Ku rupapuro rw'ibirimwo

Amajambo yerekana incuro akora ku buryo yisangije. ayo majambo ashobora kuba amazina (multo, kelko, n'ibindi.), ingereka (multa, pluraj, n'ibindi.), intumbuzi (multe, sufiĉe, etc.)canke uduce tw'amavuga (pli, tiom, n'ibindi.).

amazina yerekana incuro

Amazina yerekana incuro yigenza nk'ayandi mazina. Akunda kwerekanwa n'iryungane ririmwo akajambo da kerekana ico iyo ncuro yafatiyeko.

  • Kiam mi ien veturas, mi neniam prenas kun mi multon da pakaĵo. - igihe ngiye nk'ahantu, sinigera njana imizogo myinshi.

mu ndimburo, ijambo ryerekana incuro ni ijambo ngenderwako, ariko dufatiye ku nsiguro, riba ryerekanwa n'agace kagizwe na da kandi ngirakamaro. rimwe na rimwe, iryo zina ririmwo da rikunda kugereranywa nk'iryari ijambo nshimikiro.

  • Tiam grandega multo da vortoj fariĝus en la skribado tute nediferencigeblaj unu de alia. - umuce munini w'amajambo wobaye ugoye gutandukanya hagati yawo mu nyandiko.

    Nediferencigeblaj yiheka kuri multo, ariko iba ifise agasozo –J kuko yiheka kuri vortoj bivanye n'insiguro yayo. Iryungane ryoba ridafise insiguro mu gihe tuvuze nediferencigebla itagira J, kuko imvugo unu de alia yongeramwo iciyumviro ca benshi. Nimugereranye n'aka karorero;: Grandega multo da vortoj fariĝas tute senbezona por lernado.

Mu kibanza ca multo et malmulto Dukunda gukoresha kenshi inyubako z'intumbuzi multe kaj malmulte.

intumbuzi z'igihe

Intumbuzi z'incuro kenshi ziri mu mungane nk'amazina afise igikorwa ca rukozi, karangura canke ibindi bikorwa. mu ngiro, ni nka multe, sufiĉe, kelke hamwe n'ibindi bijanye. Iryo koreshwa rya kelke ntirigwiriye muri bino bihe.

  • En la kelo troviĝas multe da rubaĵoj. - mu nzu yo munsi hariyo imigaga myinshi

    Multe ni rukozi. Dushobora kandi kuvuga multo da rubaĵoj.

  • El ŝia buŝo eliris kelke da perloj kaj kelke da diamantoj. - mu kanwa kiwe havamwo imiringa n'inzahabu

    ivyo bibiri kelke ni rukozi rwa eliris. Twoshobora kuvuga kelko da perloj/diamantoj, ariko kelko da perloj/diamantoj ntiyigera ikoreshwa mu ngiro. Mw'iyi myaka bakunda gukoresha kelkaj : kelkaj perloj, kelkaj diamantoj

  • La riĉulo havas multe da mono. - Umutunzi afise amafaranga menshi.

    Multe ni karangura, ariko ntishobora gufata agasozo -N kuko ari intumbuzi.

  • Mi havas sufiĉe da laboro. - Mfise ibikorwa vyinshi

Nk'uko nyene, turashobora gukoresha utujambo tw'indimburo nk'amajambo yerekana incuro.

  • Ĉu vi scias, kiom estis da mortigitoj? - Urazi incuro habayeho abapfuye?

    Kiomni rukozi rwa estis.

  • Prenu tiom da mono, kiom vi volas. - Tora amahera yose ushaka

    Tiom na kiom ni karangura

  • Pri tiom da feliĉo mi eĉ ne sonĝis, kiam mi estis ankoraŭ la malbela anasido! - Umunezero mwinshi ntari bwigere nibaza kuva nkiri umwana muto cane.

    Tiom ni karangura irimwo pri.

  • Restas ankoraŭ iom da problemoj. - {1}Tiom{2} ni karangura irimwo {1}pri{2}.

    Iom ni rukozi

  • Observu pli da ordo! - Ihweze amategeko menshi!

    Pli ni karangura

  • Tro da kuiristoj kaĉon difektas. - Abatetsi benshi bateka nabi (=kubera igitigiri kinini c'abateka........)

    Tro ni rukozi

M gihe intumbuzi y'incuro yakurikiwe n'imvugo irimwo dada irashobora kenshi kuboneka ko intumbuzi atari ijambo ngenderwako, ariko ko zina rikurikira daariryo jambo ngenderwako. Dufatiye mu nsiguro, imvugo irimwo da ni ngirakamaro cane, ariko dufatiye mu ndimburo intumbuzi niryo jambo nshimikiro. Ariko mu gihe intumbuzi y'incuro+imvugo irimwo da bifise indondozi, baca bashira iyo ndondozi ku mvugo irimwo 1}da, naho itaba iri ijambo nshimikiro: ariko imvugo irimwo ijambo da ntigaruka, dushobora gushira iyo ndondozi ku ntumbuzi gusa mugabo tugakoresha inyubako irimwo -E.

Ingereka z'incuro mu kibanza c'intumbuzi z'incuro

Kenshi turashobora gusubiriza intumbuzi y'incuro n'ingereka y'incuro. Izina riri mu mvugo irimwo da rihinduka ijambo nshimikiro hanyuma da igaca inyegera.

