Ku rupapuro rw'ibirimwo

Integuza ni utujambo twitangira imbere y'izina kugirango yerekane igitigiri. Integuza ikunda gukoreshwa ni la.

La —integuza

Integuza la yerekana ko bavuga ikintu kindi kizwi n'uwubarirwa.

Ntibashirako agasozo J canke N kuri la :

  • la domo = iyo nzu uzi
  • la bela junulino = uyo mukobwa muto mwiza uzi
  • la junulinoj = Abo bakobwa bato beza uzi
  • la altaj montoj = Iyo misozi miremire uzi
  • la ruĝajn krajonojn = Izo karamuz'ibiti zitukura uzi

Mu buryo bumwe bumwe dushobora gukoresha inyubako l'.

La ija imbere ya karangura y'izina. Mu gihe hari indongrazina, ica ija kandi imbere ya la :

  • en la domo
  • ĉe la bela junulino
  • pri la altaj domoj

imitigiri

Mu gihe ari imitigiri (atari ubwoko), la isigura ko uwuvuga yibaza neza ko uwubwirwa zi nawe ivyo ariko aravuga. La rero isigura «urazi ivyo ndiko ndavuga».

Dukuyeko la (canke iyindi nyitangizo) bisigura ko uwuvuga yibajije ko uwumviriza atazi ico ariko aravuga. iryo kugwaho risobanura « ntuzi ico ndiko ndavuga ». ukutahaba kw'iyo nyitangizo kurashobora kwerekana kandi ko ikiranga ico bariko bavuga ta kamaro gifise. uko kudakoresha la ni ngirakamaro gusumba ukutayikoresha.

  • La rozo apartenas al Teodoro. - Ishurwe ni irya Théodore.

    Uwuvuga yibaza ko uwo ariko abwira azi neza ishurwa rivugwa.

  • Al Teodoro apartenas rozo. - Theodore niwe nyene ishurwe.

    Ubu ni ishurwe uwubwirwa atazi

  • Domo brulas! - Inzu iriko irasha

    Inzu iriko irasha ariko uwuvuga ntazui neza ko uwubwira azi iyo nzu, canke nyene ubwiwe ntazi neza iyo nzu.

  • La domo brulas! - Inzu iriko irasha!

    Uwuvuga ashaka gutanga ubutumwa ko ubu naho inzu iriko irasha ari inzu uwubwirwa yoba azi (nk'inzu yiwe).

  • Venis multaj gastoj al via festo, ĉu ne? - Abatumire benshi baje mu rubanza, sivyo?

    Abatumire ni umutigiri, ariko ngaha umurwi multaj gastoj ufasha gutanga inkuru y'ukuntu abatumire bangana.Ikiranga umwe wese canke uyo murwi wose nta kamaro gifise.

Vyamaze gushirwaho

Mu bisanzwe ikintu kizwi kubera ko ko kiba camye kivugwa. La isigura ko bavuga gushasha ikintu cavuzwe imbere. Kudakoresha la bisigura ko bongerako kandi ikintu gishasha mu gitito.

  • Mi havas grandan domon. La domo havas du etaĝojn. - Mfise inzu nini. Inzu ifise igorofa zibiri.

    Igihe inzu yari ivuzwe ubwa mbere uwubarirwa ntiyari bwamenye koko iyo nzu. Nico gituma muri ico gihe uwuvuga atakoresheje la. Mu ryungane rya kabiri, uwuvuga yongeyeko la kugira ngo yerekane neza ko ari inzu ahejeje kuvuga. Mu gihe atakoresheje la, uwubarirwa yokwibajije ko ari iyindi nzu ivugwa atari iyo bariko baravuga canke ko ari ikibazo c'inzu mu bisanzwe. (inzu iyo ariyo yose)

  • En tiu ĉi skatolo estas frukto. La frukto estas ronda. - Muri ako gasandugu, harimwo icamwa. Icamwa ciburungushuye.

    frukto ya mbere (itagira la) ifasha kwongeramwo kandi ikintu gushasha. Uwubarirwa arazi neza ko hariyo icamwa mu gasandugu. Vyongeye, uwuvuga arashobora kubandanya avuga ico camwa nyene la frukto (icamwa).

