Ku rupapuro rw'ibirimwo

Anstataŭ

Indongorazina anstataŭ yerekana ikiza gusubirira igikorwa c'ikindi kintu canke ikija mu kibanza c'ikinndi kintu.

  • Anstataŭ kafo li donis al mi teon kun sukero, sed sen kremo. - Mu kibanza c'icayi c'ikawa, yampaye icayi kirimwo isukari, ariko kitagiramwo amavuta y'inka.

    Ntiyatanze ikawa ariko icayi, akamaro k'ikawa (nk'ikinyobwa) kasubirijwe n'icayi.

  • Kiam mortis Jobab, ekreĝis anstataŭ li Ĥuŝam el la lando de la Temananoj. - Mugihe Jobab yapfa, ni Husham yatanguye gutwara mu kibanza ciwe igihugu ca Thémanites.
  • Anstataŭ matene, mi nun hejtados la fornon tagmeze. - Mu gihe nahora nsohoka mu gitondo, ubu nzohora nsohoka ku mutaga.

    Sinzosubira gushusha ifuru mu gatondo, nzoyishusha k'umutaga.

  • Anstataŭ ĉia respondo la maljunulino nee skuis la kapon. - Mu kibanza c'inyishu yose, umutamakazi yazungagije umutwe yerekana ko yavyanse.

    Ntiyatanze inyishu ibereye, ariko ukwo kuduza umutwe kwiwe ni kwo kwafashije mu gutanga inyishu.

  • Ĉu mi ne helpu vin, anstataŭ tio, ke vi sola faru la tutan laboron? - None sintegerezwa kugufasha, mu ko ukora igikorwa uri umwe?

    Intumbero ni uko wokora ico gikorwa uri umwe. None mu kibanza, sintegerezwa kugufasha?

  • Anstataŭ ke ĉiu lernas diversajn lingvojn, ĉiuj ellernadu unu saman lingvon. - Mu kibanza cuko umwe umwe yokwiga indimi zitandukanye, bose bategerezwa kwiga ururimi rumwe.
  • La aliaj anasoj preferis naĝadi en la kanaloj, anstataŭ viziti ŝin. - Izindi mbata zihitamwo kwoga mu mikora aho uko zogiye kuyiraba.

Krom

Indongorazina krom yerekana ikintu bashira ku ruhande. Insiguro ngenderwako itanga insiguro zibiri mu bikorwa: krom yisangije na krom y'urunani .

Krom rutanya

krom rutanya yerekana ico igice gisigaye c'iryungane kitavuga. mu gihe insiguro y'iryungane ari nyemezi, insiguro ya krom rutanya ica iba mpakanyi. iryungane nk'iryo rya nyemezi ririmwo ĉiu(j), ĉio canke tuta :

  • Tie estis ĉiuj miaj fratoj krom Petro. - aha hariho basazanje bose havuyemwo Petero

    Petero ntiyari ngaha.

  • Ĉio en ŝi estis juna kaj almenaŭ ŝajne serena, krom la frunto. - vyose vyari bito muri we kandi bitangaje kiretse uruhanga.

    uruhanga ntirwari rumeze gutyo

  • La tuta teksto estas korekta, krom unu frazo. - igisomwa cose kiratomoye, kiretse iryungane rimwe.

    iryungane rimwe ntiritomoye.

mu gihe iryungane ari iryo guhakana (riba ririmwo ne, ijambo ririmwo NENI- cankesen), insiguro ya krom rutanya ni iy'ukwemera.

  • En la salono estis neniu krom li kaj lia fianĉino. - Mu nzu y'uburiro nta muntu n'umwe yari ariyo kiretse we n'umukunzi wiwe.

    we n'umukunzi wiwe bari banezerewe ngaho.

  • Ne ekzistas Dio krom Mi. - Nta yindi Mana iriho kiretse jewe.

    Ndi Imana imwe rudende.

