Ku rupapuro rw'ibirimwo

Ibanga ry'umuntu

Kuva ku wa 25 Rusama, itegeko rishasha ry'i burayi ryerekeye gukingira amakuru ku rubuga (RGPD) ryarashizwe mu ngiro. Kuri iyo tariki, twaruguruye urubuga rwacu hanyuma dushira ku gihe amategeko yacu nk'uko iryo tegeko rishasha ribidusaba. Mushobora kwimenyereza muri ayo mategeko mashasha ngaha.

Tubipfurije ikaze kuri lernu! kandi turabashimiye gukoresha site yacu! Tubemereye gukingira ivyo muharangurira, ni naco gituma dushimye kukumenyesha ukungu ukwiye kubibika kurondera no gukoresha iyo site.

Ivyo mwatanze vyashizwe mu ngiro biivanye n'amategeko abikingira (Bundesdatenschutzgesetz, BDSG, Ubudagi) hamwe n'aya mategeko mashasha. Ntibizokwigera ashirwa ahabona canke ngo birungikirwe uyundi muntu.

Twashaka kubamenyesha ku kurungika amakuru kurri Interinete (nk'akarorero ukoresheje emeyiri) birashobora kuba bidakingiwe neza. Ntibishoboka kubuza ko umuntu wundi yamaze kubona amakuru yawe ko yoreka kubiraba.

birabujijwe cane gukoresha amakuru y'uwundi muntu ku rubuga ngurukanabumenyi utabifitiye uruhusha. Ibitemewe n'amategeko mu gihe birungitswe tubikuronsa mu gasandugu kitwa spam

1. Amakuru twegeranije

1.1. Amakuru y'umwe

Murashobora gukoresha ata ngorane urubuga rwacu atangirane mutarinze kwiyandikisha. Mu nyuma, kugira ngo mushobore gukoresha ibisata vyose vy'urubuga, mubanza kwuruza konte yanyu.

Kugira ngo ibisata vyacu vyose bikore, dutegerezwa kwakira ibiranga umuntu igihe yiyandikishije hanyuma tukaraba ko arivyo. ibiranga umuntu kenshi na kenshi ni ibi:

  • Izina rya nyene konte
  • imeyiri
  • igiharuro kabanga

Imeyiri yawe hamwe n'igiharuro kabanga cawe ntibizokwigera bibonwa n'abandi. Ayo makuru ntiyigera atangwa canke ngo bayavuge ku bandi bantu.

Amakuru akurikira ashobora kubonwa n'abandi:

  • Itariki yo kwiyandikishiriza ko
  • Itariki yanyuma uheruka ku rubuga
  • Ururimi ukoresha ku rubuga.

amakuru yawe ku vyo wanditse birashobora kubikwa, nk'akarorero, mu gihe wongwywko inkuru ku bikuranga canke uvuganye n'abarongoye urubuga. Gutanga ayo makuru si itegeko.

Inkuru mutanze zizobonwa na bose mu gihe muzishize mu bikurnanga, kndi bisabwa n'urubuga.

  • Izina
  • Itariki y'amavuko
  • Igitsina
  • Igihugu
  • Ville
  • Umwidondoro
  • Ifoto
  • ibisata vyerekeye imbuga ngurukanabumenyi
  • Indimi zivugwa

Urashobora guhagarika amakuru yawe umwanya wose ubishakiyeko.

urubuga rwerekana ibintu vyinshi vyo g ukora: ivyigwa, imyimenyerezo, urutonde rw'insiguro y'amajambo, ibibazo, n'ibindi. tubika ku rubuga amakuru ajanye n'indimi y'abakoresha urubuga nk'akarorero ivyigwa vyizwe, amajambo, ibibazo, n'ibindi. igituma tubika ivyo bintu ni ukugirango dufashe abakoresha urwo rubuga kumenya ururimi, nk'akarorero mu kwerekana iyo ivyigwa vyazananye, gutanga impanuro mu vyerekeye kubandanya ivyigwa canke uko abakoresha urubuga batera imbere. Nyinshi muri ayo makuru arabonwa n'abandi bakoresha urubuga ngurukanabumenyi, nk'akarorero kwerekana ivyegerenijwe.

nk'uwukoresha urubuga yiyandikishije, murashobora kurungikira ubutumwa abandi basanzwe bariyandikishije. ubwo butumwa hagati y'abakoresha urubuga burabikwa kandi nta wundi muntu ushobora kububona kitetse nyene bwo gusa. ubwo butumwa bufutwa mu gihe abo bantu barungikiranye babufuse bose. ubutumwa bwa bose buri mu kiganiro ca bose bubikwa umwanya mutoyi kugeza nyene bwo canke uwurongoye urubuga abufuse. ubwo butumwa bugumamwo naho nyene bwo yokwifutisha kuri urwo rubuga. mu gihe muja mu kiganiro ca bose, abandi muri kumwe muri uyo murwi barabibona.

