Ku rupapuro rw'ibirimwo

Je ni indongorazina itagira insiguro yisangije. icibonekeza kenshi nuko bashaka gukoresha Je mu mungane yose atarimwo iyindi ndongorazina. nico gituma ker bakoresha cane Je . ubu Je ntikuknzwe gukoreshwa, yerekana kandi isaha hamwe n'ingero. mu bisanzwe Je ntikoreshwa mu gihe hariho ubundi buryo bwo gukoresha iyindi ndongorazina.

kenshi turashobora gukoresha agasozo -N mu kikkbanza ca Je , na cane cane mu ngero hamwe no mu mwanya uba ugezweho.

isaha n'ibihe nyavyo

  • Ni prenos la buson je dudek (minutoj) antaŭ la deka (horo). - tuzofata umuduga isaha zine zibura iminota icumi
  • Tio okazis je Pasko. - vyashitse kuri Pasika
  • Je la lasta fojo mi permesas al vi fari tion. - ubwa nyuma, ndakwemereye kubikora

ingero

  • Vi certe estas je duono da kapo pli alta ol mi. = ...duonon da kapo pli alta ol mi. - uraciye ubwenge kundusha

mu bisanzwe dukoresha agasozo -N mu kwerekana ingero.

ukubura, ubwinshi, icipfuzo

  • Ĝi estas libera je mankoj. - nta ngeso mbi afise

    canke

  • Abram estis tre riĉa je brutoj, arĝento, kaj oro. - Aburahamu yari a tunze ibikoko, amahera n'inzahabu.
  • Glaso da vino estas glaso plena je vino. - igikombe c'umuvinyu ni igikombe cuzuye umuvinyu

    canke

  • Mi sopiras je mia perdita feliĉo. - ndicuza n'ukubura umunezero

    canke

uko umubiri n'umushaha bimeze

  • Ili suferas je astmo. - bagwaye hasima
  • Ŝi gravediĝis je ĝemeloj. - Yibungenze amahasa
  • Li malsaniĝis je profunda melankolio. - Yagwajwe n'ukwihebura gukomeye

igigce c'umubiri cakozweko canke cafashwe n'indwara, n'ibindi

  • Li kaptis min je la brako. - yamfatishije ukuboko

    Je la brako yerekana ukuboko kwanje. dushobora kuvuga kandi ĉe la brako. Mu kwerekana ukuboko kwiwe (yakoresheje mu kumfata), bategerezwa gukoresha per : Li kaptis min je la maldekstra brako per sia dekstra mano.

  • Li estas malsana je la brusto. - Agwaye igikaraza

Imvugo nyinshi zakoreshejwe

  • Ŝi kredas je Dio. - Aremera Imana

    Kredi je iu ou je io = «kwemera ko uyo muntu canke ico kintu kibaho vy'ukuri». Kredi ion, al io, pri io = «kwemera ko ico kintu ar iic'ukuri». Kredi al iu = «kwemera ko uyo muntu avuga ukuri».

  • Je mia miro la afero sukcesis. = La afero sukcesis, kio mirigis min. - vyarantangaje ico kintu gishobotse = ico kintu carashobotse, naratangaye.
  • Mi vetis kun ŝi je dek dolaroj. - twatigiye ama dorari icumi

    Uwuzotsindira ugutigira azoronka amadorari icumi. Dushobora gukoresha kandi pri.

Subira ku ntango