  • En la lastaj monatoj mi, krom miaj profesiaj bezonoj, preskaŭ neniam eliras el la domo. - Mu mezi ya nyuma, mfatiwe n'ibikorwa vyo mu rugo, mpakwa kutigera nsohoka urugo.

    kubw'ibikorwa vy'akazi, ndakunda gusohoka. (Mu gusigura neza, dushobora kuvuga krom pro miaj profesiaj bezonoj, ariko raba aha hepfo anstataŭ na krom + n'ibindi vyerekana ibikorwa.)

  • Marta kuŝis sur la malmola litaĵo sen ia alia sento krom morta laciĝo. - Marita yari aryamye ku gitanda ata yindi ngorane afise kiretse uburuhe burenze.

    Yiyumvamwo uburuhe burenze cane

  • Mi nenion pli postulus, krom ke oni montru al mi sindonecon kaj estimon. - sinzosubira gusaba, canke ubinyereke neza bikwiye.
  • Ne ekzistas alia bono por la homo, krom manĝi kaj trinki. - Nta kintu kindi kintu kiryoshe ku muntu nko kurya no kunywa.

Krom ntatanya

Krom{3} ntatanya ikintu kiboneka. kuri co bongerako ikindi kintu kiboneka kandi. Mu bisanzwe mu ryngane harimwo ankaŭ (canke rimwe na rimwe ankoraŭ canke ) kugira ngo bashimangire insiguro y'ivyongeweko.

  • Krom Petro tie estis ankaŭ ĉiuj aliaj miaj fratoj. = Aldone al Petro ankaŭ ili estis tie. - Hejuru ya Petero aho hariho kandi na basazanje bandi bose. Petero yari ngaha be na basazanje bandi bose.= Hejuru ya Petero, na bo nyene bari ngaha.
  • Per pruntedono ofte oni perdas krom sia havo ankaŭ la amikon. = Aldone al tio, ke oni perdas sian havon, oni perdas ankaŭ la amikon. - Mu gutira, hejuru y'ukubura ico utanze, ubura n'umugenzi. = hejuru yo gutakaza ikintu ciwe, ubura kandi n'umugenzi.
  • La luno ne leviĝis ankoraŭ sufiĉe alte, krom tio estis iom da nebulo. = Aldone al tio, ke la luno ne leviĝis sufiĉe, estis ankaŭ iom da nebulo. - Ukwezi ntikwari bwaseruke neza, vyongeye, hari hakiriho igipfungu gikeya. = Hejuru yuko ukwezi kutari bwaseruke neza, hari hakiriho igipfungu.
  • Krom Karlo, venis lia tuta familio. = Aldone al tio, ke venis Karlo... - Turetse Karlo, wari umuryango wiwe waje. = Hejuru yuko Karlo yaje......
  • Krom tio, ke li venis malfrue, li kondutis tre malbone. - Hejuru y'ukuza vateba, yaciye yitwara nabi.

Uguhakwa kutumvikana

Mu bisanzwe, ico baba bashaka kuvuga kirerekana neza ko ari krom rutanya canke ntatanya.Mu gihe ikoreshejwe na ankaŭ, ankoraŭ canke , muri ico gihe rero krom ica itegrezwa kuba krom rutanya. Mu gihe dushaka kuvyerekana neza, dushobora, mu nsiguro ya rutanya, gukoresha mu kibanza ca krom dushatse;: kun escepto de, escepte de, escept(int)e + agasozo -N, ou ekskluzive de. mu nsiguro ya ntatanya, dushobora gukoresha aldone al, inkluzive de.

Anstataŭ et krom + ibindi vyerekana igikorwa

Anstataŭ et krom ni indongorazina zidasanzwe kuko ziterekana igikorwa cazo mu ryungane. zerekana gusa ko ikintu (canke umuntu wundi) gifise akamaro mu gikorwa canke ko ikintu (canke umuntu) gitegerezwa gufatirwa ku ruhande. Ico bashaka kuvuga kirerekana neza ko akamaro k'icaje gusubirira ikindi ari rukozi, karangura canke karangura y'izina. Mu gihe bikenewe, turashobora guca twongerako irindi jambo ryerekana igikorwa (indongorazina canke agasozo -N) kerekana igikorwa nyezina mu ryungane.