Tuzorungikira abakoresha urubuga rwacu ubutumwa bivanye n'imvo zitandukanye, nk'akarorero mu kwemeza iyandikwa canke kumenyesha ko yaronse ubutumwa. ubutumwa burungitswe n'urubuga burabikwa. ubutumwa bufashwe nk'amakete y'ubudandaji ntiyigera afutwa gushika ikiringo cayo giheze. Urubuga rurabika kandi ubutumwa butarungitswe kugira ngo rubaze nyenebwo ko ashaka gusubira kuburungika. v yongeye ubutumwa bwarungitswe burimwo amashusho yerekana ko bwasomwe canke ko butasomwe, ivyo bikorwa ku buryo atawubimenya. ivyo biba kandi mu gihe ufyonze kuri lernu.net. ubutumwa bwacu burashobora kujamwo amakuru yerekeranye n'ivyo dukora (infolettre). murashobora gucagura kutazosubira kuronka ayo makuru kuri aderese yanyu (1). infolettre yose ya (lernu) ifise ikiyifasha irungikwa ry'ayandi makete.

1.2. amakuru yo kuja ku rubuga

mu gihe muri ku rubuga rwacu canke muriko muraba ivyo mwabitse, (nk'akarorero ico mwakoresheje mu kuja ku rubuga canke amasaha n'amatariki mwagiriyeko). si amakuru mwisangije, bisobanura ko tudashobora kuyitirira umuntu umwe gusa canke ngo ayabone ari umwe.

mu gihe muri ku rubuga rwacu canke muriko muraba ivyo mwabitse, (nk'akarorero ico mwakoresheje mu kuja ku rubuga canke amasaha n'amatariki mwagiriyeko). si amakuru mwisangije, bisobanura ko tudashobora kuyitirira umuntu umwe gusa canke ngo ayabone ari umwe.

1.3. koki

koki ni utuntu dutoyi tuja mu mashini mu gihe mugiye ku ribiga ngurukanabumenyi kugira ngo mushobore kuronka amakuru yose mukeneye.

uru rubuga rukoresha ubwoko bubiri bwa koki:

  • Koki zitamaho: kugira ngo tworoshe igikorwa co kuja ku rubuga, dukoresha amakoki. Ayo makoki abika inimero itangwa rimwe na rimwe yitwa « ID de session » hanyuma igahera uvuye ku rubuga.
  • koki zitamaho: zifasha kubika emeyiri yawe n'igiharuro kabanga cawe mu mashini nyabwonko yawe nk'ibiharuro. Mu gutora igikorwa ca "kunyibuka" mu gihe usubiye ku rubuga urashobora kubika iyo koki ikazogufasha kuguma ku murongo buri gihe winjiye ku rubuga. Iyo koki ivamwo haheze iminsi mirongo itatu, ariko urashobora kandi kuyikuramwo mu gihe uvuye ku murongo.

Koki zamaho co kimwe n'izi zitamaho zikoreshwa mu kubika amakuru nk'uko nyeneyo abishaka, nko gutora ururimi, n'ibindi. Ivyo bifasha gukoresha neza urubuga.

murashobora guhagarika ikoreshwa ry'ama koki ku rurwo rubuga gusa canke ku mbuga zose z'umashini yanyu. Muzobona amakuru bijanye mu mashini yanyu. Mu gihe muhagaritse ama koki, ibikorwa vyinshi vy'urubuga ntibibandanya bikoreshwav nk'uko twavyibaza, nk'akarorero, kuja ku rubuga binyaruka.

1.4. Gugere anaritike

urubuga gugere anaritike, uifasha urubuga Google Inc. (1600 Amphitheatre Parkway, Mountain View, CA 94043, USA ; « Google »). Gugere anaritike ikoresha ama koki, ni ukuvuga ko fishiye zibikwa mu mashini nyabwonko yawe kugira ngo barabe urugero zikoreshwa ko.

Amakuru atanzwe n'ama koki yagenewe imashine nyabwonko aca atangwa mu bufasha bwa gugere buri muri Reta zunze ubumwe zica zinabikwayo. kubera ko twemeje ukutaboneka kwa aderese IP, aderese IP yanyu ibitswe na Gugere izoca irungikwa mu ri Reta zigize Ubumwe bw'iburayi canke mu barongoye ikirere b'i burayi.

Aderese IP ntizorungikwa muri Google iri murii Reta zunze ubumwe za Amerika ku buryo buhanitse. Google izokoresha ayo makuru mu gishira ku rutonde urwo rubuga, mu kutwereka ivyerekeye ibikorwa kuri urwo rubuga canke ayandi maseruvisi afatanye n'itangazamakuru rya Google.