  • Mi havas tri infanojn. La infanoj ofte ĝojigas min. - Mfise abana batatu. abana barampimbara kenshi

    La yerekana ko ari abana bashasha bamaze kuvugwa

  • Sur la strato iris tri viroj. Ili aspektis kiel friponoj. Subite la tri friponoj malaperis en bankon. Ŝajnis, ke la banko estas prirabota. - Mw'ibarabara hariko hacamwo abagabo batatu. Basa nk'abasuma. Bidatevye, abo basuma baca biroha muri banki. Mu vyukuri ibanki yariko iraterwa.

    Bamaze kuvuga ubwa mbere abagabo batatu, n'ukuvuga ko basa n'abasuma, turashobora kubita mu bisanzwe la (tri) friponoj (abasuma batatu). Imvugo la (tri) friponoj ifasha mu kwita abo bagabo batatu. Tumaze gukoresha irya mbere ibanki, dushobora kandi kuyivuga dukoresheje la banko (ibanki).

Ntibikenewe gukoresha amajambo abiri asa mu gushobora kuvuga ikintu kimwe bakoresheje la :

  • Tre malproksime de ĉi tie loĝis reĝo, kiu havis dek unu filojn kaj unu filinon, Elizon. La dek unu fratoj iradis en la lernejon kun stelo sur la brusto kaj sabro ĉe la flanko. - Kure y'aha haba umwami, yari afise abahungu icumi n'umwe n'umukobwa umwe, Erize, Abo bahungu bagenda kw'ishure bafise inyenyeri ku gikaraza n'urumuri rusayangana.

    N'ubwo bazikoresheje rimwe gusa n'ijambo filoj, dushobora kandi kuzitazira la (dek unu) fratoj.

Ntikoreshejwe ubu ariko urashobora kubitomboza.

Rilmwe na rimwe ikintu kizwi kubera ko hari ikindi cavuzwe gisigura uukbaho kwaco canke uwubarirwa afise amakuru yerekeranye n'ugusubira kucumva kuko yari yamaze kwumva bakivuga.

  • Mi aĉetis aŭton, sed la motoro ne funkcias. - Naraguze imodokari, ariko imoteri ntikora.

    Imoteri si iyo bashizemwo imbere y'igihe, ahubwo ni imodoka yonyene. Ariko nkuko twese tuzi ko imodokari isanzwe ifise imoteri, uwumviriza ashobora gutahura ko ari imoteri y'imodoka bahejeje kuvuga. Hoshoboka no kuvuga ĝia motoro (imoteri yayo), Ari co cumvikana gusumba.

  • Mi manĝas per la buŝo kaj flaras per la nazo. - Mfungurisha umunwa nkamoterwa kubera izuru.

    Uwumviriza amenyesha ko uwuvuga ari umuntu kandi abantu bafise umunwa n'izuru La buŝo (umunwa) na la nazo (izuru) bihuriranye na mia buŝo (umunwa wanje) namia nazo (izuru ryanje). Vyonashoboka gukuraho la, ariko ivyo vyoca biha iciyumviroc'uko uwuvuga afise amakenga ku uwumwumviriza amenya ko umuntu wese afise umunwa n'izuru.

Karangura zisigura.

Akajambo ko muryungane karashoboye kugira karangura izi canke ziriya zifasha gutahura ico ari co.

  • Jen kuŝas la ĉapelo de la patro. - Ni ngaha hari yankofero ya wa mupapa.

    Karangura ya la patro (umupapa) gisigura inkofera iyo ariyo. Ntihumvikana ko umu papa afise inkofero itarenga imwe. Itanakoreshwa la,Hobaye kugereranya ko atari n'ikibazo ko atari inkofero imwe muri nyinshi z'uwo mupapa.

  • Por la hodiaŭa tago mi ricevis duoblan pagon. - Ku mutaga w'uno musi, naronse agahembo incuro zibiri.

    Karangura hodiaŭa (y'uyumusi) yerakana neza nya musi uwo ari wo.

  • Mi redonas al vi la monon, kiun vi pruntis al mi. - Ndaguhaye amahera wari wanguranye.

    Karangura y'igenekerezo kiun vi pruntis al mi (mwari mwanguranye) isigura neza amahera (mono) ayo ari yo.