  • En la subtegmento troviĝas multaj malnovaj vestaĵoj....multe/multo da malnovaj vestaĵoj. - Mu kigega harimwo impuzu nyinshi zishaje
  • La riĉulo havas multan monon....multe/multo da mono. - umutunzi afise amahera menshi

hariho rero ubudasa. Multaj et kelkaj zikoreshwa ku bantu cankeibintu bitandukanye, canke umugwi w'ibintu. Multe et kelke zikoreshwa mu murwi w'ibintu gusa. Ntivyokoroha rero kuvuga:Kelke da homoj sentas sin la plej feliĉaj, kiam ili vidas la suferojn de siaj najbaroj. dutegerezwa kuvuga Kelkaj homoj..., kuko ari ibishobisho vy'umuntu umwe rudende.

urugero n'incuro

urugero hamwe n'incuro ni ibintu bidasa ariko bihakwa kumera kumwe rimwe na rimwe.

Tre na multe{3

  • tre = ku rugero rwo hejuru, n'ubushobozi bwinshi
  • multe = vyinshi; bimara umwanya munini, rimwa na rimwe vyisubiriza

mu ngereka no mu ntumbuzi duhakwa gukoresha iminsi yose tre,ariko dushobora kandi gukoresha multe mu gihe biboneka neza ko ari incuro canke ukwisubiriza. Mu mavuga, dukunda gukoresha multe kuko biboneka neza ko ari incuro canke ukwisubiriza. ariko dushobora kandi gukoresha tre, mu gihe ari urugero canke ubushobozi.

  • Ĝi estas tre bona. - ni vyiza cane
  • Tie troviĝas tre grandaj domoj. - Aha hari inzu nininini cane
  • Mi tre ŝatas Berlinon. = Mi intense ŝatas Berlinon. - Ndakunda cane Berlin=Ndakunda Berlin birenze
  • Mi tre amas ŝin. = Mi intense amas ŝin. - Ndamukunda cane= Ndamukunda birenze
  • Mi havas multe da mono. - Mfise amafaranga menshi
  • Ŝi multe pensis pri tio. = Ŝi longe pensis pri tio. - Iki yaraciyumviriyeko cane= iki Yaraciyumviriyeko umwanya munini
  • Kiu multe parolas, ne multe faras. - Uwuvuga cane nta vyinshi ashitsa
  • Li tre multe helpis al mi. - Yaramfashije cane

    Tre isigura multe. Multe isigura helpis.

Mu kwerekana pli et tro dukoresha multe :

  • Ĝi estis multe pli granda ol antaŭe. - Yari yakuze cane ugereranije n'uba mbere.
  • Ĝi fariĝis multe tro nigra. - Cirabuye cane gose

Kiel na tiel

utujambo kiel et tiel ntitwerekana gusa ukugene ariko zirerekana kandi urugero. dutegerezwa kuzikoresha mu bibanza bimwe twoshobora gukoresha tre.

  • Vi estas tiel bela, tiel bona kaj tiel honesta, ke mi devas fari al vi donacon. - Uri mwiza cane, umeze neza cane kandi uri imvugakuri cane ku buryo ntegerezwa kuguha ishimwe.

    Dushobora kuvuga: tre bela, tre bona et tre honesta.

  • La nokto estis tiel malluma, ke ni nenion povis vidi eĉ antaŭ nia nazo. - Ijoro ryarimwo umwijima ku buryo utashobora kubona n'imbere y'izuru.

    Dushobora kuvuga:tre malluma

Kiom na tiom

Sahwanya kiom na tiom zerekana incuro incuro. Dutegerezwa kuzikoresha aho dukoresha multe :

  • Mi volas tiom da terpomoj, kiom mi povas porti. - Nshaka ivyamwa vyose bibaho noshobora gutwara.

    Dushobora kuvuga : volas multe na povas porti multe.

  • Ŝi tiom laboris, ke ŝi fariĝis ĉefo de la firmao. - Yarakoze cane ku buryo yaciye aronka akazi k'uburongozi bw'ikigo.

    Dushobora kuvuga : multe laboris.

Imbere ya multe, bahitamwo kenshi gukoresha tiom kubera ko multe yerekana incuro: Nun li estis ja riĉa, havante tiom multe da mono.. Canke…havante tiel multe da mono. canke …havante tiom da mono.

« Tiom-kiom-isme »

Kiom na tiom zikunda kenshi gukoreshwa mu kwerekana urugero mu kibanza ca kiel na tiel, mu gihe bashaka vyukuri gushimika. Ivyo nivyo. Ariko abavuga iki esperanto benshi bakoresha kiom na tiom mu kibanza ca kiel na tiel mu kwerekana urugero, nk'uko bashaka gushimikira kuri ico, nk'akarorero Mi estas tiom forta, kiom vi. Gereranya n'iryungane rya Fundamento : Mi estas tiel forta, kiel vi. « tiom-kiom-isme » ni nshasha muri Fundamento kakndi ni iyo mw'ikoreshwa rya Zamenhof. Vyongeye « tiom-kiom-istes » barabura ingene bokoresha tiom kaj kiom kugira ngo bashimike ku ncuro.

Subira ku ntango