Ku rupapuro rw'ibirimwo

Amajambo aherezwa na 1}I, AS, IS, OS, US na U ni amavuga. Irivuga rihura n'igikorwa canke inyubako kanaka.

  • Irivuga rihadikirije ni irivuga rifise agasozo kamwe muri ubu:AS, IS, OS, US canke U. Iryo rivuga ni ryo shimikiro mu iryungane.
  • Irivuga ridahadikirije ni irivuga riherezwa na -i. Irivuga nkiryo nta gikorwa shimikiro riba rifise, ariko rirashoboye kuba rifise ibindi bikorwa mu ryungane.

Amavuga ahadikirije.

Hari ubwoko butatu bw'amavuga ahadikirije:

Nyemezi

Nyemezi ni umuvugire ukora ku bikorwa canke ku bintu vy'ukuri kandi bikorwa. Muri nyemezi, harimwo imyanya itatu: : kubu, kahise na kazoza.

Kubu : agasozo -AS

irivuga riri muri kubu, riherezwa na -AS, ryerekana ko igikorwa bavuga gikorwa kandi ko ari co, ko catanguye ariko ko kitarahera. Gasigura ko igikorwa canke ukuntu ikintu kimeze biba mu mwanya bariko baravuga, canke ko kiba mu bisanzwe, canke ko ico bavuga cama ari ic'ukuri.

  • laboras = Igikorwa co "gukora" catanguye ariko ntikirahera
  • estas = "ukubaho" vyaratanguye ariko ntibirahera.
  • Mi sidas sur seĝo. - Nicaye ku nyegamo

    Igikorwa co kwicara kirabaho kandi kiriko kiraba.

  • Mi estas advokato. - Ndi umushingwamanza.

    Umwuga ni uwubu.

  • Kvar kaj dek ok faras dudek du. - Bine ushizeko cumi n'umunani bigira mirongo ibiri na bibiri.

    Ivyo vyama vyabaye imisi yose.

  • Nun mi legas. - Ubu ndasoma.

    Ntankeka ubu ugusoma kwatanguye.

  • Hodiaŭ mi studas Esperanton. - Uno musi ndiga iki Espéranto.

    Sindiko ndiga muri uyu mwanya ndiko ndabivuga, ariko natanguye uno muri kandi sindaheza.

  • En la vintro oni hejtas la fornojn. - Mu rushana, barakiriza ibikarayi.

    Ivyo biba imisi yose mu rushana, haba muri kahise canke muri kazoza.

  • Mi loĝas ĉi tie tri jarojn. - Mbaye ngaha imyaka itatu.

    Ico kigize imyaka itatu vyo bibaye kandi bizokwongera kuba.

Akenshi bakoresha umwanya wa kubu mu kwigana inkuru, kugirando batange inkuru y'ubuzima kanaka ku vyo bavuze.

  • Ne suspektante ion li iradis tra la arbaro. Subite eksonas pafo. - Ntimwireshangishwe na kimwe, yagenda agana ishamba. Ubwo nyene umucanwa uramuhagarika.

    Mu mwanya wa mbere, uwigana akoresha kahise mu kwigana ivyabaye, ariko kandi arahindura kubera kubu, kugirango uwusoma canke uwumviriza afise iciyumviro co kuba icabona c'igikorwa, nkuko ashoboye kwumva umucanwa.

Kahise, agasozo - IS

Irivuga muri kahise, riherezwa na -IS, ryerekana ukujri kw'igikorwa canke ukuntu ikintu kimeze, ariko kugishira imberey'umwanya igihe bariko bavuga. Mubisanzwe, ico gikorwa canke ico kintu ukuntu kimeze kiza camaze guhera.

  • laboris = igikorwa gukora cabaye kare.
  • estis = ico kuba cabaye hanyuma.
  • Mi sidis tiam sur seĝo. - Rero nari nicaye ku ntebe.

    Ico kuba nicaye cabaye muri kahise.

  • Mi estis knabo. - Nari umuhungu.

    Ico kuba umuhungu kwari ukuri muri kahise.

  • Hieraŭ mi renkontis vian filon, kaj li ĝentile salutis min. - Ejo hahise narahuye n'umuhungu wanyu, kandi yarandamukije mu rupfasoni.
  • Mi loĝis ĉi tie tri jarojn. - Nabaye ngaha imyaka itatu.

    Ico kuba ngaha imyaka itatu, ariko ntikirigera kiba ico.