  • Mi vojaĝis al la urbo Pekino. - Naratembereye mu gisagara co muri Pékin.

    Izina Pekino (Pékin) ryerekana atakugabanya igisagara ico ari co.

Ubwo nyene vyibonekeza.

Ikintu kirashobora kumenyekana kubera ko uwuvmiriza abona ubwo nyene canke atahura uku canke kuriya.

  • La domo estas vere bela. - Mubisanzwe inzu ni nziza.

    Birashoboka kuvuga kandi mu gihe abumviriza babona bose babiri i muhira.

  • La floroj odoras tre bone. - Amashurwe amota neza.

    Birashoboka kuvuga nkuko mu gihe uwumviriza we nyene abona canke amoterwa n'amashurwe kandi atahura neza amashurwe ico ari co.

Akenshi bizwi, vyonyene.

Ikintu gishobora kumenyekana kuko kizwi kandi ari kimwe rudende canke kuko cibonekeza canke ari ciza gusumba ibindi ata kindi coza kigisubirira.

  • La ĉielo estas blua. - Ikirere gisa neza.

    Bose barazi ko ikirere kibaho. Dushobora rero kucita la ĉielo.

  • La prezidanto de Usono diris, ke... - Umukuru w'igihugu ca Reta zunze ubumwe yavuze ko........

    Uwumvirirza yibaza ko uwubarirwa azi neza ko Reta zunze ubumwe zifise umukuru umwe atarenga ntarenguke. Nico gituma bishoboka kumwita la prezidanto de Usono.

Ubwoko

Rimwe na rimwe, izina rikoreshwa mu kuvuga ubwoko bw'ibintu, mu kuvuga uko canke ubwoko ikintu kirimwo. Ivyo bishobora gukorwa mu bury bwinshi: hatarimwo la, harimwola, mu rudende canke mu bwinshi. Dushobora gukoresha uburyo bumwe dushaka muri ubu bubiri, bivanye n'uko ubishaka.

Kenshi kenshi ntibakoresha integuza mu dihe bavuga ubwoko ikintu kirimwo.Bafatira icarimwe ubwo bwoko nk'ikintu kitavuzwe neza canke nk'ikintu cerekanwa n'ikidafise akamaro.

  • Leono estas besto. - Intare ni igikoko.

    Bashaka kuvuga ko intare ari kimwe mu bwoko bwinshi bw'ibikoko, si ubwoko bw'ibiterwa canke ubundi bwoko bw'ibintu.

  • Rozo estas floro kaj kolombo estas birdo. - Iroza ni ishurwe, inuma nayo ni inyoni.

    Ni ubwoko ariko si imitigiri.

  • Karlo estas kuracisto. - Karlo ni umuganga.

    Ijambo kuracisto (umuganga) ntirifasha kudondora umuntu ariko kuvuga umwuga wa Karlo.

  • Elizabeto estas patrino de tri infanoj. - Rizabeti afise abana batatu.

    Imvugo patrino de tri infanoj (umuvyeyi w'abana batatu) ikoreshwa atari mu kwerekana Rizabeti uwo ari we ariko mu kwerekana umurwi w'abantu arimwo.

  • Akvo bolas je cent gradoj. - Amazi ashuha kuri degere ijana.

    Ntihavugwa urugero rw'amazi, ariko ikintu «amazi» mu bisanzwe.

Bakunda gufata ubwoko nk'ikintu kimwebiyumviriye hanyuma bagakoresha la. Ni ikintu gikunda gushika mu mvugo isanzwe canke idasanzwe. Muri ico gihe haba harimwo havugwa ubwoko mu murwi wabwo.

  • La gitaro estas tre populara instrumento. - Igitari ni igicurarangisho gikoreshwa cane.

    Berekana ubwoko b'igicurarangisho mu gihe ari igicurarangisho kimwe kizwi na bose. Twoshobora kandi kuvuga: Gitaro estas...

  • La kato preferas varman klimaton. - ASkayabu gakunda ahantu hashushe.

    Berekana ubwoko bw'igikoko nk'igikoko kizwi na bose. Dushobora kandi kuvuga : Kato preferas...

  • La urso troviĝas kaj en Eŭropo kaj en Ameriko. - Inyugu iba mu Burayi no muri Amerika.

