze nk'aho ataho ruhengamiye.

rw'ukunganya

Igihe ukoresha Esperanto wiyumvamwo ukngana ku vyerekeye indimi ugereranije, nk'akarorero, no kuyaga icongereza n'umuntu yakivukiyemwo.

vyoroshe bivanye

Kubw'ukuntu rukozwe mu bisanzwe ruroroshe kurumenya ugereranije n'urundi rurimi rw'amahanga.

rubaho

Esperanto itera imbere kandi ibaho nk'izindi ndimi kandi kubwa yo birashoboka kwerekana uko ubona ivyiyumviro n'ukuntu biyumva.

rubereye

Abiga Esperanto bose bafise amahirwe yo gushika ku rugero runini rwayo hanyuma ku vyiyumviro vy'indimi, ku rugero rumwe ukayaga n'abandi utisunze inyubako y'ururimi.

akahise

  • 1878

    Inyandiko zambere za Esperanto, Zamenhof yise Lingwe Uniwersala, zaratunganye. Birumvikana ko ziyandukanye na Esperanto ya kino gihe.

  • 1887

    Zamenhof, afashijwe n'umugore wiwe, asohora Igitabo cambere, kirimwo intangamarara ya Esperanto ya none.

  • 1889

    Ikinyamakuru cambere, La Esperantisto, casokeye i Nurenberg, n'umugwi wambere wa Esperanto urashingwa.

  • 1905

    Inama rukokoma yambere ya Boulogne-sur-Mer abayitavye ni abantu 688.
    Umushinge wa Esperanto urashingwa.

  • 1908

    Ishirahamwe rikuru rya Esperanto UEA rirashingwa.

  • 1954

    Unesco itanguza imigenderanire na UEA. Amasezerano yambere na Unesco.

  • 1985

    Amasezerano yakabiri ya Unesco. Unesco ihamagarira ibihugu biri muri ONU gushira Esperanto mu maporogarame yo mu mashure.

  • 1987

    Abantu 6000 bitaba inama rukokoma ya 72 yo muri Varsovie mu gihe Esperanto yari imaze imyaka ijana.

  • 2002

    lernu! urubuga runini rwa gusa rwo kwigirako Esperanto, rwarashizweho.

  • 2008

    Ubwoko bwa Wikipedia ya Esperanto, enciclopedie nini yo kuri interenete, ishikana article 100.000.

  • 2009

    Birashoboka ko ukora ibibazo mpuzamakungu vya Esperanto ku ngero zitatu (B1, B2, C1) ku bumenyi bune nshingiro: gusoma no kwumva ugatahura, kwandika hamwe no kuvuga hisunzwe indinganizo rusangi y'iburaya.

  • 2012

    Google Translate yongerako Esperanto nk'ururimi rugira 64.

  • 2015

    Duolingo yazanye icigwa ca Esperanto ku bavuga icongereza.

  • 2016

    Haje iyindi lernu! nshasha.

Esperanto ni...

  • Igice 1

    Esperanto ni ururimi rubereye kuri vyose.

  • Igice 2

    Esperanto ni ururimi rufise ibiruranga vyinshi.

  • Igice 3

    Esperanto ni ururimi rukoreshwa mu buryo bwinshi.

  • Igice 4a

    Esperanto ni ururimi rwigika kandi rukwiye kwigwa.

  • Igice 4b

    Esperanto ni ururimi rwigika kandi rukwiye kwigwa.

  • Igice 5

    Esperanto ni ururimi rufise umuhari utunganije.

  • Igice 6

    Esperanto ni ururimi rwa kazoza.

Indimburo

Indome

Ehe indome z'ikiesperanto. Indome zose zivugwa kumwe kandi uzivuga wisunze amategeko. Fyonda ku karorero kugira wumve uko bavuga!