Mugihe ugomvye kwerekana ubudasa muri kazoza, urashoboye gukoresha amajambo adasa mu kwongerako, ariko kandi gukoresha inyuako z'amavuga. Ariko akenshi, inyubako isanzwe ya kahise irahagije.

Akenshi turabona inyubako ziri muri -IS zerekana ikintu kigiye gukorwa k'umugaragaro muri kazoza. Iryo koreshwa harimwo ukwihenda. Ni ugukoresha inyubako muri -OS canke, ugomba kudomako neza, estos ...inta. Rero nta gukoresha  : Mi venos al vi, kiam mi finis mian taskon.. Ahubwo ni ukuvuga  : Mi venos al vi, (post) kiam mi finos mian taskon. Canke  : Mi venos al vi, kiam mi estos fininta mian taskon.

Kazoza, agasozo - OS

Irivuga muri kazoza, riherezwa na - OS, yerekana ko igikorwa canke uko ikintu kimeze kitabaho mu mwanya bariko baravuga. Naho igikorwa agiye gukora atakizi neza, kazoza kerekana ko uwo muntu avuga yibaza rero ko mu vyukuri kigiye gusubirizwa.

  • laboros = igikorwa co gukora ntikiratangura, ariko kigiye gutangura vuba.
  • estos = Ico kuba ntikiratangura, ariko kigiye gutangura.
  • Mi sidos poste sur seĝo. - Hanyuma nzoba nicace ku ntebe.

    Ukuntu nza kuba nicaye biza kuba mu mwanya.

  • Mi estos riĉulo. - Nzoba umutunzi

    Kuba umutunzi ni ukuntu bizogenda muri kazoza.

  • Mi rakontos al vi historion. - Nzobatera inkuru.

    Igitito ntikiratangura.

  • Morgaŭ estos dimanĉo. - Ejo hazoba ari ku wa mungu.
  • Mi loĝos ĉi tie tri jarojn. - Aha nzohaba imyaka itatu.

    Urugendo rwanje ntiruratangura, ariko ni rwatangura ruzomara imisi itatu.

Rubwiriza, agasozo -U

Irivuga muri rubwiriza, rifise agasozo -U, ryerekana ko igikogwa canke ikintu kiri atarivyo, ariko bashaka, bipfuza, bagitegetse canke badomyeko. Rubwiriza ntitanga icemeza c'umwanya ku gikorwa, ahubwo igikorwa ubwaco muri rusangi kizoba muri kazoza

  • laboru = igikorwa co gukora kiripfuzwa, kirasabwa, kirategekwa canke kiradomako
  • estu = ukuntu ikintu cipfujwe, gisabwa gitegetswe canke kidomweko
  • Sidu sur seĝo! - Mwicare ku ntebe!

    Itegeko canke gusaba.

  • Estu viro! - Nkakarorero umugabo!

    Itegeko canke gusaba.

  • Ludoviko, donu al mi panon. - Rudoviko, impa umukate.
  • Ni legu la unuan ĉapitron. - Dusome icigwa ca mbere.

    Akajambo ko kwipfuza.

  • Ĉu ni iru al la dancejo? - Turagenda mu butambiro?

    Ibibazo bivanye no gushaka. Insiguro nyayo y'iryungane yubwo bwoko akenshi ivana n'ugusaba kwisoneye. Gereranya ugusaba kwisoneye aho hepfo.

Ku gushaka akenshi harirengagizwa rukozi mu gihe ari insigarirazina vi : Venu tuj! = Vi venu tuj! Ariko ukwo kwirengagiza gushoboka mu ciyumviro kiza ubwa mbere atari mu ciyumviro gikurikira.

Ku gushaka mu mungane yo mu ciyumviro kitaza ubwa mbere gatangurwa na ke

Ugushaka gukoreshwa mu ciyumviro kitaza ubwa mberegatangurwa na ke mu gihe iryungane ngenderwako ryerekana ugushaka, intumbero, icipfuzo, n'ibindi.

  • Mi volas, ke vi laboru. - Ngomba ko ukora.

    Ikintu co gukora kiripfuzwa.

  • Li petas, ke mi estu atenta. - Asaba ko noba uwitonda.
  • Estas necese, ke ni nun unu fojon por ĉiam faru finon al tiu ĉi stato. - Birakenewe ko duheraheza durundu ico kintu.