    Ico bavuze ngaha ntikijanye n'inyugu imwe gusa. Nico gituma tudashobora kuvuga : Urso troviĝas kaj en Eŭropo kaj en Ameriko.

  • La saĝulo havas siajn okulojn en la kapo, kaj la malsaĝulo iras en mallumo. La saĝulo = ĉiuj saĝuloj. La malsaĝulo = ĉiuj malsaĝuloj. - Incabwenge yama igavye, igipfamatwi naco gitwarwa na vyose. incabwenge=incabwenge zose. Igipfamatwi= ibipfamatwi vyose.

Mu gihe izina rikoreshejwe nka karangura y'irivuga rikene, ntibikunda ko dukoresha la mu gihe ari ubwoko gusa. Karlo estas advokato.Tuvuze Karlo estas la advokato, ivyo bisigura ko «Karlo ari iryo voka ntakindi, rizwi» canke «Karlo ari iryo voka turiko tuvuga» canke iyindi mvugo bijanye.

Mu gihe ari ikintu kidaharurika, dushobora kuvuga ubwoko mu gukoresha ijambo riri muri bwinshi. Mu gihe tuvuga ubwoko, ubudasa buri hagati ya rudende na bwinshi nta kamaro rimwe na rimwe bufise.

  • Leonoj estas bestoj. = Leono estas besto.
  • Rozoj estas floroj kaj kolomboj estas birdoj.
  • La leonoj estas bestoj.
  • La rozoj estas floroj kaj la kolomboj estas birdoj.

Ryari la idategerezwa gukoreshwa

Ukudakoreshwa kwa la mu murwi w'amajambo afise iyindi nteguza. Izindi nteguza ni insigarirazina satunga, les sahwanya zirimwo U, A canke ES, agace ambaŭ n'ishanisha unu :

  • Mia dorso doloras. - Ndababara mu mugongo.

    Ntituvuga :La mia dorso doloras. (arikola mia/via... irashoboka neza, mu gihe ata zina riri inyuma.)

  • Tiu domo estas granda. - Iyi nzu ni nini.

    ntituvuga;: La tiu domo estas granda.

  • Ĉiuj gastoj jam venis. - Abatumire bose bamaze kuza.

    ntituvuga;: Ĉiuj la gastoj jam venis. canke : La ĉiuj gastoj jam venis.

  • Mi ŝatas ĉiajn legomojn. - Ndakunda imboga zose.

    ntituvuga;: Mi ŝatas la ĉiajn legomojn.

  • Kies gasto mi estas, ties feston mi festas. - Nk'umutumire, ndakunze cane uyu munsi mukuru.

    ntituvuga;: La kies gasto... la ties festo...

  • Mi legis ambaŭ librojn. - Nasomye ivyo bitabu bibiri.

    ntituvuga;: Mi legis la ambaŭ librojn. canke : Mi legis ambaŭ la librojn.

Ukudakoreshwa kwa la imbere y'imvugo irimwo akarasago (rwitirirwa) :

  • Kelnero, alportu al mi glason da biero! - Musore, nzanira igikombe c'akayoga!

    ntimuvige : La kelnero, alportu...

La mu gusubiriza satunga.

Bakoresha kenshi na kenshi la mu kibanza ca satunga mu gihe insiguro yerekana neza nyene itunga. Ivyo bishika mu gihe bavuga ibice vy'umubiri canke abagize umuryango.

  • Li levis la kapon. = Li levis sian kapon. - Aca yunamura umutwe= aca yunamura umutwe wiwe.
  • Mi montris per la fingro, kien li iru. = ...per mia fingro... - Nerekana n'urutoke aho yategerezwa kuja. = ...... n'urutoke rwanje.....
  • Ŝi lavis al si la piedojn. = Ŝi lavis siajn piedojn. - Yariko yiyoza ku birenge. = Yariko yoza ibirenge vyiwe.
  • Ĉu Karlo venis kun la patro? = ...kun sia patro? - Karlo yazananye na se? = ...... na se wiwe?
  • Diru al la patro, ke mi estas diligenta. La patro = mia patro (la patro de la parolanto)
    - Bwira dawe ko nitaho ibintu. Dawe = Dawe wanje (Se w'uwuvuga).