  • Aa ami gukunda
  • Bb bela mwiza (ubwiza bwo ku mutima)
  • Cc celo intumbero
  • Ĉĉ ĉokolado cokola
  • Dd doni guha
  • Ee egala bingana
  • Ff facila coroshe (kitagoye)
  • Gg granda kinini
  • Ĝĝ ĝui kuryoherwa
  • Hh horo isaha
  • Ĥĥ ĥoro umugwi w'abaririmvyi
  • Ii infano umwana
  • Jj juna muto
  • Ĵĵ ĵurnalo ikinyamakuru
  • Kk kafo ikawa
  • Ll lando igihugu
  • Mm maro ikiyaga kinini
  • Nn nokto ijoro
  • Oo oro inzahabu
  • Pp paco amahoro
  • Rr rapida kinyaruka
  • Ss salti gusimba
  • Ŝŝ ŝipo ubwato bunini (imeri)
  • Tt tago umunsi
  • Uu urbo igisagara
  • Ŭŭ aŭto imodoka
  • Vv vivo ubuzima
  • Zz zebro ingeregere

amazina

Mu kiesperanto amazina yose ahereza na -o. (amazina y'ibintu.)

  • domo inzu
  • libro igitabo

ubwinshi

Mu kwerekana ubwinshi, wongerako gusa -j:

  • domoj amazu
  • libroj ibitabo

ikintu

Muri Esperanto, twerekana karangura nshororokerwa y'iryangane mu kwongerako -n. Ivyo bidufasha guhindagura urutonde rw'ibice vy'iryungane tudahinduye insobanuro. (Karangura nshororokerwa ni igikorerwa igikorwa)

  • La hundo amas la katon Imbwa irakunda akayabu.
  • La kato amas la hundon Akayabu karakunda imbwa.

ingereka canke insigarirazina

ingereka canke insigarirazina mu kiesperanto ziherezwa na -a. (zikoreshwa mu gusobanura neza amazina)

  • alta kirekire
  • bela mwiza (ubwiza bwo ku mutima)

indobeko

Rabe! ishirwako rya mal- ku ntango y'ijambo irihindura igihushane.

  • malalta kigufi
  • malbela kibi canke mubi

Hariho akarorero k'indobeko. Bayishira imbere y'amajambo kugira bagire amajambo mashasha. Mu kiesperanto hari indobeko 10 zitandukanye.

ingobotozo

Hari kandi uburyo bwinshi bwo kugira amajambo mashasha dukoresheje udusozo tudasanzwe. Akarorero, -et- iratuvya ikagabanya ikintu.

  • dometo akazu gato
  • libreto agatabo

-et- ni akarorero k'ingobotozo. Bakoresha ingobotozo mu kugira amajambo mashasha. Mu kiesperanto hari hari ingobotozo 31 zitandukanye.

Amavuga

Amavuga, ni ngirakamaro birumvikana. Ariko uzosanga na yo asanzwe cane mu kiesperanto. (Amavuga yerekana igikorwa canke ukuba)

  • ludi gukina
  • ridi gutwenga

imero y'amavuga

agasozo ka kigenze ni -i. Amavuga yo muri kubu afise agasozo -as, muri kahise ni -is hanyuma muri kazoza ni -os. Nta mavuga dahinduka abaho!

  • mi estas ndi
  • mi estis nari
  • mi estos nzoba
  • vi estas uri (muri)
  • vi estis wari (mwari)
  • vi estos uzoba (muzoba)
  • li estas ari (igitsinagabo)
  • li estis yari (igitsina gabo)
  • li estos azoba
  • ŝi estas ari (igitsinagore)
  • ŝi estis yari (igitsinagore)
  • ŝi estos azoba
  • ĝi estas kiri
  • ĝi estis cari
  • ĝi estos kizoba
  • ni estas turi
  • ni estis twari
  • ni estos tuzoba
  • ili estas bari
  • ili estis bari (muri kahise)
  • ili estos bazoba

intumbuzi

Dukoresheje agasozo -e turaronka intumbuzi. (Intumbuzi zishimangira ku mavuga)

  • silente yihoreye
  • rapide abanguka

Mbega urashaka kwiga ibindi?

Gutangura kwiga

Subira ku ntango