Gusabana urupfasoni

Mu kwerekana icipfuzo mu rupfasoni hakoreshwa ijambo bonvolu kwongerako irivuga ridahadikirije. Harashoboye no kwongerwako akajambo k'urupfasoni nka mi petas, canke akandi.

  • Bonvolu sidi ĉi tie! = Sidu ĉi tie, mi petas! - Rabe ko mwicara aha! = Icare ngaha, mubishatse!
  • Bonvolu fermi tiun ĉi fenestron! = Fermu la fenestron, mi petas! - Raba ko mwokwugara iryo dirisha! = Ugara iryo dirisha, mubishatse!

Kirazira gukoresha inyubako zibiri za -U. Ntimuvuge : Bonvolu sidu....

Menya : Zimwe zikoreshwa bonvole ...U, nk'akarorero  : Bonvole sidu ĉi tie! Ni ikurakuranwa ryumvikana ariko ntikimenyerewe kandi si ica rusangi.

Rugambiriza: agasozo karimwo -US

Irivuga rikoreshwa muri rugambiriza, rifise agasozo -IS, mu bikorwa canke mu kuntu ikintu kimeze bitabaho, biyumviriye canke vy'ububeshi. Inyubako irimwo -US ntiyerekana umwanya w'igikorwa.

  • laborus = igikorwa « gukora » ntikibaho nico biyumviriye
  • estus = uko kuntu ko« kuba » iciyumviriwe
  • Se mi estus riĉa, mi ne laborus. - Iyo mba nari umutunzi, sianri gukora.

    Ni igikorwa canke uko ikintu kimeze biyumviriye.

  • Se mi estus sana, mi estus feliĉa. - Iyp mba nari nkomeye nari gutekereza.
  • Se mi nur loĝus en palaco! - Iyo mba hoho naba ku kirimba!

    Aho kuba harakenewe ariko sinzi ko bidashoboka kandi ko ari ububeshi.

  • Mi ne farus la eraron, se li antaŭe dirus al mi la veron. - Sinari gukora iryo kosha iyo ambarira ukuri imbere.

    Icarimwe farus na dirus yitanga ibintu vyabaye muri kahise. Mu gihe tubishaka, turashobora kuduza ikintu co muri kahise mu gukoresha inyubako estus dirinta.

Dukoresha kandi rugambiriza mu kuryohora ico dusaba canke iciyumviro.

  • Mi dezirus aĉeti kelkajn aferojn. - Nashaka kugura ibintu bimwe bimwe.

    Ugushaka kuboneka kwavuzwe mu cubahiro ntangere.

  • Ĉu mi povus havi la skribilon? - Noshobora kuronka ikaramu?

    Ico gusaba kigoye ariko gikenewe.

  • Ĉu vi bonvolus paroli iom pli silente? - Woshobora kuduza akajwi kandi?

    Ico gusaba kigoye ariko gikenewe.

Rugambiria ikunda gukoreshwa iri kumwe na se, yerekana itegeko, ariko se ntiyerekana neza rugambiriza. Vose biva ku nsiguro. Mu gihe ari ikintnu biyumviriye, dutegrezwa gukoresha -US, ariko iyo igikorwa canke ukuntu ikintu kimeze ari ivy'ukuri, duca dukoresha nyemezi :

  • Se li estus ĉi tie, li certe mirus pri la malordo. - Iyo aba yari ngaha yari gutangazwa n'uru rudubi.

    Birazwi ko atari ngaha, ariko iyo aba yari ngaha, nawe nyene yari gutangara.

  • Se li estas ĉi tie, li certe miras pri la malordo. - Iyo aba ari ngaha, yotegerejwe gutangara n'urudubi.

    Ntituzi ko ari ngaha, ariko birashoboka. Nimba ariko bimeze, nawe nyene yatangaye.

Mu ndimi zimwe zimwe, rugambiriza ikoreshwa kandi mu kintu camaze gutegurwa. Mu ki esperanto, ivyo vyerekanwa n'inyubako y'urunani;: estis ...onta canke estis ...ota.

Irivuuga ridahadikirije

Amavuga aherezwa na -I yita igikorwa canke ukuntu ikintu kimeze. Ntiyerekana ko ari ikintu co c'ugushaka canke iciyumviriwe. Ntizitanga kandi ibiranga umwanya. Kera bafata irivuga nk'inyubako nshingiro y'irivuga. Nico gituma amavuga yo muri kazinduzi adahadikirije.