    Bakoresha rero amajambo Patro (Dawe) et Patrino (Mawe) (n'urudome rukuru) nk'amazina y'uruharo atarimwo la.

LaLa mu gusubirira ĉiujĉiuj{4}

Mu gihe atakwitiranya ibintu kuriho, dushobora gukoresha la mu kibanza ca ĉiuj :

  • La gastoj eksidis ĉe la tablo.Ĉiuj gastoj eksidis... - Abatumire baricara ku meza. = Abatumire bose baricara.
  • Ĉi-vespere la Angloj prezentos teatraĵon en la kongresejo. La Anglojĉiuj Angloj. - Kuri uyu mugoroba Abongereza barerekana igikino mu nzu y'amanama. Abongereza = Abongereza bose.

    Uko ikintu kimeze (inama) rihagarika insiguro ya «Abongereza bose». ni (bamwe) mu bongreza bose bari muri iyo nama, ariko si Abongereza bose bari kw'isi nzima.

La imbere y'izina ry'ururimi

La ikoreshwa imbere y'izina ry'indimi rimeze nk'ingereka + ijambo lingvo (= ururimi, rudakunda kwumvikana). Bakoresha la kuko bagereranya urwo rurimi nk'ikintu kimwe: la Angla (lingvo), la Ĉina (lingvo), la Nederlanda (lingvo), n'ibindi. Ariko ntidutegerezwa gukoresha la mu ndimi zimwe zimwe, nkeyi, zibise amaziiina yazo aziranga, nk'akarorero Esperanto, Sanskrito, Ido, Volapuko, n'ibindi.

La imbereplej na malplej

Mu gihe harimwo plej canke malplej, aba ari ikintu kimwe, nico gituma bakoresha la :

  • La malfeliĉa infano forkuris kaj kaŝis sin en la plej proksima arbaro. - Uyo mwana w'umugorwa aca arahunga yiruka yinyegeza mw'ishamba ryari hafi.
  • Li estas tre kredema: eĉ la plej nekredeblajn aferojn, kiujn rakontas al li la plej nekredindaj homoj, li tuj kredas. - Yemera vyose:: n'ibintu bitari ivyo kwemera abwirwa n'abantu bemera vyinshi kumusumvya, aravyemera.

Mu gihe ari ingereranyo hagati y'ibintu bibiri canke imigrwi ibiri, dukunda gukoresha la (mal)pli au lieu demu kibanza ca la (mal)plej :

  • Unu vidvino havis du filinojn. La pli maljuna [filino] estis tiel simila al la patrino per sia karaktero kaj vizaĝo, ke ĉiu, kiu ŝin vidis, povis pensi, ke li vidas la patrinon. - Umupfakazi yari afise abakobwa babiri. Umuto (umukobwa) yarasa cane na nyina mu nyifato no mu maso ku buryo abamubona bose bibaza ko babonye nyina.

Rimwe na rimwe, plej ntiyerekana ikintu rudende, ariko urugero rwa mbere rubaho rwo hejuru rw'ubwiza canke rw'ukugene.. Muri ico gihe si vyiza gukoresha la :

  • vulpo plej ruza fine estas kaptata. - N'agahwinyagizi gakerebutse cane karafatwa.

    Ntibashatse kuvuga agahwinyagizi kamwe, ariko bashatse kuvuga agahwinyagizi kose gakerebutse cane.

  • Li estas plej laca en la mateno. - Yama arushe mu gitondo.

    Si ingereranyo hagati y'abantu benshi, ariko ni ingereranyo hagati ingero zitandukanye z'ubunebwe bw'umuntu umwe mu myanya itandukanye.

  • Kiu venas plej frue, sidas plej ĝue. - Uushobora kuzinduka arashobora kwicara neza.

    Plej ntiri imbere y'umurwi w'amaazina, ariko imbere y'umurwi w'ingereka.

La mu mazina y'uruharo

Ntidutegerezwa gukoresha la mw'izina ry'uruharo, kuko ubwo bwoko bemiryo zina ryikwije.

  • Pasintjare mi vojaĝis al Kanado. - Mu mwaka uheze nari nakubitiye muri Canada.

    Ntimuvuge : ...al la Kanado.

  • Kie estas Francisko? - Francisko ari hehe ?

