Ku rupapuro rw'ibirimwo

Indongorazina ni ubuce bashira imbere y'igice c'iryungane kugirango bwerekane igikorwa cabwo mu ryungane.

Mu bisanzwe indongorazina zija imbere y'amazina canke insigarirazina, tutibagiye imbere y'amavuga adahadikirije, indongorazina n'intumbuzi z'incuro. Umwanya umwe harakoreshwa indongorazina imbere y'intumbuzi z'ikibanza canke z'igihe. Muri ico gihe indongorazina ica iserura iciyumviro gisanzwe canke kitibonekeza.

Uduce dukurikira ni indongorazina.

Indongorazina zigenga.

Mu bisanzwe indongorazina ikurikirwa n'umurwi w'amazina udondorwa niyo ndongorazina. Ata murwi w'amazina, indongorazina ntigira insiguro.

Mu gihe hipfuza ko hatumvikana uduce inyuma y'indongorazina, Hategerezwa gukoreshwa indongorazina iherezwa na - E, muri ico gihe ica iba iyo nyene agace k'iryungane kaca gakora nk'intumbuzi.

  • Li staras apud mi.Li staras apude. - Aca aza mu ruhande rwanje. Aca aja ku rumpande.
  • Ŝi sidas ekster la domo.Ŝi sidas ekstere. - Yari yicaye inyuma y'inzu. Yari yicaye inyuma.
  • Tio okazis dum la paŭzo.Tio okazis dume. - Ivyo vyibonekeje mu karuhuko. Ivyo vyibonekeje muri uwo mwanya.
  • Tio okazos post la kongreso.Tio okazos poste. - Ivyo bizoba inyuma y'inama. Ivyo bizoba inyuma.

Mugihe intumbuzi kanaka yerekana ikibanza, irashobopra kuba iherezwa na - N kugirango yerekeza ikibanza.

  • Li sidas ekster la domo.Li sidas ekstere.Li iras eksteren. = ...al ekstera loko (al loko ekster la domo). - Yicaye inyuma y'inzu.Yicaye hanze. Agiye hanze = ...... atumbera mu kibanza c'inyuma (Agana ikibanza kiri inyuma y'inzu).

Mugihe, akenshi, akajambo nyezina gafise igikorwa c'insigarirazina, ku mpera,hakoreshwa -A inyuma y'indongorazina.

  • Li loĝas en domo apud mia domo.Li loĝas en apuda domo. ...en domo apuda. - Aba mu nzu iri impande y'inzu yanje. Aba mu nzu y'impande.

Mugabo harashoboye gukoreshwa intumbuzi y'ikibanza canke y'umwanya muri ico gihe.

Mu ngiro, indongorazina zimwe ziherezwa na E canke A zirakoreshwa gake. Nk'akarorero havugwa gake paroli prie = « paroli pri tio (bavuga uku) », iri dee = « iri de la koncerna loko (Kugenda mu kibanza nyezina», ala veturo = « veturo al la koncerna loko (urugendo rugana ikibanza nyezina) », proa agado = « agado pro tio (gira ico uvuze kuri ico) ».

Subira ku ntango