Irivuga ridahadikirijwe rikunda kugereranywa n'izina ryerekana igikorwalabori = iciyumviro co gukora igikorwa ; esti = iciyumviro c'ukubaho. Hariho rero ubudasa.

Irivuga ridahadikirijwe rirashobora gukoreshwa muri ryungane rifise igikorwa kimwe n'umurwi w'amazina : rukozi, karangura, karangura y'igenekerezo, n'ibindi. Morti pro la patrujo estas agrable. Malbonaj infanoj amas turmenti bestojn. Kiu kuraĝas rajdi sur leono?

Rimwe na rimwe, Irivuga ridahadikirijwe rirashobora gukurikira n'indingorazina ,: Unu fajrero estas sufiĉa, por eksplodigi pulvon. Muri ico gihe, Irivuga ridahadikirijwe ntiryigera rijako agasozo –N canke -J.

Irivuga ridahadikirije rirashobora gufita karangura, karangura z'igenekerezo, n'izindi nka kurya kw'irivuga rihadikirije. Nico gituma irivuga ridahadikirije ari irivuga ryuzuye.

  • manĝi rapide - Kurya unyarutsa

    Irivuga rifise intumbuzi yabaye karangura y'ukugene

  • poste manĝi - gufungura mu nyuma

    irivuga ridahadikirije rifise karangura yerekana igihe

  • manĝi pomon - gufungura icamwa

    irivuga rifise karangura y'ikintu

Irivuga ridahadikirije rero ntirishobora kuronka rukozi ryisangije. Ntibikunda rero ko tuvuga: mi manĝi, la knabino esti canke izindi mvugo zisa n'izo. Rimwe na rimwe, harabaho rukozi itumvikana neza : le rukozi iboneka.

Amavuga menshi adahadikirije (ariko si yose) ameze nk'imvugo ke zifunyafunyije:

  • Mi ĝojas vin vidi! = Mi ĝojas, ke mi vin vidas! - Ndanezeejwe no kubabona. = Ndanezerejwe ko ndababona!
  • Mi vidis la knabon kuri. = Mi vidis, ke la knabo kuras. - Narabonye umuhungu yiruka. = Narabonye ko umuhungu yariko yiruka.

Irivuga ridahadikirije rikora nka rukozi

Irivuga ridahadikirije rirashobora kuba rukozi mu ryungane mu gihe dushaka kwerekana ukuntu igikorwa cerekanywe n'irivuga ridahadikirije. Kenshi na kenshi irivuga riba riri mu bwoko bwa esti :

  • Resti kun leono estas danĝere. - Ni bibi cane kugumana n'ingwe.

    Ikintu giteranye ubwoba, kibi, ni igikorwa resti kun leono (kugumana n'ingwe). Danĝere ni irivuga rya resti. ritegerezwa gufita inyubako irimwo –E kuko risobanura irivuga.

  • Kritiki estas facile, fari [estas] malfacile. - Gutwengana biroroshe, gukora biragoye.

    Icoroshe, ni igikorwa kritiki. Ikigoye, ni igikorwa fari.

Irivuga ridahadikirijwe rikoreshejwe riri kumwe n'irivuga rihadikirijwe

Irivuga ridahadikirijwe rirakunda gukoreshwa riri kumwe n'irivuga rihadikirijwe ryihekako.

  • Mi povas kuri. - Ndashobora kwiruka
  • Li volis veni. - Yashaka kuza.
  • Ili devis cedi. - Bategerezwa kurekura.
  • En varmega tago mi amas promeni en arbaro....amas promenon... - Ndakunda gutembera mw'ishamba hashushe. = ndakunda ugutembera.....
  • Ŝi komencis senti doloron kaj rigidiĝon.Ŝi komencis sentadon de doloro... - Yatanguye kwumva ububabare n'ugutonekara...
  • Li ŝajnis subite kompreni. = Li ŝajnis subite komprenanta... - Yaboneka nk'uko atahuye ubwo nyene.

    Irivuga ridahadikirije ni karangura y'inshozi li.

  • Nun ili ĉiuj iris dormi. = ...iris por dormi. - Ubwo nyene bose baca bagenda kuryama. = ..... bagiye kugira nga baryame.

    Mu gihe Irivuga ridahadikirije rifise igikorwa ca karangura irimwo por, tugumiza ku ruhnde indongorazina por.