    Ntimuvuge;: Kie estas la Francisko?

Mu mazina y'urusangi yabaye amazina y'uruharo, bakoresha la, kuko ayo majambo ntiyikwije ubwayo nyene.

  • Kaj tiam la Nokto diris: "Tenu vin dekstre kaj eniru en la malluman pinarbaron, mi vidis, ke tien foriris la Morto kun via malgranda infano." - Hanyuma Ijoro riravuga riti: «Ja ngaha mu buryo aha hatabona, narabonye ko ngaho nyene ariho haciye urupfu rutwaye umwana mutoyi.»

    Ijoro n'urupfu bifise igikorwa nk'ic'abantu mu gitito ni kandi amazina y'uruharo (nico indome nkuru zerekana), ariko nokto na morto ni amazina y'urusangi arinaco gituma dutegerezwa gukoresha la.

Mu gihe izina ry'uruharo rifise ingereka rigeretsweko, iyo ngereka kandi ikaba itari mu murwi w'amazina y'uruharo, mu bisanzwe dukoresha la. Ivyo tubikora mu gihe turiko ducagura (ryeruye canke bashatse ko ribaho) mu bintu vyinshi bifise izina rimwe.:

  • Duoble montriĝis la bildo de Venero, de la surtera Venero. - Isanamu ya Venusi yabonrtse kabiri kose, Venusi yo kw'isi.

    Venero ni izina ry'uruharo ry'akamana k'akagore. Ubwa mbere Venero iboneka itagira la, bivanye n'amategeko agenga amazina y'uruharo. Hanyuma ijambo rikoreshwa n'ingereka surtera (kw'isi), dutegerezwa gukoresha kandi la mu kwerekana ko ari ikintu cavuzwe gihera. Ni nk'ibintu bibiri Venus bidasa, Venus yo mw'ijuru na Venus yo kw'isi.

  • Ĉiuj konas Londonon, la ĉefurbon de Britio, sed ne ĉiuj konas la aliajn Londonojn en Usono kaj Kanado. - Bose barazo Londre, umurwa mukuru w'Ubwongereza, ariko bose ntibazi izindi Londrezo muri Reta zunze ubumwe no muri Canada.

    Londono (Londres) ntiyakorshejwe na la. Ariko imvugo aliaj Londonoj ifise ingereka, aliaj, kandi ikoreshwa na la.

  • Multaj vizitis Londonon, la ĉefurbon de Britio, sed mi vizitis ankaŭ aliajn Londonojn. - Abantu benshi baragiye muri Londre, umurwa mukuru w'Ubwongereza, ariko jewe naragiye no mu zindi Londre.

    Ngaha kandi, Londono ifise ingereka, ariko ntibakoresha la, kuko si ibisagara vyose vyitwa Londre, kandi uwumviriza ntashobora kumenya neza ayandi ma Londre bavuga.

Izindi nteguza nka la zirashobora kuboneka imbere y'amazina y'uruharo, ariko iryo koreshwa ntirikenewe cane.

  • Ha, tie vi estas, mia Elizabeto! - Ah, nguyo, Rizabeti wanje !
  • Ĉu vi sentas teruron antaŭ tiu Karolo? - Urumva ubwoba muri kumwe na Karori?

integuza unu

Indimi nyinshi zirafise integuza iterekana igitigiri, yama ari ijambo risa na gaharura unu. Integuza iterekana igitigiri ntibaho mu ki esperanto. Berekana ukudahera gusa mu kudakoresha integuza. Ariko rimwe rimwe bakoresha unu nka integuza iterekana igitigiri ngufi.unu ntiyerekana igitigiri, ariko ubumwe. Yerekana ko ari ikintu kitazwi c'uwumviriza, ariko kizwi n'uwuvuga :

  • Unu vidvino havis du filinojn. - Umupfakazi yari afise abakobwa babiri.

    Ni intango y'umugani, hari umuntu umwe gusa azi uyo mupfakazi.

  • Unu vesperon fariĝis granda uragano. - Umugoroba umwe haba igihuhusi kirengeje.

Integuza itavuga igitigiri ngufi unu ntisubira kwama ikenewe. Ifasha gutandukanya ivyiyumviro kandi igakoreshwa gusa mu gihe ikenewe.

Subira ku ntango