Murashobora kwanka ikoreshwa ryama koki ku mashine yanyu, muri ico gihe, turabagabisha ko mudashobora gukoresha ibisata vyose vya runo rubuga. murashobora kandi kubuza amakurur yatanzwe n'ama koki yerekeranye ikoreshwa ry'urubuga (harimwo na aderese IP) zorungikwa kuri Google canke ngo izihindure mu kushira mu mashine yawe ubu bushobozi.

1.5. Gugere Adsense

uru rubuga rukoresha Google Adsense seruvise ishobora gishiramwo ihayanishwa rya Google Inc. (1600 Amphitheatre Parkway, Mountain View, CA 94043, États-Unis ; « Google »).Google Adsense ikoresha ama koki kugira ngo imenye abanywanyi bayo. Hejuru y'ivyo, Google Adsense irakoresha udushushanyo dutoduto tutaboneka neza dufasha kubika amakuru mu gihe ugiye ku rubuga. amakuru n'amashusho yegeranijw n'ama koki aca abikwa mubuhinga bwa Google buri muri Reta zunze ubumwekugira ngo barabe uko ameze hamwe n'ikoreshwa ry'urubuga. Vyongeye, Google nticanga aderese yanyu IP hamwe n'ivyatanzwe biberekeye.

Murashobora kwanka gukoresha koki ukoresheje imashine canke ikindi kintu cose ukoresha mu kuja ku rubuga. muri ico gihe, imbuga zimwe zimwe zirashobora kudakora neza. mu gikoresha urwo rubuga, mutegerezwa kugira ku mategeko yatanzwe aha hejuru.

2. Ugukoresha imbuga za bose

2.1. Ikoreshwa rya Facebook n'amategeko ayiranga

Uru rubuga rukoresha ubuhinga bwo hanze ya Facebook (1601 South California Avenue, Palo Alto, CA 94304, États-Unis) mushobora kumenya mukoresheje logo ya Facebook canke mufyonze kuri ibi bikurikira biri kuri urwo rubuga « Like » (« J’aime ») na « Share » (« Partager ») Muzosanga ikoreshwa rijanye na vyo kuri uru rubuga rwa Facebook. (1)

mu gihe muri ku rubuga, hariho ivyuma bica bifatanya ico uriko ukoresha hamwe n'ivyuma vya Facebook, bigatuma ivyo uriko ukora bikunda kubera aderese IP yawe yakoreshejwe mu gushika ku rubuga rwacu. mu gihe mwamaze kuja ku rubuga, fyonda « Like » canke « Share », murashobora gufatanya urubuga rwacu hamwe n'ikonti yawe. Aha twobamenyesha ko tutigera tubona ikintu na kimwe kijanye n'amakuru yawe yo kuri Facebook hamwe n'ukuntu iyikoresha. kugirango umenye vyinshi, raba ikoreshwa rijanye na Facebook. (1)

nimba mudashaka ko Facebook ishobora gufatanya kuja ku rubuga rwayo hamwe na konti rwanyu, ugara konti yanyu ya Facebook.

2.2. Ikoreshwa rya Twitter n'amategeko ayiranga

uru rubuga rukoresha amategeko ya Twitter yatanzwe na Twitter Inc. (1355 Market St, Suite 900, San Francisco, CA 94103, États-Unis). uru rubuga rufatanije konte yanyu ya Twitter hamwe n'ikoreshwa rya Twitter na cane cane mu bikorwa « re-tweet ». uru rubuga rubonwa kandi n'abandi bose bakoresha Twitter. kubw'izo mvo, amakuru utanze aja kuri Twitter. Reka tubamenyeshe ko tudashobora kumenya ibiri mu makuru arungitswe kuri Twitter canke ico ashobora gukorerwa., kugira ngo mumenye vyinshi, raba amategeko ngenderwako ya Twitter.

Murashobora guhindura ivyo mukunda kuri Twitter bivanye n'ivyo mushaka kuri adresse yanyu (1)