  • Ŝi tuj kuris bati ŝin. = ...kuris por bati ŝin. - Yaciye yiruka ubwo nyene kumukubita.
  • Kaj vi ne hontas fanfaroni per ĉi tio?...hontas pri fanfaronado... - Kandi nta n'isoni ufise ry'ukwihaya muri ivyo?

    Mu gihe Irivuga ridahadikirije rifise igikorwa ca karanura y'igikoresho, ntituba tugikoresha indongorazina pri.

  • Feliĉe mi sukcesis ekbruligi la fajron....sukcesis pri ekbruligado de la fajro. - Imana nagize nuko nashoboye kwatsa umurimo.

Muri ubwo burorero buri hejuru, rukozi nyayo y'Irivuga ridahadikirije ni co kimwe na rukozi rw'irivuga. Ariko kenshi na kenshi, Irivuga ridahadikirije n'irivuga birafita rukozi zidasa.

Amavuga menshi yerekakana igikorwa kigamije kubuza igikorwa c'uyundi muntu (canke c'ikindi kintu). Ayo mavuga ni nkaya: (mal)permesi, ordoni, doni, destini, peti, instrui, instrukcii, devigi, lasi, inviti, voki, sendi, (mal)konsili, komandi, konvinki, persvadi, memorigi kaj (mal)rekomendi. Umuntu canke ikintu casagirijwe kiboneka gifise iryo rivuga ryaserutse nka karangura y'amerekezo irimwo al canke ifise agasozo –N. Mu gihe Irivuga ridahadikirije ryaserutse rifise ubwo bwoko bw'irivuga, rukozi nyayo y'Irivuga ridahadikirije ni umuntu canke ico kintu csagirijwe :

  • Mi malpermesis al li fari tion. - Naramubujije gukora ivyo.

    Rukozi rwa fari ni li.

  • Ili ordonis al mi veni antaŭ la vesperiĝo. - Bantegetse kuza imbere y'uko bwira.

    Rukozi rwa veni ni mi.

  • La reĝo Aĥaŝveroŝ ordonis venigi al li la reĝinon Vaŝti. - Umwami Ahasvérus yategetse kuxana iwe umwamikazi Vashti.

    Rukoze rwa venigi (kuzana) ni abo bose umwami yahaye itegeko. Ntibaboneka neza, ariko boshobora kuboneka nka karangura irimwo al : ...ordonis al iuj venigi...

  • Mi petas vin trinki. = Mi petas vin, ke vi trinku. - Ndagusavye unywe. = Nsavye ko wonywa.

Irivuga promesi (kwemerera ikintu umuntu) ntiyegukira uyo murwi : Mi promesis al li veni al la festo. = Mi promesis al li, ke mi venos al la festo. Rukozi nyarwo rwa veni niyo kandi rukozi rw'irivuga.

Mu gihe irivuga rikuru (irivuga nshimikiro) ifise inyubako nka vidi, aŭdi, senti, imagi canke ayandi mavuga asa nk'ayo, ahshobora kubamwo Irivuga ridahadikirije predikativo rya karangura y'irivuga. Iyo karangura rero niyo rukozi nyayo y'Irivuga ridahadikirije.

  • Mi vidis la knabon kuri. - Narabonye umusore yiruka.

    Kuri ni irivuga rifise rukozi la knabon, ariyo nene rukozi ya vidis. Rukozi ya kuri ni la knabo. = Mi vidis la knabon kuranta. Mi vidis, ke la knabo kuras.

  • Mi hodiaŭ matene vidis danci miajn knabinojn. - Uyu munsi mu gitondo, nabonye abakobwa banje batamba.

    Ni abakobwa batamvye.

Irivuga ridahadikirije ifashwe nka karangura.

Irivuga ridahadikirije rirashobora kuba karangura y'izina canke y'ingereka riyigeretseko.