  • Li faris tion pro ŝi anstataŭ pro mi. - ivyo yabikoreye we ariko atari jewe.

    Mu gihe tuvuze anstataŭ mi, bisa nk'uko yansubiriye nk'uwukora, ko ari we akora mu kibanza canje. Pro yerekana ko mi ifise akamaro k'igituma ikintu cabaye kandi ko yansubiriye mu vyo nahora nkora.

  • Petro batis Paŭlon anstataŭ Vilhelmon. - Petero yakubise Poro mu kibanza ca Wihelm

    Petero ntiyakubise Wihelm. ariko yakubise Poro.Ringanishe na : Si Wihelm yakubise Poro, ariko Petero.

  • Ili veturis al Londono anstataŭ al Bath. - Bagiye i Londres hakuja i Bath.
  • Kiu alportas oferojn al dioj, krom al la Eternulo sole, tiu estu ekstermita. - Uwutanga amashikanwa ku mana, atari Uhoraho azohona.

    Hatarimwo al, iryungane ryohakwa gusobanura ko ari Uhoraho we nyene ashobora guhanwa mu gihe adatanze amashikanwa ku zindi mana. al irakenewe kugira ngo itange insiguro ko Uhoraho ariwe batagerezwa gushikanira amashikanwa.

  • Neniu rajtas uzi la novan aŭton, krom en la okazo, se mi tion diros. - Nta numwe urekuriwe gukoresha umuduga mushasha kiretse igihe nzotanga uruhusha

    En yerekana ko okazo ari karangura y'igihe.

  • Krom Vilhelmon Petro batis ankaŭ Paŭlon. - Hejuru ya Whelm, Petero yarakubise kandi na Poro.

    Aagasozo -N inyuma ya krom ntikigera gasigura ikintu kiboneka neza naho bidafatwa nka bibi kugakoresha mu ryungane nk'iryo. Nta gukekeranya bibaho. ngaha ikibanza ca ankaŭ gituma haba ukudatahura. Geereranya: Krom Vilhelmo ankaŭ Petro batis Paŭlon. = Krom ke Vilhelmo batis Paŭlon, ankaŭ Petro faris tion.

Ivyo turashobora kandi kubiha insiguro itomoye mu kwongeramwo irivuga ridahadikirije ritumvikana mu mvugo:…anstataŭ fari tion pro mi. …anstataŭ peti de vi… …anstataŭ bati Vilhelmon. …anstataŭ veturi al Bath. Krom bati Vilhelmon…

ikoreshwa rindi.

mu gihe mushaka gukoresha anstataŭ canke krom ziri ukwa zonyene idashizemwo icasubirijwe, Duca dutegrezwa kwongerako agasozo k'intumbuzi, ivyo navyo bigatanga anstataŭe = « mu kibanzaa c'ibi »; krome = « inyuma y'ibi, vyongeye » ::

  • Li ne donis al mi kafon. Anstataŭe li donis teon. = Anstataŭ kafo... - yampaye ikawa. Mu kibanza, yampaye icayi=Mu kibanza c'ikawa.......
  • Krome vi devas pagi por matenmanĝo. = Krom tio, kion vi jam pagis... - Vyongeye, mutegrezwa kuriha izi mfungurwa zo mu gitondo. Hejuru y'ivyo mwamaze kuriha...........

Birashoboka kandi ko dukoresha agasozo k'ingereka: Ni devis almeti la anstataŭan radon. = …tiun radon, kiu servas anstataŭ alia rado. Vi devas pagi kroman kotizon. = …plian kotizon, krom tiu kotizo, kiun vi jam pagis.

Krome na kroma imisi yose zifise amajambo yo guhuza, ntiyigera aba ayo gutandukanya.

Subira ku ntango