2.3. Kwemererwa gukoresha amategeko ya Google +

Mufashijwe n'akadomo Google +1, urashobora gutanga amakuru kw'isi yose. Hamwe na Google +1, mwebwe n'abandi bakoresha Google mushobora kuronka amakuru ya Google hamwe n'izindi mbuga bikorana abagenewe.mufyonze kuri Google +1, Google izobika amakuru yose mwatanze aberekeye hamwe n'ayerekeye urwo rubuga. +1 ishobora kuja hamwe n'izina ryawe, ifoto nayo ikuranga muvyo google ikora nk'ivyo wamye urondera canke ikonti yawe ya google canke azindi mbuga zikoraana na Googlev ku rubuga ngurukana bumrnyi. Gogle ibika amakuru muri +1 kugira ngo ibateze imbere yongere iteze imbere n'abandi. kugira ngo ukoreshe Google +1, mutegerezwa kuba mufise ikonti iboneka kandi izwi na bose mbere irimwo n'izina rikoreshwa kw'ikonti yanyu.iryo zina rikoreshwa mu bikorwa vyose vya google, kenshi,iryo zina rirashobora gusubiriraizina mwakoresheje mu gutanga amakuru mu yindi konte ya google. ibiranga konti yanyu ya google birabonwa n'abandi bose bazi imeyiri yawecanke ibindi bintu bikuranga.

Hejuru y'ivyo, amakuru yanyu azokurikizwa bivanye n'amategeko agenga Google. Google irakunda guhanahana amakuru y'ivyakorewe kur iyo ava kubayikoresha aja mubakorana na yo nk'abanditsi, abatanga amakuru canke izindi mbuga bikorana.

3. indome ntonto

3.1. Uru rubuga rwemerewe abantu barenza imyaka 18. Ugukoresha uru rubuga n'abantu bakiri bato bitegerezwa gukorwa n'uruhusha ruvuye ku barongozi b'uru rubuga imbere y'amategeko. Iyo badatanze urwo ruhusha, duca dutegerezwa gufuta amakuru aba yatanzwe n'abo bakiri bato. Abavyeyi n'abarezi nibo bajejwe kugungera ubuzima bw'ababa babo.

4. Amakuru, uguhindura ikintu, kugomera canke gufuta ivyatanzwe.

4.1. Amakuru kuvyatanzwe vyabitswe.

Nk'umukoreesha w'uru rubuga, murafise uburenganzira bwo kuronka bidatevye amakuru kuvyo watanze bibitse kandi bikwerekeye. Nimwandikire teamo@lernu.net. Kugira ngo dushobore kubaha amakuru akurikira, kugira ngo dushobore kubamenya : iyina ukoresha, izina n'iritazirano, izina ry'umwigeme akiri mutoyi, emeyiri n'itariki y'amavuko.

4.2. Ugukosora ivyatanzwe

Nk'umukoresha wa runo rubuga, murafise uburenganzira bwo gusaba umwanya wose mushatse guhindura ibiberekeye mwatanze bidatomoye vyabitswe kuri runo rubuga. Icorodhe cane nuko mwebwe nyene arimwebwe mwovyihindurira. Ibiranga umuntu bishobora guhindurirwa ku rubuga https://lernu.net/rn/uzanto/agordoj.

4.3. Ukugomera n'ugufuta ivyatanzwe

Mu gufuta ibiberekeye, turakeneye amakuru akurikira kugira ngo tumenye ko ari mwebwe : izina ukoresha, izina n'iritazirano, izina ry'umwigeme akiri mutoyi, emeyiri n'itariki y'amavuko. Turungikire ubutumwa kuri iyi emayiri  : teamo@lernu.net. Mu gihe wasavye gufuta ibikwerekeye bikatunanira bivanye n'imvo z'amategeko, ibidahuye n'ivyo watanze ubwa mbere, ubudandaji canke amakori, ibiberekeye bizoca vyugarwa mu kibanza co gufudika.

5. Uguhindura ikintu

Ayo mategeko arashobora guhindagurika ku mwanya ku mwanya, ariko uburenganzira bwatanzwe kuri uru rubuga ntizokwimurirwa ahandi. Ihinduka ryose ryerekeye amategeko rizomenyeshwa ku rubuga. Mu gihe hazoba habaye ihinduka ry'ibintu vyinshi mu mategeko, umukoreha w'uru rubuga azobimenyeshwa (mu kuronka ubutumwa hakoreshejwe imeyiri mu gihe bizoba bikenewe)

6. Ukwemeza ikiringo mu kidagi

Turabagabishije ko, mu gihe mufise amakenga, ari ikiringo c'ururimi rw'ikidagi wrw'amategeko ruzobitumenyesha.

7. inomero yo guhamagara

Turashima cane ukuntu abakoresha uru rubuga batwizera. Kubera iyo mvo, {lernu} yama yuguruye buri mwanya kugira ngo yishure ibibazo vyerekeye ukuntu mukoresha amakuru aberekeye. Iyo mufise ibibazo amategeko adashobora kwishura ko, canke mu gihe mushaka kumenya vyinshi kuri kimwe muvyo twavuze aho hejuru, murashobora kutwandikira kuri iyi aderese : teamo@lernu.net.

Uguhindura bushasha kwa nyuma;: 1 Rusama 2016

Subira ku ntango