  • Forte min doloras la nepovado helpi vin sur via malfacila vojo. = Forte min doloras, ke mi ne povas helpi vin... - Ukuntu ntashobora kubafasha mu rugendo rwanyu rugoye cane birambabaza. = Ivyo birambabaza cane kuba ntashobora......
  • Mi ricevas grandan deziron edziĝi. = Mi ekdeziregas edziĝi. - Ndumva nshaka cane kurongora.
  • Lia propono elekti novan prezidanton ne estis akceptita. - Iciyumviro ciwe co gutora umukuru mushasha nticemewe.
  • Vi havis nenian rajton paroli al mi en tia maniero. - Ntimwari mufise uburenganzira na butoyi bwo kumbarira ukuraho.
  • Ŝi ricevis la taskon trovi trinkaĵon. = ...la taskon, ke ŝi trovu trinkaĵon. - Yaronse akazo ko kuronka ibinyobwa.
  • Mi estas kapabla instrui nur la francan lingvon. ...kapablas instrui... - Nshoboye kwigisha igifaransa gusa.
  • Mi estas preta iri por vi piede al la fino de la mondo. - Nditeguye kukugira n'amaguru gushika iyo isi iherera.

Irivuga ridahadikirije mu ndongorazina

Mu bisanzwe ntitwerekana igikorwa c'Irivuga ridahadikirije mu ryungane, ivyo tubirekera ico bashatse kuvuga mu ryungane. Rimwe na rimwe rero, ni nkenerwa kwerekana icabaye igikorwa c'Irivuga ridahadikirije dukoresheje indongorazina. Mu ndongorazina zose, dukoresha gusa por, anstataŭ na krom imbere y'Irivuga ridahadikirije. Sen irakunda gukoreshwa kandi imbere y'Irivuga ridahadikirije.

  • Ni ĉiuj kunvenis, por priparoli tre gravan aferon. - Twaragize inama twese kugira ngo tuvuge ivyerekeye ico kibazo gikomeye.

    Dukoresha por + Irivuga ridahadikirije na cane cane mu gihe Irivuga ridahadikirije rifise rukozi imwe n'irivuga. Iyo izo zi rukozi zibiri zidasa, dukunda gukoresha Irivuga ridahadikirije ritagira indongorazina : Ŝi invitis min trinki kafon. = ...por ke mi trinku kafon. Inyuma y'irivuga ry'ukwiyunguruza nka iri na kuri, duhitamwo gukoresha Irivuga ridahadikirije itagira por , tubikora nkuko nyene no mu gihe izo zi rukozi yibiri zisa : Mi iros ripozi. = Mi iros por ripozi.

  • Ĉi tie ne ekzistas akvo por trinki.Ĉi tie ne ekzistas trinkebla/trinkota akvo. - Ngaha nta mazi yo kunywa ahari. = Ngaha nta mazi meza ahari.

    Iyo Irivuga ridahadikirije ari karangura y'izina, dukoresha por yigenge dufatiye kuri rukozi nshimikiro.

  • En la domo estas jam nenio por manĝi. - I muhira, nta bifungurwa vyari bisigayeyo.
  • La aliaj anasoj preferis naĝadi en la kanaloj, anstataŭ viziti ŝin. - Izindi mbata zashima kwogera mu mikora ahuko zoza kuyiraba.
  • Vi nenion povas fari krom kunbati viajn dentojn. - Nta kindi mushobora atari uguhekenya imisaya.
  • Ne ekzistas alia bono por la homo, krom manĝi kaj trinki. - Nta kindi kiryoshe ku muntu atari ukurya canke ukunywa.
  • Tion mi ne povus fari sen detrui mian reputacion. = ...sen detruo de mia reputacio / ... ne detruante mian reputacion. - Sinoshobora gukora ivyo ntasambuuye ukumenyekana kwanje.
  • Sen manĝi kaj trinki oni ne povas vivi. = Sen manĝado kaj trinkado... - Ata kurya canke kunywa ntidushobora kubaho.

Hagati ya antaŭ n'Irivuga ridahadikirije turongeramwo agace ko kugereranya ol :

  • Oni devas iri longan distancon, antaŭ ol veni al la rivero. = ...antaŭ ol oni venas al la rivero. - Dutegerezwa kugenda urugendo rurerure imbere yo gushika ku ruzi. = .... imbere y'uko dushika ku ruzi.
  • Antaŭ ol foriri li ŝlosis la pordon. = Antaŭ ol li foriris... - Imbere y'uko agenda, aca yugaza umuryango urufunguruzo.

Ikoreshwa ry'izindi ndongorazina imbere y'Irivuga ridahadikirije si iy'ubujuju. ariko ishobora gutuma haba ukudatahura kubera ukuntu bitamenyerewe.

Irivuga ridahadikirije rikoreshejwe nk'irivuga risanzwe.

Turabona rimwe na rimwe amungane canke karangura z'igenekerezo muri zo dusangamwo Irivuga ridahadikirije ryaserutse nk'irivuga. Irivuga ridahadikirije ifise rero insiguro ishaka kumera nk'iy'irivuga riri muri rwitirirwa canke imvugo ifise povi :

  • Grandega hundo metis sur min sian antaŭan piedegon, kaj mi de teruro ne sciis, kion fari. = ...kion mi faru. - Imbwa amahero ica ishira amaguru yayo kuri jewe, nanje nuzuye ubwoba sinamenya ico gukora. = ...ico ntegerezwa gukora.
  • Mi efektive jam ne scias, kiel ĝin klarigi. = ...kiel mi ĝin klarigu. - Sindamenya neza na neza ukugene nobisigura. = .... uko notegerezwa kubisobanura.
  • Ili ne havas, kion manĝi, ili ne havas, per kio hejti la fornon. = Ili ne havas (ion), kion ili/oni povus manĝi, ili ne havas (ion), per kio ili povus hejti la fornon. - Ntibafise ico bafungura, Ntibafise ico gukoresha m gushusha ifuru. = Ntibafise ikintu boshobora gufungura, ntibafise ikintu na kimwe boshobora gukoresha mugushusha ifuru.
  • Mi havis tiam apud mia domo foson, kiu, se preni la plej malmulte, havis almenaŭ ok futojn da larĝeco. = ...se oni prenu la plej malmulte... - Nari mfise hampande yanje ikinogo gifise hafi intambwe umunani z'ubwaguke, ugereranije. = .... iyo ufashe bike bibaho...
  • Ĉu esti aŭ ne esti, — tiel staras nun la demando. = Ĉu mi estu aŭ ne estu... - Kuba canke kutabaho, — ico rero ubu nico kibazo. = ndashobora kubaho canke kutabaho...
  • Kion fari? = Kion oni/mi/vi faru? - Hakorwee iki ? = Dutegerezwa/Mutegerezwa gukora iki ?

Turasanga kenshi amavuga adahadikirije yakoreshejwe mu kibanza ca rubwiriza iri muri rwitirirwa. Iyo rubwiriza rero ifise itandukaniro ntahompagaze, ridashoboka ariko isanzwe. Rukozi rukuru rw'Irivuga ridahadikirije ni insigarirazina ikunda gukoreshwa oni. Iryo koreshwa ntirimenyerewe : Nur prunti, sed ne restigi al si! = Oni povas nur prunti... A un ordre en utilihuko botanze itegeko mu gukoresha inyubako irimwo –U, uwuvuga atanga ishaka ryiwe nk'ikintu kidaharirizwa. Por landoj ne menciitaj en la listo sin turni al LF-KOOP, Svislando. Ni mu bisanzwe irungane risobanura ukuntu bategerezwa gukora mu gusaba ikintu kuri LF-KOOP.

Irivuga ridahadikirije n'amazina

Irivuga ridahadikirije n'amazina y'igikorwa birasa, ariko hariho ubudasa. Irivuga ridahadikirije ryama rifise rukozi rutaboneka arirwo rukozi rw'irivuga ryo mu ryungane. Izina ry'igikorwa ntiryigera ryisunga rukozi. Izina ry'igikorwa ryerekana igikorwa ritaravye nyene kugikora. Insiguro y'iryungane ishobora rero guhinduka iyo duhinduye Irivuga ridahadikirije mw'izina y'igikorwa.

  • Malbonaj infanoj amas turmenti bestojn. = Ili amas, kiam ili mem turmentas bestojn. - Abana babi bakunda gukinisha ibikoko. = bakunda bo nyene gukinisha ibikoko.
  • Malbonaj infanoj amas turmentadon de bestoj. = Ili amas turmentadon de bestoj, ĉu ili mem turmentas, ĉu iu alia turmentas. - Abana b'inkozi z'ikibi bakunda gukinisha ibikoko. = barakunda ugukina n'ibikoko, naho boba bo nyene babikinisha canke uyundi muntu.
  • Mi promesis amuziĝi. = Mi promesis, ke ĝuste mi amuziĝos. - Niyemeje kwiroyera, = niyemeje jewe ko nzokwiryoyera.
  • Mi promesis amuziĝon. = Mi promesis, ke okazos amuziĝo. - Naremeye ukwiryoyera. = Naremeye, ko hazoba ukwiryohera.

    Nta ngorane uwuzokwirohera wese.

Subira ku ntango